Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 54

Yezu ni “umukate w’ubuzima”

Yezu ni “umukate w’ubuzima”

YOHANI 6:25-48

  • YEZU NI “UMUKATE UVA MW’IJURU”

Igihe Yezu yari hakurya mu buseruko bw’Ikiyaga c’i Galilaya, yaragaburiye abantu ibihumbi ku gitangaro hanyuma arahunga igihe bagira bamwimike. Muri iryo joro yaragendeye ku kiyaga kiriko kirasuriranya yongera ararokora Petero igihe yariko agendera ku mazi maze agatangura kwibira kubera ukwizera guke. Yarahwamitse n’umuyaga kumbure kugira akize abigishwa biwe ntibasome nturi.

Ubu Yezu yagarutse mu burengero bw’ico kiyaga, mu karere ka Kaperinawumu. Bamwe yagaburira ku gitangaro baramubona bakamubaza bati: “Washitse ng’aha ryari?” Yezu arabakarira, akavuga ko bariko bamurondera kugira asubire kubagaburira. Aca abahimiriza ati: “Ntimukorere ibifungurwa bibora, ahubwo mukorere ibifungurwa bigumaho ku bw’ubuzima budahera.” Bamubaza rero bati: “Tugire dute kugira dukore ibikorwa vy’Imana?”​—Yohani 6:25-28.

Bashobora kuba biyumvira ibikorwa vyanditswe mu mategeko Imana yahaye Abisirayeli, mugabo Yezu ababwira igikorwa c’agaciro ntangere. Agira ati: “Iki ni co gikorwa c’Imana: ni uko mwizera uwo Uyo yatumye.” Yamara rero abantu ntibizera Yezu naho bamaze kwibonera ibintu vyinshi akora. Bamusaba ngo akore igitangaro kugira bamwizere. Bamubaza bati: “Ni igikorwa nyabaki ukora? Ba sogokuruza bacu barariye manu mu gahinga, nk’uko vyanditswe ngo: ‘Yabahaye umukate uva mw’ijuru ngo barye.’”​—Yohani 6:29-31; Zaburi 78:24.

Ku bijanye n’igitangaro bariko barasaba, Yezu aratomorera abantu uwutanga ibifungurwa ku gitangaro, ati: “Ndabibabwiye: Musa ntiyabahaye umukate uva mw’ijuru, mugabo Dawe arabaha umukate w’ukuri uva mw’ijuru. Kuko umukate w’Imana ari uwumanuka uva mw’ijuru ugaha ubuzima isi.” Kubera ko badatahuye ico ashatse kuvuga, bamusaba bati: “Mukama, urama uduha uwo mukate.” (Yohani 6:32-34) None Yezu ashaka kuvuga “umukate” nyabaki?

Asigura ati: “Ni jewe mukate w’ubuzima. Uwuza kuri jewe ntazogenda ashonje, kandi uwunyizera ntazokwigera anyoterwa namba. Mugabo narabibabwiye: No kumbona mwarambonye yamara ntimwemera. . . . Namanutse mva mw’ijuru atari ukugira ngo nkore ukugomba kwanje, mugabo ngo nkore ukugomba kw’uwandungitse. Uku ni kwo kugomba kw’uwandungitse: ni ukugira ngo sintakaze na kimwe mu vyo yampaye vyose, mugabo ngo nze ndakizure ku musi wa nyuma. Kuko uku ari kwo kugomba kwa Data: ni uko uwo wese abona Umwana akamwizera aronka ubuzima budahera.”​—Yohani 6:35-40.

Ivyo bituma Abayuda bashavura, bagatangura kumwidodombera. None ashobora ate kuvuga ko ari “umukate wamanutse uva mw’ijuru”? (Yohani 6:41) Babona ko ari umuntu nk’abandi avuka mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti. Babaza bati: “Uyu si Yezu mwene Yozefu, umwe tuzi se na nyina?”​—Yohani 6:42.

Yezu abishura ati: “Reka kwidodomba hagati yanyu. Nta muntu ashobora kuza kuri jewe kiretse Data yandungitse amukwegereye; nanje nzomuzura ku musi wa nyuma. Vyanditswe mu Bahanuzi ngo: ‘Bose bazokwigishwa na Yehova.’ Umuntu wese yumvise ibiva kuri Data kandi akavyiga, aza kuri jewe. Si uko hari umuntu yabonye Data, atari uwavuye ku Mana; uwo ni we yabonye Data. Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Uwemera arafise ubuzima budahera.”​—Yohani 6:43-47; Yesaya 54:13.

Yezu yari yarabwiye Nikodemu ivyerekeye ubuzima budahera, arerekana ko bufitaniye isano no kwizera Umwana w’umuntu. Yavuze ati: ‘Umuntu wese yizera Umwana w’ikinege w’Imana ntazorandurwa ahubwo azoronka ubuzima budahera.’ (Yohani 3:15, 16) Ariko ubu ho ariko avugana n’abantu benshi gusumba, akaba ababwira uruhara afise kugira baronke ubuzima budahera. Ubwo buzima ntibashobora kuburonka biciye kuri ya manu canke ku mukate bamenyereye i Galilaya. None umuntu ashobora ate kuronka ubuzima budahera? Yezu yongera kubabwira ati: “Ni jewe mukate w’ubuzima.”​—Yohani 6:48.

Ico kiganiro cerekeye umukate wavuye mw’ijuru kirabandanya, maze kigakomera igihe Yezu yigisha mw’isinagogi y’i Kaperinawumu.