Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 57

Akiza umukobwa n’umugabo w’umuragi

Akiza umukobwa n’umugabo w’umuragi

MATAYO 15:21-31 MARIKO 7:24-37

  • YEZU AKIZA UMUKOBWA W’UMUGORE W’UMUNYAFENISIYA

  • AKIZA UMUGABO W’UMURAGI

Amaze kwiyamiriza Abafarizayo kubera imigenzo yabo irangwa n’ubwikunzi, Yezu aca ajana n’abigishwa. Bagiye i Fenisiya mu turere tw’i Tiro n’i Sidoni, ku bilometero bitari bike amaja mu buraruko bushira uburengero.

Yezu araronka inzu ashikiramwo, ariko ntashaka ko abantu bamenya ko ari ng’aho. Yamara ntibibura kumenyekana. Umugore w’Umugirikikazi yavukiye muri ako karere arabona Yezu, agatangura kumutakambira ati: “Ngirira imbabazi, Mukama, Mwana wa Dawidi. Umukobwa wanje ararembejwe n’idayimoni.”​—Matayo 15:22; Mariko 7:26.

Haciye akanya, abigishwa babwira Yezu bati: “Murungike; kuko aguma asemerera inyuma yacu.” Mu kubishura, Yezu arasigura igituma yamwihojeje, ati: “Nta wundi natumweko atari ku ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli.” Ariko uwo mugore ntashirwa. Aregera Yezu maze akikubita imbere y’ibirenge vyiwe, amwinginga ati: “Mukama, mfasha!”​—Matayo 15:23-25.

Kumbure kugira ageze ukwizera kwiwe, Yezu akikiriza ku kuntu Abayuda basuzugura abanyamahanga, akavuga ati: “Si vyiza gufata umukate w’abana ukawuterera utubwa.” (Matayo 15:26) Mu rurimi rw’igiheburayo, iryo jambo Yezu akoresha ngo “utubwa” canke utubunda, rihishura ikibabarwe afitiye abatari Abayuda. Ico kibabarwe gitegerezwa kuba cibonekeza mu maso hiwe no mw’ijwi ryuzuye impuhwe akoresha.

Aho kubabara, uwo mugore akikiriza kuri uwo mwikeko w’Abayuda, akemera yicishije bugufi ati: “Egome, Mukama; ariko mu vy’ukuri utubwa twirira ku tuvunguka dukoroka tuva ku meza ya ba shebuja.” Yezu arabona ako gatima keza, akamubwira ati: “Ewe mugore, ukwizera kwawe ni kwinshi; nibikubere nk’uko ushaka.” (Matayo 15:27, 28) Kandi ukwo ni ko bigenda, naho uwo mwigeme atari ng’aho! Nya mugore ashitse muhira, asanga umukobwa wiwe yiryamiye ku gitanda, yakize. ‘Ya dayimoni yari yamuvuyemwo’!​—Mariko 7:30.

Yezu n’abigishwa biwe barava mu ntara ya Fenisiya bagaca mu gihugu hagati bagana igice ca ruguru c’Uruzi Yorodani. Biboneka ko bajabuka urwo ruzi baciye mu buraruko bw’Ikiyaga c’i Galilaya bakinjira mu karere ka Dekapoli. Bashitseyo, baraduga umusozi ariko amasinzi akabasangayo. Abantu barazanira Yezu abamugaye, impumyi n’abaragi. Babashira imbere ya Yezu, na we akabakiza. Abantu barajorerwa maze bakaninahaza Imana ya Isirayeli.

Yezu aritaho bimwe bidasanzwe umugabo umwe atumva kandi atavuga ngo atobore. Urashobora gutahura ukuntu yiyumva ari mw’isinzi ry’abantu. Kumbure Yezu abonye ukuntu yagize ubuyega, aramwihereranya akamukura muri iryo sinzi. Bari ahantu hiherereye, Yezu aramwereka ico agiye kumukorera. Ashira intoke ziwe mu matwi ya nya mugabo, hanyuma amaze gucira amate, akamukora ku rurimi. Yezu araheza akarangamiza mw’ijuru, hama akavuga ati: “Efata,” bikaba bisobanura ngo “Zibuka.” Nya mugabo aca asubira kwumva no kuvuga neza. Yezu ntashaka ko ivyo bintu bikwiragira hose. Ashaka ko abantu bamwizera bafatiye ku vyo biboneye n’ivyo biyumviye.​—Mariko 7:32-36.

Abantu “barajorerwa bimwe vy’akataraboneka” babonye ububasha Yezu afise bwo gukiza indwara. Bavuga bati: “Akoze ibintu vyose neza. Aratuma n’ibipfamatwi vyumva n’ibiragi bikavuga.”​—Mariko 7:37.