Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 74

Icigwa cerekeye ubwakiranyi n’isengesho

Icigwa cerekeye ubwakiranyi n’isengesho

LUKA 10:38–11:13

  • YEZU AGENDERA MARITA NA MARIYA

  • GUKOVYA MU GUSENGA BIRAHAMBAYE

Igisagara ca Betaniya giherereye mu buseruko bw’Umusozi w’imyelayo, nko ku bilometero bitatu uvuye i Yeruzalemu. (Yohani 11:18) Yezu araja muri ico gisagara hama akagendera Marita na Mariya, bano bakaba bavukana. Bo hamwe na musaza wabo Lazaro ni abagenzi ba Yezu, kandi bamwakirana igishika.

Ni iteka rikomeye kugenderwa na Mesiya. Marita arashashaye kuzimana Yezu. Ni co gituma yita mu ziko kugira amutegurire ibifungurwa bihanitse. Mu gihe Marita ari mu bikorwa, mwene wabo Mariya yicara imbere y’ibirenge vya Yezu amwumviriza. Haciye umwanya, Marita abwira Yezu ati: “Mukama, nta co bikubwiye kubona mwene wacu yantanye ibikorwa? Mubwire rero aze amfashe.”​—Luka 10:40.

Aho kunebagura Mariya, Yezu arakebura Marita kubera yitwararika birenze ibintu vy’umubiri. Agira ati: “Marita, Marita, uriganyira kandi ugahagarika umutima ku bintu vyinshi. Mugabo ibintu bikeyi ni vyo bikenewe, canke kimwe gusa. Kuko Mariya we yahisemwo umugabane mwiza, kandi ntazowakwa.” (Luka 10:41, 42) Ego cane, Yezu aratomora ko atari ngombwa ko umuntu ategura ibintu vyinshi. Ibintu bibayabaye birahagije.

Intumbero ya Marita si mbi. Ashaka kwakira neza umushitsi. Ariko rero, ararazwa ishinga cane no kurondera inzimano ku buryo ahomba inyigisho y’agaciro ivuye ku Mwana w’Imana. Yezu aratomora ko Mariya yagize ihitamwo ryiza rizomuviramwo ivyiza biramba, akaba ari n’icigwa twese dukwiye kwamiza ku mutima.

Ikindi gihe, Yezu aratanga ikindi cigwa na co nyene gihambaye ariko kidasa n’ico. Umwigishwa umwe amubaza ati: “Mukama, twigishe gusenga, nk’uko na Yohani yigishije abigishwa biwe.” (Luka 11:1) Haraciye umwaka n’igice Yezu yigishije ico kintu muri ya Nsiguro yashikiriza ari ku musozi. (Matayo 6:9-13) Ariko rero, birashoboka ko uwo mwigishwa atari ho yari ari. Yezu rero arasubiramwo ivyiyumviro nyamukuru, agaca atanga ikigereranyo cerekana ko dukwiye gukovya mu gusenga.

Agira ati: “Ni nde muri mwebwe yogira umugenzi akaja iwe mu gicugu akamubwira ati: ‘Mugenzi, ngurana imikate itatu, kuko umugenzi wanje ahejeje gushika iwanje avuye ku rugendo, nkaba ntagira ico nshira imbere yiwe’? Uno ari imbere mu nzu akamwishura ati: ‘Reka kungora. Umuryango wamaze kwugarwa, kandi abana banje batoyi bari kumwe nanje mu gitanda; sinshobora kuvyuka ngo nguhe ikintu na kimwe.’ Ndabibabwiye: Naho atazohaguruka ngo amuhe ikintu na kimwe kubera ari umugenzi wiwe, mu vy’ukuri kubera ugukovya n’umutima rugabo kwiwe, azovyuka amuhe ibintu vyose akeneye.”​—Luka 11:5-8.

Yezu ntashaka kuvuga ko Yehova adashaka kwishura abamwitura, cokimwe n’uwo mugenzi. Ahubwo ico ashaka kwerekana ni iki: Nimba n’umugenzi adafise umutima ukunze aruhira guha umuntu ikintu kanaka aguma amusaba, none wumva Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yoreka kwishura amasengesho avuye ku mutima y’abasavyi biwe b’intahemuka? Yezu abandanya ati: “Ndabibabwiye: Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa. Kuko umuntu wese asaba ahabwa, kandi umuntu wese arondera aronka, kandi umuntu wese adodora azokwugururirwa .”​—Luka 11:9, 10.

Yezu aca atomora iciyumviro ciwe mu gutanga akarorero k’umuvyeyi. Agira ati: “Ni nde muvyeyi muri mwebwe umwana wiwe amusavye ifi, azomuha kumbure inzoka aho kumuha ifi? Canke kandi amusavye irigi, azomuha akamina? Nimba rero mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba!” (Luka 11:11-13) Emwe, biradusubiriza umutima mu nda kumenya ko Umuvyeyi wacu yiteguriye kutwumviriza no kuturonsa ivyo dukeneye.