Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 58

Imikate n’umwambiro w’Abafarizayo

Imikate n’umwambiro w’Abafarizayo

MATAYO 15:32–16:12 MARIKO 8:1-21

  • YEZU AGABURIRA ABAGABO 4.000

  • AGABISHA KU BIJANYE N’UMWAMBIRO W’ABAFARIZAYO

Abantu basidukanye n’iyonka baza aho Yezu ari mu ntara ya Dekapoli, mu buseruko bw’Ikiyaga c’i Galilaya. Bazanywe no kwumviriza inyigisho ziwe no gukizwa indwara, bakaba baje bitwaje ibiseke birimwo ibifungurwa.

Ariko rero, haciye igihe Yezu abwira abigishwa biwe ati: “Iri sinzi rinteye ikigongwe, kuko imaze kuba imisi itatu riri iruhande yanje bakaba batagira ico barya; kandi nkabarungika iwabo bashonje, baragwa mu nzira. Nkako, bamwe muri bo bava kure.” Abigishwa bamubaza bati: “Aha muri aka gahinga ka nyaganande umuntu yohaza aba bantu imikate akuye hehe?”​—Mariko 8:2-4.

Yezu abishura ati: “Mufise imikate ingahe?” Abigishwa bavuga bati: “Indwi, hamwe n’udufi dukeyi.” (Matayo 15:34) Nuko Yezu asaba abantu ngo bicare hasi. Aratora ya mikate n’ifi, agasenga maze akabiha abigishwa kugira babigaburire abantu. Igitangaje, bose bararya bagahaga. Baregeranya ibisigaye bikuzura ibiseke indwi, naho hafunguye abagabo 4.000 hamwe n’abagore be n’abana!

Yezu ahejeje kurungika ayo masinzi, we hamwe n’abigishwa biwe baca burira ubwato bakajabuka i Magadani, mu burengero bw’Ikiyaga c’i Galilaya. Ng’aho Abafarizayo hamwe n’abanywanyi b’idini ry’Abasadukayo baragerageza Yezu, mu kumusaba ngo abereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru.

Yezu aramenya intumbero yabo, akabishura ati: “Iyo bugorovye mukunda kuvuga muti: ‘Haraza kuba heza, kuko ijuru ritukura nk’umuriro’; mu gitondo na ho muti: ‘Uno musi haza kwirirwa hakanye cane, kandi imvura irashobora kugwa, kuko ijuru ritukura nk’umuriro, mugabo rikaba ryiraburaniwe.’ Murazi gusobanura uko ijuru risa, mugabo ibimenyetso vy’ibihe ntimushobora kubisobanura.” (Matayo 16:2, 3) Yezu aca abwira abo Bafarizayo n’Abasadukayo ko ata kimenyetso bazoronka kiretse ikimenyetso ca Yona.

Yezu n’abigishwa biwe baca burira ubwato bakaja i Betsayida, mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico kiyaga. Batarashika, abigishwa barabona ko bibagiye kuzana imikate ikwiye. Bafise umukate umwe utarenga nturenguke. Yezu yibutse ikiyago yagiranye n’Abafarizayo hamwe n’Abasadukayo bashigikiye Herodi, abagabisha ati: “Mugume murikanuye, mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo n’umwambiro wa Herodi.” Abigishwa bibaza ko avuze umwambiro kubera bibagiye kuzana imikate. Yezu arabona ko batatahuye, agaca avuga ati: “Kubera iki muharira ku vy’uko ata mikate mufise?”​—Mariko 8:15-17.

Yezu aherutse kugaburira imikate abantu ibihumbi. Abigishwa biwe rero bari bakwiye kumenya yuko atarajwe ishinga n’uko ata mikate bafise. Ababaza ati: “Mbega ntimwibuka, ca gihe namanyagura ya mikate itanu ku bwa ba bantu ibihumbi bitanu, uko ibisimbo vyuzuye utumanyu mwegeranije vyangana?” Bishura bati: “Cumi na bibiri.” Yezu arabandanya ati: “Ca gihe namanyagura imwe indwi ku bwa ba bantu ibihumbi bine, ni ibisimbo vy’ibifungurwa bingahe mwegeranije vyuzuye utumanyu?” Na bo bati: “Indwi.”​—Mariko 8:18-20.

Yezu rero ababaza ati: “Bigenda gute none ngo ntimutahure yuko ntababwiye imikate?” Yongerako ati: “Mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo n’Abasadukayo.”​—Matayo 16:11.

Abigishwa barateba bagatahura ico ashaka kuvuga. Umwambiro uratuma inzoga isha ukongera ugatuma igikandu gitutumba. Yezu ng’aho ariko agereranya umwambiro n’ukwononekara. Ariko aragabisha abigishwa biwe ngo birinde “inyigisho y’Abafarizayo n’Abasadukayo” kuko yonona.​—Matayo 16:12.