Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 56

Ni ibiki vy’ukuri bihumanya umuntu?

Ni ibiki vy’ukuri bihumanya umuntu?

MATAYO 15:1-20 MARIKO 7:1-23 YOHANI 7:1

  • YEZU YIYAMIRIZA IMIGENZO YASHINZWE N’ABANTU

Uko Pasika yo mu 32 yegereza, Yezu arigisha i Galilaya yivuye inyuma. Araheza agafata inzira ija i Yeruzalemu agiye guhimbaza Pasika, nk’uko amategeko y’Imana abisaba. Yamara rero, abigira yiyubara kuko Abayuda bariko barondera kumwica. (Yohani 7:1) Inyuma y’aho aragaruka i Galilaya.

Yezu ashobora kuba ari i Kaperinawumu igihe Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe baza kumuraba bavuye i Yeruzalemu. None ni kubera iki bagira urwo rugendo? Bariko barondera ivyo bofatirako kugira bamwagirize ko yarenze amategeko y’idini. Bamubaza bati: “Kubera iki abigishwa bawe bahonyanga umugenzo w’aba kera? Nk’akarorero, ntibakaraba iyo bagira bafungure.” (Matayo 15:2) Imana ntiyigeze isaba abantu kwubahiriza umugenzo wo “gukaraba iminwe kugeza mu nkokora.” (Mariko 7:3) Yamara rero, Abafarizayo babona ko kutawukurikiza ari icaha gikomeye.

Aho guca abishura kuri ico kirego, Yezu arashira ahabona ukuntu barenga amategeko y’Imana ibigirankana. Ababaza ati: “Kubera iki namwe muhonyanga ibwirizwa ry’Imana kubera umugenzo wanyu? Nk’akarorero, Imana yavuze iti: ‘Tera iteka so na nyoko’; yongera iti: ‘Uwututse se canke nyina ntaze abure gupfa.’ Mugabo mwebwe muvuga ngo: ‘Uwo wese abwira se canke nyina ati: “Ico nari mfise cose nogufashishije ni ingabirano yeguriwe Imana,” ntabwirizwa gutera iteka se na gatoyi.’”​—Matayo 15:3-6; Kuvayo 20:12; 21:17.

Abafarizayo bavuga ko amahera canke ikindi kintu cose umuntu yeguriye Imana gica kiba ic’urusengero, kikaba rero kidashobora gukoreshwa ikindi kintu. Ariko mu vy’ukuri, ico kintu kiba kikiri mu minwe ya nyeneco. Nk’akarorero, umuhungu yoshobora kuvuga ko amahera yiwe canke ikintu kanaka atunze ari “korubani,” ni ukuvuga ingabirano yegukira Imana canke urusengero, nk’aho urusengero ari rwo rwoba rusigaye rugaba ico kintu. Uwo muhungu aba agifise uburenganzira kuri ico kintu, mugabo agaca yanka ko gikoreshwa mu gufasha abavyeyi biwe bageze mu zabukuru. Gutyo, aba yiyambuye ibanga ajejwe ryo kubafasha.​—Mariko 7:11.

Yezu arababazwa n’ukwo kuntu bagoreka amategeko y’Imana. Ni co gituma avuga ati: “Mwatituye ijambo ry’Imana kubera imigenzo yanyu. Mwa biyorobetsi mwe, Yesaya ntiyihenze igihe yavuga mu buhanuzi ibiberekeye, ati: ‘Aba bantu bantera iteka n’iminwa yabo, yamara umutima wabo uri kure yanje cane. Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari amabwirizwa y’abantu.’” Abafarizayo ntibaronka ico bireguza. Yezu rero asaba iryo sinzi ngo ryegere hafi, akavuga ati: “Mwumvirize kandi mutegere insobanuro: Ivyinjira mu kanwa si vyo bihumanya umuntu; mugabo ibiva mu kanwa k’umuntu ni vyo bimuhumanya.”​—Matayo 15:6-11; Yesaya 29:13.

Mu nyuma igihe bari mu nzu, abigishwa biwe bamubaza bati: “Mbega urazi ko Abafarizayo batsitaye bumvise ivyo uvuze?” Abishura ati: “Igiterwa cose Dawe wo mw’ijuru atateye kizorandurwa. Bareke. Ni indongozi zihumye. Iyo rero impumyi irongoye iyindi mpumyi, zompi zigwa mu cobo.”​—Matayo 15:12-14.

Yezu asa n’uwutangara igihe Petero aserukira abandi bigishwa mu kumusaba ngo abatomorere ibijanye n’ibihumanya umuntu. Yezu yishura ati: “Ntimuzi yuko ikintu cose cinjira mu kanwa gica mu mara hanyuma kigasohoka kikaja mu musarani? Ariko ibiva mu kanwa biba bivuye mu mutima, kandi ivyo ni vyo bihumanya umuntu. Nk’akarorero, mu mutima ni ho hava ivyiyumviro bibi, ubwicanyi, ukurenga ibigo, ubusambanyi, ukwiba, ugushinga intahe z’ikinyoma, ukurogota. Ivyo ni vyo bihumanya umuntu; mugabo gufungura n’iminwe idakaravye ntibihumanya umuntu.”​—Matayo 15:17-20.

Yezu ntariko abuza abantu kugira isuku, eka kandi ntariko ababuza gukaraba imbere yo gutegura ibifungurwa canke kuvyihereza. Ahubwo ariko yiyamiriza uburyarya bw’abakuru b’amadini bahonyanga amabwirizwa y’Imana mu gukurikiza imigenzo y’abantu. Mu bisanzwe, ibikorwa bibi biva mu mutima ni vyo bihumanya umuntu.