Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 81

Yunze ubumwe na Se ariko si Imana

Yunze ubumwe na Se ariko si Imana

YOHANI 10:22-42

  • “JEWE NA DATA TURI UMWE”

  • YEZU YIYAMIRIZA ABAMWAGIRIZA NGO YIYITA IMANA

Yezu yaje i Yeruzalemu ku Musi mukuru w’iyegura (ari wo Hanuka). Ni umusi mukuru wo kwibuka igihe urusengero rwasubira kwegurirwa Imana. Haraheze imyaka irenga ijana Umwami wa Siriya Antiochus Épiphane wa kane yubatse ikindi gicaniro hejuru y’igicaniro kinini co mu rusengero rw’Imana. Mu nyuma, abahungu b’umuherezi umwe w’Umuyuda barasubiye kwigarurira Yeruzalemu baca bongera kwegurira Yehova urwo rusengero. Kuva ico gihe, uko umwaka utashe haraba umusi mukuru itariki 25 z’ukwezi kwa Kisilevu, kukaba guhuye n’igice ca nyuma ca Munyonyo be n’igice ca mbere ca Kigarama.

Ni mu rushana, hakaba hakanye cane. Yezu ariko agendagenda mu rusengero ahantu bita ibaraza rya Salomo. Abayuda baramukikuza, bakamubaza bati: “Uzogeza ryari kugumiza imitima yacu mu kirere? Nimba ari wewe Kristu, bitubwire utomora.” (Yohani 10:22-24) None Yezu abishura gute? Agira ati: “Nababwiye yamara ntimwemera.” Yezu ntarababwira adakikiriza ko ari we Kristu, nk’uko yabibwiye wa mugore w’Umusamariyakazi bahurira kw’iriba. (Yohani 4:25, 26) Ariko rero, yarahishuye akaranga kiwe igihe yavuga ati: “Imbere y’uko Aburahamu abaho, jewe nariho.”​—Yohani 8:58.

Yezu ashaka ko abantu ubwabo bamenya ko ari we Kristu mu kugereranya ibikorwa akora n’ivyari vyaravuzwe ko Mesiya yokoze. Ni co gituma rimwe na rimwe yasaba abigishwa biwe kutabwira umuntu n’umwe ko ari Mesiya. Ariko ubu abwira imbonankubone abo Bayuda bamurwanya ati: “Ibikorwa nkora mw’izina rya Dawe, ni vyo binshingira intahe. Mugabo ntimwemera.”​—Yohani 10:25, 26.

None ni kubera iki batemera ko Yezu ari we Kristu? Asigura ati: “Ntimwemera, kuko mutari abo mu ntama zanje. Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, nanje ndazizi kandi zirankurikira. Nanje ndaziha ubuzima budahera, kandi ntizizokwigera zirandurwa, kandi nta n’umwe azozishikura mu kuboko kwanje. Ico Dawe yampaye ni ikiruta ibindi bintu vyose.” Yezu aca ababwira ukuntu ubucuti afitaniye na Se bukomeye ati: “Jewe na Data turi umwe.” (Yohani 10:26-30) Ico gihe Yezu yari ng’aha kw’isi, Se wiwe na we ari mw’ijuru. Birumvikana rero ko adashaka kuvuga ko we na Se bagize umuntu umwe. Ahubwo ashaka kuvuga ko bahuje umugambi, ko bunze ubumwe.

Amajambo ya Yezu arashavuza abo Bayuda ku buryo baca bongera gutora amabuye ngo bamwice. Yezu ntibimutera ubwoba. Avuga ati: “Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi biva kuri Data. Ni ikihe muri ivyo bikorwa gituma muntera amabuye?” Bamwishura bati: “Ntitugutera amabuye kubera igikorwa ciza, ahubwo tuyagutera kubera ukurogota, . . . kubera ko wewe wigira imana.” (Yohani 10:31-33) None ko Yezu ata ho yigeze avuga ko ari imana, ico kirego kiva hehe?

Yezu ashaka kuvuga ko afise ububasha Abayuda bemera ko buva ku Mana. Nk’akarorero, ku vyerekeye “intama” yavuze ati: “Ndaziha ubuzima budahera,” ivyo akaba ata muntu ashobora kubigira. (Yohani 10:28) Abayuda bariyobagiza yuko Yezu yiyemereye icese ko ubwo bubasha yabuhawe na Se.

Mu kwiyamiriza ico kinyoma cabo, Yezu ababaza ati: “None ntivyanditswe mw’Itegeko ryanyu [muri Zaburi 82:6] ngo: ‘Naravuze nti: “Muri imana”’? Nimba yise ‘imana’ abo ijambo ry’Imana ryaziye . . . none mubwira jewe uwo Data yejeje akanamutuma mw’isi, ngo: ‘Urarogose,’ kubera ko mvuze nti: Ndi Umwana w’Imana?”​—Yohani 10:34-36.

Emwe, n’abacamanza b’abantu b’abacumuzi Ivyanditswe biravuga ko ari “imana.” None abo Bayuda bubahuka gute kwagiriza Yezu kubera avuze ngo “Ndi Umwana w’Imana”? Arababwira ikintu cari gikwiye kubajijura ati: “Nimba ntariko nkora ibikorwa vya Dawe, ntimunyemere. Mugabo nimba ndiko ndabikora, naho mutanyemera, nimwemere ivyo bikorwa, kugira ngo mumenye kandi mugume muzi yuko Data yunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe na we.”​—Yohani 10:37, 38.

Abayuda baca bagerageza kumufata, ariko arasubira kubacika. Yezu aca ava i Yeruzalemu maze akajabuka hakurya y’Uruzi Yorodani, hamwe Yohani yatangurira igikorwa co kubatiza nk’imyaka ine imbere y’aho. Biboneka ko atari kure y’inkengera yo mu bumanuko y’Ikiyaga c’i Galilaya.

Abantu isinzi baraza aho Yezu ari bakavuga bati: “Yohani koko nta kimenyetso na kimwe yakoze, mugabo ibintu vyose Yohani yavuze kuri uyu muntu vyari ivy’ukuri.” (Yohani 10:41) Ku bw’ivyo, Abayuda benshi barizera Yezu.