Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 72

Yezu arungika abigishwa 70 kwigisha

Yezu arungika abigishwa 70 kwigisha

LUKA 10:1-24

  • YEZU ATORA ABIGISHWA 70 HAMA AKABARUNGIKA KWIGISHA

Ni mu mpera z’umwaka wa 32, hakaba haheze nk’imyaka itatu Yezu abatijwe. We hamwe n’abigishwa biwe baheruka ku Musi mukuru w’insago i Yeruzalemu. Biboneka ko bakiri mu micungararo yaho. (Luka 10:38; Yohani 11:1) Kukaba nkako, umwanya munini mu mezi atandatu Yezu asigaranye yo kurangura igikorwa ciwe, awumara i Yudaya canke hakurya y’Uruzi Yorodani mu ntara ya Pereya. Birakenewe ko yigisha no muri utwo turere.

Inyuma ya Pasika yo mu 30, Yezu yaramaze amezi nk’angahe yigisha i Yudaya yongera agendagenda i Samariya. Mu kiringo ca Pasika yo mu 31 na ho, Abayuda b’i Yeruzalemu baragerageje kumwica. Umwaka n’igice bikurikira, Yezu yabimaze yigisha canecane mu buraruko bw’i Galilaya. Ico gihe benshi barabaye abayoboke biwe. Akiri ng’aho i Galilaya, Yezu yaramenyereje intumwa ziwe hama imbere yo kuzirungika, azibwira ati: “Mwamamaze, muti: ‘Ubwami bwo mw’ijuru buregereje.’” (Matayo 10:5-7) Ubu na ho aratunganya isekeza ryo kwigisha i Yudaya.

Mu gutangura iryo sekeza, Yezu atora abigishwa 70 akabarungika ari babiribabiri. Ku bw’ivyo, haboneka imigwi 35 y’abamamaji b’Ubwami muri ako karere aho “ivyimburwa [ari] vyinshi koko, mugabo abakozi [bakaba ari] bake.” (Luka 10:2) Bitangira imbere Yezu mu turere aza gucamwo. Abo 70 basabwa kugenda barakiza indwara bongera batangaza bwa butumwa nyene Yezu amaze igihe atangaza.

Abo bigishwa ntibakwiye kwibanda mu masinagogi. Yezu abasaba kuja kwigisha mu mihana y’abantu. Ababwira ati: “Aho hose mwinjiye mu nzu mubanze muvuge muti: ‘Iyi nzu nigire amahoro.’ Kandi nimba ng’aho hariho umukunzi w’amahoro, amahoro yanyu azoba kuri we.” None ubutumwa bashikiriza ni ubuhe? Yezu avuga ko bobwira abantu bati: “Ubwami bw’Imana burabegereye.”​—Luka 10:5-9.

Impanuro Yezu atekerera abo 70 zirasa na zimwe yaha za ntumwa 12 umwaka umwe imbere y’aho. Arabagabisha ko atari bose bazobakira neza. Ariko rero, utwigoro bagira turafasha abantu b’inziraburyarya: Yezu niyashika inyuma yabo azosanga benshi muri bo bashashaye kumusanganira no kwumviriza inyigisho ziwe.

Haheze igihe, bamwe 70 baragaruka kuri Yezu. Bamubwira bahimbawe bati: “Mukama, mbere n’amadayimoni aratwumvira dukoresheje izina ryawe.” Nta gukeka ko Yezu ahimbarwa n’ako gakuru keza, kuko aca avuga ati: “Nabonye Shetani amaze gukoroka nk’umuravyo ava mw’ijuru. Ehe ndabahaye ububasha bwo guhonyangira munsi y’ibirenge inzoka n’utumina.”​—Luka 10:17-19.

Gutyo, Yezu arakuye amazinda abayoboke biwe yuko bazotsinda ingorane zikomeye zogereranywa no guhonyanga inzoka n’utumina. Vyongeye, barashobora kwemera badakeka ko Shetani azokwirukanwa mw’ijuru. Yezu kandi arafasha abo 70 gutahura ikintu gihambaye vy’ukuri ico ari co. Ababwira ati: “Ntimunezerwe n’uko impwemu zibumvira, ahubwo munezerwe kubera ko amazina yanyu yanditswe mw’ijuru.”​—Luka 10:20.

Yezu arahimbarwa cane maze agashemeza Se wiwe kubona akoresha muri ubwo buryo budasanzwe abo basavyi biwe baciye bugufi. Araheza akaraba abigishwa biwe, akababwira ati: “Hahiriwe amaso yitegereza ibintu muriko muritegereza. Kuko ndabibabwiye: Abahanuzi benshi n’abami benshi baripfuje kubona ibintu muriko muritegereza mugabo ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva mugabo ntibavyumva.”​—Luka 10:23, 24.