Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 76

Asangira n’Umufarizayo

Asangira n’Umufarizayo

LUKA 11:37-54

  • YEZU YIYAMIRIZA ABAFARIZAYO BIYOROBEKA

Igihe Yezu akiri i Yudaya, aremera ubutumire ahawe n’Umufarizayo. (Luka 11:37, 38) Imbere yo gufungura, Abafarizayo barakurikiza umugenzo wo gukaraba gushika mu nkokora. Ariko ivyo Yezu ntabigira. (Matayo 15:1, 2) Umuntu akaravye gushika mu nkokora ntiyoba arenze amategeko y’Imana, ariko Imana nta vyo isaba.

Nya Mufarizayo aratangara abonye Yezu adakurikije uwo mugenzo. Yezu arabibona maze akavuga ati: “Erega mwebwe Abafarizayo mwoza inyuma igikombe n’isahani, mugabo imbere muri mwebwe huzuye ubusahuzi n’ububisha. Mwa mburabwenge mwe! None uwaremye inyuma si na we yaremye imbere?”​—Luka 11:39, 40.

Gukaraba imbere yo gufungura si ingorane, ahubwo ubwiyorobetsi mu vy’ugusenga ni yo ngorane. Abafarizayo hamwe n’abandi bakurikiza uwo mugenzo barananirwa gukura ububi mu mitima yabo. Yezu rero abahanura ati: “Bwa mfashanyo y’umworo nimutange ibiri imbere, kandi n’ibindi bintu vyose bizoba bihumanuwe ku biberekeye.” (Luka 11:41) Emwe, ukwo ni ukuri! Umuntu akwiye gutanga bivuye ku mutima w’urukundo, atari ukugira atangaze abandi mu kwiyerekana ko agororotse.

Si ukuvuga ko abo bagabo badatanga. Yezu avuga ati: “Mutanga ic’icumi ca menta n’isogi be n’ic’izindi mboga zose, mugabo mugaca ku ruhande ubutungane n’ugukunda Imana! Ivyo bintu mwabwirizwa kubigira, mugabo ivyo bindi ntimuvyiyobagize.” (Luka 11:42) Itegeko ry’Imana ryarasaba gutanga ikigiracumi c’umwimbu. (Gusubira mu vyagezwe 14:22) Aho harimwo menta n’isogi, bikaba ari ibiterwa bikoreshwa mu kurunga ibifungurwa. Abafarizayo baritwararika cane gutanga ikigiracumi c’ivyo bintu. Ariko tuvuge iki ku bintu bihambaye vyasabwa n’amategeko y’Imana nko gukurikiza ubutungane no kwicisha bugufi imbere y’Imana?​—Mika 6:8.

Yezu arabandanya ati: “Muragowe mwa Bafarizayo mwe, kubera ko mukunda ivyicaro vy’imbere mu masinagogi n’indamutso mu tuguriro! Muragowe, kubera ko mumeze nka zirya mva zitibonekeza, ku buryo abantu bazicako ntibabimenye!” (Luka 11:43, 44) Emwe, abantu barashobora gutsitara kuri izo mva bigatuma bahumana. Ivyo Yezu abivuga kugira yerekane ukuntu ubuhumane bw’abafarizayo butibonekeza.​—Matayo 23:27.

Umugabo umwe w’umuhanga mu vyagezwe yidoga ati: “Mwigisha, mu kuvuga ivyo bintu natwe uradututse.” Ariko rero, abo bagabo barakwiye kubona ko vyabananiye gufasha abantu. Yezu avuga ati: “Muragowe na mwebwe abahanga mu vy’Itegeko, kubera ko muremeka abantu imitwaro igoye itwara, mugabo mwebwe ubwanyu iyo mitwaro ntimuyikozeko intoke! Muragowe, kubera ko mwubaka imva z’abahanuzi, mugabo ba sogokuruza banyu ari bo babishe!”​—Luka 11:45-47.

Imitwaro Yezu avuga ni imigenzo bagiye barahanahana ku munwa be n’insobanuro Abafarizayo baha amategeko y’Imana. Emwe, abo bagabo ntiborohereza abantu. Ahubwo barashimika ko bose bategerezwa kuguma bikoreye iyo mitwaro iremereye. Ba sekuruza barishe abahanuzi b’Imana uhereye kuri Abeli n’abamukurikiye. Ubu na ho, barigana agatima ka ba sekuruza n’ibikorwa vyabo naho bagomba kwerekana ko batera iteka abahanuzi mu kwubakira imva zabo. Mbere bagomba kwica umuhanuzi ahambaye w’Imana. Yezu avuga ko iryo yaruka rizobibazwa imbere y’Imana. Ivyo vyararangutse haciye nk’imyaka 38 mu mwaka wa 70 inyuma ya Kristu.

Yezu abandanya ati: “Muragowe mwebwe abahanga mu vy’Itegeko, kubera ko mwatwaye urupfunguruzo rw’ubumenyi; mwebwe ubwanyu ntimwinjiye, kandi n’abinjira mwarababujije!” (Luka 11:52) Aho gufasha abantu gutahura ijambo ry’Imana, abo bagabo ni bo babuza abandi kurimenya no kuritahura.

None Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe bavyakira gute? Yezu avuye kuri iyo nzu, baca batangura kumurwanya bimwe bikaze no kumucucagira ibibazo barakaye. Ntibabaza kugira batahure, ahubwo bagomba kumutega ngo barabe ko yovuga ikintu cotuma bamufata.