Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 49

Yigisha i Galilaya akongera akamenyereza intumwa

Yigisha i Galilaya akongera akamenyereza intumwa

MATAYO 9:35–10:15 MARIKO 6:6-11 LUKA 9:1-5

  • YEZU YONGERA GUHETURA I GALILAYA

  • ARUNGIKA INTUMWA KWIGISHA

Yezu amaze imyaka ibiri yigisha yivuye inyuma. None hoba hageze ko agabanya umwete akiruhukira? Ahubwo nyabuna arongereza igikorwa ciwe mu “[ku]gendagenda mu bisagara vyose no mu bigwati vyose [vy’i Galilaya], yigisha mu masinagogi yabo, yamamaza inkuru nziza y’ubwami yongera akiza indwara z’ubwoko bwose n’ubumuga bw’ubwoko bwose.” (Matayo 9:35) Ivyo abona biramujijura yuko akwiye kwongereza utwigoro mu gikorwa co kwigisha. None ivyo azobishikako gute?

Uko Yezu agendagenda, aguma abona abantu bakeneye guhumurizwa n’ukuri. Bameze nk’intama zitagira umwungere, zatabaguwe kandi zisabagiye. Arabumvira ikigongwe maze akabwira abigishwa biwe ati: “Egome, ivyimburwa ni vyinshi mugabo abakozi ni bake. Nimwinginge rero Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.”​—Matayo 9:37, 38.

Yezu arazi icobafasha. Ahamagara za ntumwa 12 hama akabagabura mu migwi itandatu igizwe n’abamamaji babiribabiri. Aca abaha ubuyobozi butomoye ati: “Ntimuje mu nzira y’amahanga, kandi ntimwinjire mu gisagara c’Abasamariya; ahubwo mugume muja ku ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli. Uko mugenda, mwamamaze, muti: ‘Ubwami bwo mw’ijuru buregereje.’”​—Matayo 10:5-7.

Ubwo Bwami bagiye kwigisha ni bumwe Yezu yavuga muri rya sengesho bita Dawe wa twese. Ubwo ‘bwami buregereje’ mu buryo bw’uko Umwami yagenywe n’Imana, ari we Yezu Kristu ari kumwe na bo. None ni igiki kizokwerekana ko abigishwa biwe baserukira vy’ukuri ubwo Bwami? Yezu arabaha ububasha bwo gukiza abarwaye mbere no kuzura abapfuye, ivyo vyose bakabigira ku buntu. None izo ntumwa zizoronka gute ivyo zikenera mu buzima bwa misi yose, nk’ibifungurwa?

Yezu abwira abigishwa biwe ko badakwiye gutegekanya ibintu bazokenera muri iryo sekeza ryo kwigisha. Ntibakwiye kwitwaza inzahabu, ifeza canke umujumpu. Ntibakeneye kwitwaza impamba ku bw’urwo rugendo canke impuzu kibure inkweto zo gukuranya. Uti kubera iki? Yezu arabasubiriza umutima mu nda ati: “Umukozi akwiriye ibifungurwa vyiwe.” (Matayo 10:10) Abantu bakira neza ubutumwa babamaza bazobaronsa ivyankenerwa. Yezu avuga ati: “Aho hose mwinjiye mu nzu, muhagume kugeza musohotse mukahava.”​—Mariko 6:10.

Yezu kandi arabereka ingene boshikiriza ubwo butumwa bw’Ubwami abo basanze ku muhana. Agira ati: “Mwinjiye mu nzu, muramutse urwo rugo; kandi nimba nya nzu ikwiriye, amahoro muyipfurije ayizeko; mugabo nimba idakwiriye, amahoro yanyu abagarukeko. Aho hose umuntu atabakiriye canke ngo yumvirize amajambo yanyu, muvuye muri iyo nzu canke muri ico gisagara, mukunkumure umukungugu ku birenge vyanyu.”​—Matayo 10:12-14.

Vyoshobora no gushika igisagara canke ikigwati cose kikanka ubutumwa bashikiriza. None ni ingaruka izihe zoshikira aho hantu? Yezu avuga ko hazokwibonerako. Asigura ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Ku Musi w’Urubanza ivy’igihugu ca Sodomu na Gomora bizoba ibigendeka kuruta ivy’ico gisagara.”​—Matayo 10:15.