Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 50

Bariteguriye kwamamaza naho bohamwa

Bariteguriye kwamamaza naho bohamwa

MATAYO 10:16–11:1 MARIKO 6:12, 13 LUKA 9:6

  • YEZU ARAMENYEREZA INTUMWA HAMA AKAZIRUNGIKA

Yezu araha intumwa ziwe ubuyobozi bwiza ku bijanye n’ingene bokora igikorwa co kwigisha uko bagenda ari babiribabiri. Ariko rero ntagarukiriza aho. Abigiranye umutima mwiza, arababurira yuko bazohamwa, akagira ati: “Ehe ndabatumye muri nk’intama mu mabingira hagati; . . . Mwiyubare abantu; kuko bazobashengeza mu masentare, kandi babashishagurire mu masinagogi yabo. Egome, bazobakwega babatware imbere ya ba buramatari n’abami babampora.”​—Matayo 10:16-18.

Ego cane, abayoboke ba Yezu boshobora guhura n’uruhamo rukaze, yamara arabasubiriza umutima mu nda ati: “Nibabashengeza, ntimuze mwiganyire ku vy’ingene muzovuga canke ku vyo muzovuga; kuko ivyo muzovuga muzobihabwa muri iyo saha; kuko atari mwebwe gusa muzovuga, mugabo impwemu ya So ni yo izovuga biciye kuri mwebwe.” Yezu yongerako ati: “Umuntu azotanga mwene wabo ngo yicwe, na se w’umwana atange umwana wiwe, kandi abana bazokurira hasi abavyeyi, babicishe. Kandi muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje; mugabo uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.”​—Matayo 10:19-22.

Kubera yuko igikorwa co kwigisha gihambaye cane, Yezu aributsa abigishwa biwe ko bakwiye kwiyubara kugira ntihagire ikibabuza kukirangura. Avuga ati: “Nibabahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi; kuko ni ukuri ndabibabwiye: Ntimuzogenda muhetuye ibisagara vya Isirayeli Umwana w’umuntu adashitse.”​—Matayo 10:23.

Ese ukuntu Yezu aronsa ubuyobozi bwiza izo ntumwa ziwe 12, akaziburira akongera akaziremesha! Ariko rero, ayo majambo arerekeye n’abogize uruhara mu gikorwa co kwamamaza inyuma y’izuka rya Yezu. Ivyo biragaragarira mu majambo yiwe avuga ko abigishwa biwe “[ba]zokwankwa n’abantu bose,” atari abo intumwa zobwiye ubutumwa bonyene. Vyongeye, nta na hamwe dusoma ko intumwa zarengukijwe imbere ya ba buramatari n’abami mu kanya gato bamaze muri iryo sekeza ryo kwigisha i Galilaya, kandi nta ho dusoma ko batanzwe n’imiryango yabo ngo bicwe.

Biraboneka ko Yezu ariko avuga ibintu bizoba muri kazoza. Fata nk’akarorero amajambo abwira abigishwa biwe yuko batorangije igikorwa co kwamamaza “Umwana w’umuntu adashitse.” Yezu ashaka kwerekana ko abigishwa biwe batorangije igikorwa co kwamama Ubwami bw’Imana imbere y’uko ashika ari Umwami yaninahajwe aje guca imanza z’Imana.

Igihe intumwa zamamaza, ntizikwiye gutangara hadutse uruhamo, kuko Yezu avuga ati: “Umwigishwa ntaruta umwigisha wiwe, n’umushumba ntaruta shebuja.” Iciyumviro ca Yezu kiratomoye. Nimba afatwa nabi akongera agahamwa kubera yamamaza Ubwami bw’Imana, na bo nyene bizobashikira. Ariko rero, Yezu abahimiriza ati: “Ntimutinye abica umubiri mugabo badashobora guhonya ubuzima; ahubwo nyabuna mutinye urya ashobora guhonereza ubuzima n’umubiri vyompi muri Gehena.”​—Matayo 10:24, 28.

Yezu yaraberetse akarorero. Yaremeye gupfa aho guhemukira ya Mana Mushoboravyose Yehova. Imana Mushoboravyose ni yo ishobora guhonya “ubuzima” bw’umuntu (icizigiro afise co gusubira kubaho) canke kumuzura kugira aronke ubuzima budahera. Ese ingene ivyo bitegerezwa kuba bihumuriza intumwa!

Yezu aca atanga akarorero kerekana ko Imana yitwararika abayoboke biwe. Agira ati: “None utujuri tubiri ntitugurishwa igiceri c’agaciro gatoya? Yamara nta na kamwe muri two gakorokera hasi So atabizi. . . . Ntimutinye rero: mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi.”​—Matayo 10:29, 31.

Ubutumwa abigishwa ba Yezu batangaza buzocanishamwo abagize umuryango, bamwe babwemere abandi babwanke. Yezu asigura ati: “Ntimwiyumvire ngo naje gushira amahoro kw’isi.” Emwe, bisaba umutima rugabo kugira ngo umwe mu bagize umuryango yemere ukuri kwo muri Bibiliya. Yezu avuga ati: “Uwiyumvamwo se canke nyina kuruta jewe, ntankwiriye; kandi uwiyumvamwo umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe kuruta jewe, ntankwiriye.”​—Matayo 10:34, 37.

Ariko ntiwumve, hariho abazokwakira neza abigishwa biwe. Avuga ati: “Uwo wese ahaye umwe muri aba batoyi igikombe gusa c’amazi akanye yo kunywa kubera ari umwigishwa, ni ukuri ndabibabwiye, ntazobura kuronka impembo yiwe.”​—Matayo 10:42.

Yezu amaze guha intumwa ubwo buyobozi n’indemesho akongera akabagabisha, baraheza bagafata inzira “ba[ga]ca muri ako karere bava mu kigwati baja mu kindi, bamenyesha inkuru nziza bongera bakiza indwara ahantu hose.”​—Luka 9:6.