Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 45

Yirukana amadayimoni menshi

Yirukana amadayimoni menshi

MATAYO 8:28-34 MARIKO 5:1-20 LUKA 8:26-39

  • YIRUKANA AMADAYIMONI AGACA AJA MU NGURUBE

Igihe abigishwa bashitse ku nkengera inyuma y’amakuba baboneye mu kiyaga, barabona ikintu giteye ubwoba. Abagabo babiri bakaze bidasanzwe, bose bakaba biziziwe n’amadayimoni, barasokoroka bavuye mw’itongo ry’abapfuye bakaza batumbereye Yezu! Umwe muri bo ni we avugwa cane, kumbure bitumwe n’uko ari we akaze cane kandi akaba amaze igihe kirekire yiziziwe n’amadayimoni.

Uwo mugabo ateye ikigongwe amaze igihe agenda ari gusa. Ijoro n’umurango, aguma “asemerera mu mva no mu misozi yongera yikebaguza amabuye.” (Mariko 5:5) Arakaze ku buryo abantu batinya guca muri iyo nzira. Baragerageje kumuboha, ariko iminyororo n’ivyuma aboheshwa ku maguru no ku maboko akabicagagura. Nta n’umwe ashobora kumukonya.

Igihe nya mugabo yegereye Yezu maze akikubita hasi imbere y’ibirenge vyiwe, amadayimoni ari muri we arasemerera ati: “Mpuriye ku ki nawe ga Yezu, Mwana wa ya Mana Musumbavyose? Ndakurahije Imana ntumbabaze.” Yezu arerekana ko afise ububasha ku madayimoni. Ayategeka ati: “Va muri uwo muntu, wa mpwemu ihumanye we.”​—Mariko 5:7, 8.

Mu vy’ukuri uwo mugabo arimwo amadayimoni menshi. Igihe Yezu amubaza ati: “Witwa nde?” yishura ati: “Nitwa Legiyoni, kubera ko turi benshi.” (Mariko 5:9) Legiyoni y’Abaroma yari igizwe n’abasoda ibihumbi, bikaba vyerekana ko uwo mugabo yarimwo amadayimoni menshi kandi ko nya madayimoni yahimbarwa no kumusinzikaza. Nya madayimoni asaba Yezu ngo “ntayategeke kuja mu nyenga.” Biboneka ko azi ibiraririye kuyashikira yo hamwe n’umutware wayo Shetani.​—Luka 8:31.

Hafi y’aho hari ingurube zishika 2.000 ziriko zirarisha. Ivyo bikoko amategeko y’Imana yavuga ko bihumanye, mbere Abayuda bakaba batari bemerewe kubitunga. Nya madayimoni avuga ati: “Turungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo.” (Mariko 5:12) Yezu arayemerera maze agaca yinjira muri izo ngurube. Zose uko ari 2.000 zica zishunguruka mu kiyaga maze zigasoma nturi.

Abungere bazo babibonye baca birukanga kumenyesha iyo nkuru mu gisagara no mu misozi. Abantu barashwabaduka kuraba ivyabaye. Bashitse basanga nya mugabo yarimwo amadayimoni ari muzima kandi yagaruye ubwenge. Emwe, yambaye impuzu kandi yicaye iruhande ya Yezu!

Abumva iyo nkuru canke ababona uwo mugabo baratekerwa n’ubwoba kandi ntibatahura ingene vyagenze. Baca binginga Yezu ngo ave muri ako karere. Yezu yuriye ubwato ngo agende, wa mugabo yari yiziziwe n’amadayimoni aramwinginga ngo bajane. Ariko Yezu amubwira ati: “Ja iwanyu ku ncuti zawe, ubabwire ibintu vyose Yehova agukoreye be n’ingene yakugiriye imbabazi.”​—Mariko 5:19.

Mu bisanzwe, igihe Yezu akijije umuntu aca amusaba ngo ntihagire uwo abibwira kuko adashaka ko abantu bumva ibimwerekeye biciye ku bihuha. Ariko uwo muntu yahoze yiziziwe n’amadayimoni wewe ni ikimenyamenya kizima cerekana ububasha Yezu afise, kandi arashobora kubwira inkuru nziza abantu Yezu yoshobora kudashikira. Amakuru ashikiriza arashobora mbere kubeshuza ibintu bitari vyo abantu bovuga ku vyerekeye za ngurube zasoma nturi. Uwo mugabo rero aca agenda, agatangura kuvuga i Dekapoli hose ivyo Yezu yamukoreye.