Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 80

Umwungere w’agahebuza n’impongore z’intama

Umwungere w’agahebuza n’impongore z’intama

YOHANI 10:1-21

  • YEZU AVUGA IVY’UMWUNGERE W’AGAHEBUZA N’IMPONGORE Z’INTAMA

Uko Yezu abandanya kwigisha i Yudaya, aravuga ikindi kintu abamwumviriza bazi neza: intama n’impongore zazo. Ariko rero, akoresha imvugo ngereranyo. Abayuda bashobora kuba bibuka amajambo ya Dawidi agira ati: “Yehova ni Umwungere wanje. Nta co nzobura. Amvyagiza mu maragiriro yuzuye ubwatsi.” (Zaburi 23:1, 2) Mu yindi zaburi, Dawidi yateye akamo iryo hanga ati: “Dupfukame imbere ya Yehova Umuhinguzi wacu. Kuko ari Imana yacu, natwe tukaba abantu bo mu buragiriro bwayo.” (Zaburi 95:6, 7) Egome, kuva kera na rindi Abisirayeli bamye bagereranywa n’umukuku w’intama.

Abisirayeli bagereranywa n’intama ziri mu ruhongore kuko bavutse bagengwa n’amategeko Imana yari yarabahaye biciye kuri Musa. Ayo mategeko yari ameze nk’uruzitiro rubakingira ingeso mbi z’amahanga atagengwa n’ayo mategeko. Ariko rero, Abisirayeli bamwebamwe barafashe nabi ubusho bw’Imana. Yezu avuga ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Uwutinjira mu ruhongore aciye mu muryango mugabo akurirana ahandi hantu, uyo ni igisuma n’umusahuzi. Mugabo uwinjira aciye mu muryango ni we mwungere w’intama.”​—Yohani 10:1, 2.

Kumbure abari ng’aho baca bibuka abantu bigeze kuza biyita ngo ni ba Mesiya canke Kristu. Abo nta ho bataniye n’abasuma n’abasahuzi. Abantu ntibakwiye gukurikira abo bangushi. Ahubwo bakwiye gukurikira uwo “mwungere w’intama.”

Ku bijanye n’uwo mwungere, Yezu avuga ati: “Umurinzi w’umuryango aramwugururira, kandi intama zirumviriza ijwi ryiwe, na we agahamagara intama ziwe mu mazina, akaziturutsa. Amaze gusohora iziwe zose, azija imbere, intama na zo zikamukurikira, kuko zizi ijwi ryiwe. Uw’ahandi ntizigenda zimukurikiye ahubwo ziramuhunga, kuko zitazi ijwi ry’ab’ahandi.”​—Yohani 10:3-5.

Imbere y’aho, Yohani Umubatizi, uwari ameze nk’umurinzi w’umuryango, yaratomoye ko Yezu ari we izo ntama z’ikigereranyo zikwiye gukurikira. Kandi intama zimwezimwe, haba i Galilaya canke ng’aho i Yudaya, zaramenye ijwi rya Yezu. None ‘yoziturukije’ azijana hehe? Vyongeye, kumukurikira vyozimariye iki? Bamwe mu bariko barumviriza ico kigereranyo bashobora kuba bibaza ivyo bibazo, narirya badatahura ‘insobanuro y’ibintu ariko arababwira.’​—Yohani 10:6.

Yezu asigura ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Ni jewe muryango w’intama. Abaje banyiyitirira bose ni ibisuma n’abasahuzi; mugabo intama ntizabumvirije. Ni jewe muryango; uwo wese yinjira aciye muri jewe azokizwa, kandi azokwinjira yongere asohoke, aronke uburagiriro.”​—Yohani 10:7-9.

Biraboneka ko Yezu ariko avuga ikintu gishasha. Abamwumviriza barazi ko atari we muryango ushikana kuri ya mategeko Imana yaha Abisirayeli, kuko ayo mategeko amaze imyaka amajana akora. Ategerezwa rero kuba ashaka kuvuga ko intama ‘aturutsa’ zizokwinjira mu rundi ruhongore. None ni ivyiza ibihe zizokwironkera?

Yezu arabandanya gusigura uruhara rwiwe, ati: “Jewe naje kugira ngo zironke ubuzima kandi ziburonke ari umurengera. Ni jewe mwungere w’agahebuza; umwungere w’agahebuza arigura intama.” (Yohani 10:10, 11) Ubuherutse, Yezu yari yarahumurije abigishwa biwe ati: “Ntimutinye, mwa busho buto, kuko So yashimye kubaha ubwami.” (Luka 12:32) Ego cane, abagize “ubusho buto” ni bo Yezu azokwinjiza mu ruhongore rushasha, ku buryo ‘bironkera ubuzima kandi bakaburonka ari umurengera.’ Ese ingene abari muri ubwo busho bahiriwe!

Ariko rero, Yezu ntagarukira aho. Arabandanya ati: “Ndafise izindi ntama zitari izo muri uru ruhongore; izo na zo nyene ntegerezwa kuzizana, kandi zizokwumviriza ijwi ryanje, kandi zizocika ubusho bumwe, zigire umwungere umwe.” (Yohani 10:16) Izo “zindi ntama” si izo muri “uru ruhongore.” Ku bw’ivyo, zitegerezwa kuba ari izo mu rundi ruhongore, rutandukanye n’urwa bamwe bagize “ubusho buto” bazoragwa Ubwami. Abari muri izo mpongore zibiri z’intama bafise ivyizigiro bitandukanye. Ariko rero, intama zo muri izo mpongore zompi zizokwungukira ku gikorwa ca Yezu. Avuga ati: “Ni co gituma Data ankunda, kuko mpeba ubuzima bwanje.”​—Yohani 10:17.

Benshi muri nya sinzi bavuga bati: “Arimwo idayimoni kandi arasara.” Yamara abandi barerekana ko bariko baramukurikira bitonze kandi ko biteguriye gukurikira uwo Mwungere w’agahebuza. Bavuga bati: “Ayo si amajambo y’umuntu arimwo idayimoni. Mbega idayimoni yoshobora guhumura amaso y’abantu b’impumyi?” (Yohani 10:20, 21) Biboneka ko bashaka kuvuga ca gihe Yezu yakiza wa mugabo yari yavutse ari impumyi.