Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 53

Umutware afise ububasha ku bidukikije

Umutware afise ububasha ku bidukikije

MATAYO 14:22-36 MARIKO 6:45-56 YOHANI 6:14-25

  • ABANTU BASHAKA KWIMIKA YEZU

  • YEZU AGENDAGENDA KU MAZI, AGATURURUZA IGIHUHUSI

Ubushobozi Yezu afise bwo kugaburira abantu ibihumbi ku gitangaro burakora abantu ku mutima. Bibwira bati: “Ni ukuri uyu ni wa muhanuzi yabwirizwa kuza mw’isi,” umwe Mesiya, kandi babona ko yoba umutegetsi mwiza. (Yohani 6:14; Gusubira mu vyagezwe 18:18) Nuko abantu baja inama yo gufata Yezu kugira bamwimike.

Yamara rero, Yezu aramenya umugambi wabo. Arasezera nya sinzi hanyuma agasaba abigishwa biwe gusubira mu bwato. None baca baja he? Bafata inzira ija i Betsayida hama bakabandanya gushika i Kaperinawumu. Ariko Yezu we aja ku musozi ari wenyene, akamara ijoro ryose ariko arasenga.

Mu bucagucagu, Yezu aritegereza bwa bwato ari kure amurikiwe n’umuco w’ukwezi. Imipfunda y’ikiyaga iriko irasuriranya kubera umuyaga ukomeye cane, intumwa na zo ‘ziriko ziracumukura mu gusoza, kuko umuyaga uza ubaturutse imbere.’ (Mariko 6:48) Yezu aramanuka wa musozi, agatangura kugendagenda ku mazi agana bwa bwato. Gushika ubu “bamaze gusoza nk’ibilometero bitanu canke bitandatu.” (Yohani 6:19) Abigishwa baritegereza Yezu ameze nk’uwubarengana, maze bagakoma induru kubera ubwoba bati: “Ni igihume!”​—Mariko 6:49.

Yezu arabahumuriza ati: “Nimureme, ni jewe; ntimutinye.” Ariko Petero avuga ati: “Mukama, nimba ari wewe, ntegeka nze aho uri ngendera ku mazi.” Yezu na we ati: “Ingo!” Petero aca ava mu bwato, akagendagenda ku mazi agana Yezu. Ariko Petero aravye igihuhusi kihari, aragira ubwoba agatangura kwibira. Aratabaza ati: “Mukama, ntabara!” Yezu aca aramvura ukuboko agafata Petero, akavuga ati: “Wa muntu w’ukwizera guke we, kubera iki waretse ugatwarwa n’ugukekeranya?”​—Matayo 14:27-31.

Petero na Yezu barasubira mu bwato, nya muyaga ugaca uturura. Abigishwa barajorerwa. Ubwo none bari bakwiye kujorerwa? Nimba batahuye “insobanuro ya ya mikate,” ni ukuvuga ca gitangaro Yezu yakora co kugaburira abantu ibihumbi, ntibari bakwiye gutangazwa no kubona agendera ku mazi akongera agahwamika umuyaga. Baca bamwunamira bakamubwira bati: “Uri Umwana w’Imana vy’ukuri.”​—Mariko 6:52; Matayo 14:33.

Mu kanya barashika mu kiyaya kibereye ijisho kandi cimbuka c’i Genesareti, mu bumanuko bwa Kaperinawumu. Barahagarika ubwato maze bakaja ku nkengera. Abantu bo ng’aho baramenya Yezu, hama bari kumwe n’abandi bo muri iyo micungararo bakamuzanira abarwayi. Abarwayi bapfa gukora ku mutamana wiwe bagaca bakira.

Muri ako kanya, rya sinzi ryabona ingene Yezu agaburira abantu ibihumbi ku gitangaro riramenya ko yagiye. Ku bw’ivyo, burira ubwato butoyi buvuye i Tiberiya hanyuma bakaja i Kaperinawumu kuraba Yezu. Bamubonye, bamubaza bati: “Rabi, washitse ng’aha ryari?” (Yohani 6:25) Yezu arabakarira, kandi turaja kubona ko ivyo vyumvikana.