Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 75

Yezu yerekana isôko ry’agahimbare

Yezu yerekana isôko ry’agahimbare

LUKA 11:14-36

  • YIRUKANA AMADAYIMONI AKORESHEJE “URUTOKE RW’IMANA”

  • ISÔKO RY’AGAHIMBARE NYAKURI

Yezu ahejeje gusubiramwo icigwa kijanye n’isengesho, ariko ico si co ciyumviro conyene kiguma kigaruka mu kiringo c’igikorwa ciwe. Igihe yariko arakora ibitangaro i Galilaya, yaragirijwe ngo ahabwa ububasha n’umutware w’amadayimoni. Ico kirego nyene kirasubira kuvyuka i Yudaya.

Igihe Yezu yirukana mu muntu idayimoni yamubuza kuvuga, amasinzi aratangara. Ariko abamurwanya bobo si ukwo. Basubira kwadukana ca kirego nyene, bati: “Yirukana amadayimoni biciye kuri Beyezebuli umutware w’amadayimoni.” (Luka 11:15) Abandi na bo, kubera yuko barondera ibindi bimenyamenya vyerekana akaranga ka Yezu, bamusaba ikimenyetso kivuye mw’ijuru.

Yezu aramenya ko bagomba kumugerageza, maze akabishura nk’uko yabigenjeje i Galilaya. Avuga ko ubwami bwose bwiciyemwo ibice budashobora kurama, akagira ati: “Nimba rero na Shetani yigabuye akirwanya, ubwami bwiwe buzorama gute?” Yezu aca abakurira inkoni ku gishitsi ati: “Nimba nirukana amadayimoni biciye ku rutoke rw’Imana, ubwami bw’Imana rero bwabashikiriye.”​—Luka 11:18-20.

Imvugo ngo “urutoke rw’Imana” yari ikwiye kwibutsa abumviriza Yezu ivyigeze gushika muri kahise ka Isirayeli. Igihe abantu bo ku kirimba kwa Farawo babona Musa akora igitangaro, baratangaye bati: “Ni urutoke rw’Imana!” Vyongeye, “urutoke rw’Imana” ni rwo rwanditse ya Mabwirizwa cumi kuri vya bisate vy’amabuye bibiri. (Kuvayo 8:19; 31:18) Muri ubwo buryo nyene, “urutoke rw’Imana,” ari yo mpwemu yayo nyeranda ni yo ishoboza Yezu kwirukana amadayimoni no gukiza abarwaye. Gutyo rero, Ubwami bw’Imana bwashikiriye abo bansi ba Yezu, kuko Umwami wabwo ariko akorera ibitangaro imbere yabo.

Ubushobozi Yezu afise bwo kwirukana amadayimoni ni ikimenyamenya c’uko arusha inguvu Shetani, nka kurya umugabo akomeye yoza maze agafata mpiri umuntu afise ibirwanisho yari acunze ikirimba. Yezu kandi arasubiramwo ca kigereranyo c’impwemu ihumanye iva mu muntu. Mu gihe uwo muntu adaciye yuzuza ibintu vyiza muri ico kibanza, nya mpwemu iragaruka iri kumwe n’izindi indwi, maze ivy’uwo muntu bigaca vyunyuka. (Matayo 12:22, 25-29, 43-45) Ukwo ni ko ihanga rya Isirayeli ryifashe.

Umugore umwe ariko yumviriza Yezu, arikugura ati: “Hahiriwe inda yagutwaye n’amabere wonse!” Abayudakazi wasanga bizigiye kwibaruka umuhanuzi, na canecane Mesiya. Uwo mugore rero ashobora kuba yiyumvira ko Mariya ahiriwe bidasanzwe kubona yibarutse umwigisha mwiza gutyo. Mugabo Yezu aramukosora, akamwereka isôko ry’agahimbare nyakuri, ati: “Oya, ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!” (Luka 11:27, 28) Yezu ntiyigeze yerekana ko Mariya akwiye guhabwa icubahiro kidasanzwe. Agahimbare nyakuri kava ku gukorera Imana tudahemuka, atari mu bucuti bw’amaraso canke ku bintu kanaka twashitseko.

Nk’uko Yezu yabigize i Galilaya, arahambarira abantu bariko bamusaba ikimenyetso kiva mw’ijuru. Ababwira ko ata kimenyetso bazohabwa atari “ikimenyetso ca Yona.” Yona yarabaye ikimenyetso mu kumara imisi itatu mu nda y’urufi no mu kwigisha ata bwoba, ivyo bikaba vyatumye Abanyaninewe bigaya. Yezu avuga ati: “Mugabo, ehe uwuruta Yona ari ng’aha.” (Luka 11:29-32) Yezu kandi araruta Salomo, umwe yatuma Umwamikazi w’i Sheba ahaguruka akaza kwumviriza ubwenge bwiwe.

Yezu yongerako ati: “Iyo umuntu amaze kudomeka itara, ntarishira mu nzu yo mu kuzimu canke munsi y’igisimbo co gupimisha, ahubwo arishira ku gitereko caryo.” (Luka 11:33) Ashobora kuba ashaka kuvuga ko kwigisha no gukora ibitangaro imbere y’abo bantu ari cokimwe no guhisha umuco w’itara. Kubera yuko amaso yabo atabona, ntibatahura intumbero y’ivyo Yezu akora.

Yezu ahejeje kwirukana idayimoni no gukiza umuntu yahora ari umuragi. Ivyo vyari bikwiye gutuma abantu baninahaza Imana, bakayagira abandi ivyo Yehova ariko arakora. Yezu rero aragabisha abamurwanya, ati: “Ba maso rero. Kumbure umuco uri muri wewe ni umwiza. Nuko rero, nimba umubiri wawe wose wakaka ata na hamwe ucuze umwiza, uzokwakaka wose nk’igihe itara rikurasira umuco biciye ku mishwarara yaryo.”​—Luka 11:35, 36.