Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 62

Icigwa gihambaye co kwicisha bugufi

Icigwa gihambaye co kwicisha bugufi

MATAYO 17:22–18:5 MARIKO 9:30-37 LUKA 9:43-48

  • YEZU YONGERA KUVUGA IVYEREKEYE URUPFU RWIWE

  • ARIHA IKORI AKORESHEJE IGICERI CAKUWE MU KANWA K’IFI

  • NI NDE AZOBA MUKURU MU BWAMI?

Yezu amaze guhinduka ukundi akongera agakiza umuhungu yiziziwe n’idayimoni mu ntara ya Sezariya ya Filipo, aca aja i Kaperinawumu. Ajana n’abigishwa biwe gusa kugira ntihagire n’umwe “abimenya.” (Mariko 9:30) Ivyo biramuha akandi karyo ko kubategura ku bijanye n’urupfu rwiwe n’igikorwa bazoca bakora. Asigura ati: “Umwana w’umuntu abwirizwa kugaburwa mu maboko y’abantu, kandi bazomwica, maze ku musi ugira gatatu azozurwa.”​—Matayo 17:22, 23.

Ico ciyumviro nticari gikwiye kuba gishasha ku bigishwa biwe. Yezu yari amaze kuvuga ko yokwishwe naho Petero yanse kwemera ko vyoshitse. (Matayo 16:21, 22) Vyongeye, batatu mu ntumwa barabonye ukuntu Yezu ahinduka ukundi bongera barumva ibijanye n’“ukugenda” kwiwe. (Luka 9:31) Ubu rero abayoboke biwe baragira “intuntu nyinshi” kubera ayo majambo yiwe naho badatahura neza ico asobanura. (Matayo 17:23) Ariko baratinya kumubaza ibibazo.

Barateba bagashika i Kaperinawumu, ikibanza nyamukuru Yezu aranguriramwo igikorwa ciwe, ari na ho benshi mu ntumwa ziwe bavuka. Bashitseyo, abatoza ikori ry’urusengero baregera Petero. Kumbure kugira bagirize Yezu ko adatanga ikori, babaza bati: “Burya umwigisha wanyu arariha ikori ry’urusengero?”​—Matayo 17:24.

Petero yishura ati: “Egome.” Baja gushika mu nzu Yezu yamaze kumenya ivyabaye. Ku bw’ivyo, aho kurindira ngo Petero abe ari we yigana ivyabaye, Yezu amubaza ati: “Uvyiyumvirako iki ga Simoni? Abami b’isi batoza bande ikibuguro canke ikori ry’umutwe? Ni abana babo canke ni ab’ahandi?” Petero yishura ati: “Ni ab’ahandi.” Yezu aca avuga ati: “Abana babo rero ikori ntiribaraba.”​—Matayo 17:25, 26.

Se wa Yezu ni Umwami w’isi n’ijuru kandi ni we asengerwa aho ku rusengero. Ku bw’ivyo, Umwana w’Imana ntasabwa kuriha ikori ry’urusengero. Yezu avuga ati: “Mugabo kugira ntitubatsitaze, genda ku kiyaga, uterere igera, hanyuma ufate ifi ya mbere iza kuduga, maze niwayasamika, urasanga mu kanwa kayo igiceri c’isitateri. Uce ugitora, ukibahe ku bwanje no ku bwawe.”​—Matayo 17:27.

Bidatevye, abigishwa barahurira hamwe, bakabaza Yezu uwuzoba mukuru mu Bwami uwo ari we. Abo bagabo bari batinye kubaza Yezu ibijanye n’urupfu rwiwe rwimirije, ariko ubu ntibatinya kumubaza ivyerekeye kazoza kabo. Yezu arazi ivyo bariko bariyumvira. Bamye baharira kuri ico kintu inyuma yiwe igihe bariko bagaruka i Kaperinawumu. Aca ababaza ati: “Mwariko muharira ku biki mu nzira?” (Mariko 9:33) Abigishwa baragira isoni ntibakureko umunwa, kuko bariko baharira ibijanye n’umukuru muri bo. Amaherezo, intumwa zirabaza Yezu ikibazo zamye ziharirako, ziti: “None ni nde mukuru mu bwami bwo mw’ijuru?”​—Matayo 18:1.

Womenga ntivyumvikana kubona abigishwa bahahamira ubukuru kandi bamaze hafi imyaka itatu bitegereza Yezu bongera bamwumviriza. Ariko rero ni abanyagasembwa. Kandi bakuriye mw’idini riha agaciro cane ibibanza n’ivyubahiro. Vyongeye, Yezu yari aherutse gusezeranira Petero “impfunguruzo” z’Ubwami. Ivyo vyoba bituma abona ko asumba abandi? Yakobo na Yohani na bo nyene bashobora kuba babona ko basumba abandi kuko biboneye ingene Yezu yahindutse ukundi.

Uko biri kwose, Yezu aragira ico akoze kugira abakosore. Arahamagara umwana akamuhagarika hagati yabo maze akabwira abigishwa ati: “Nimutahinduka ngo mucike nk’abana batoyi, ntimuzogenda mwinjiye mu bwami bwo mw’ijuru. Uwo wese rero azokwicisha bugufi nk’uyu mwana mutoyi ni we mukuru mu bwami bwo mw’ijuru; kandi uwo wese yakiriye umwana mutoyi umwe nk’uyu mw’izina ryanje, na jewe aba anyakiriye.”​—Matayo 18:3-5.

Mbega uburyo bwiza igitangaza bwo kwigisha! Yezu ntashavurira abigishwa biwe, eka kandi ntabagiriza ko bahahamira ubukuru. Ahubwo aca abaha icigwa gifadika. Abana bato ntibahahamira ubukuru na gato. Yezu rero ashaka kwerekana ko abigishwa biwe bakwiye kwifata gutyo. Yezu asozera icigwa aha abayoboke biwe mu kuvuga ati: “Uwigenza nk’umuto muri mwebwe mwese [ni] we mukuru.”​—Luka 9:48.