Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 82

Igikorwa Yezu yaranguriye i Pereya

Igikorwa Yezu yaranguriye i Pereya

LUKA 13:22–14:6

  • AKIGORO KO GUCA MU MURYANGO WAGA

  • YEZU ATEGEREZWA GUPFIRA I YERUZALEMU

Yezu amaze igihe yigisha yongera akiza abantu i Yudaya n’i Yeruzalemu. Ubu na ho arajabuka Uruzi Yorodani, akava mu gisagara aja mu kindi yigisha mu ntara ya Pereya. Ariko vuba azogaruka i Yeruzalemu.

Igihe Yezu akiri i Pereya, umugabo umwe amubaza ati: “Mukama, burya abantu bakizwa ni bake?” Uwo mugabo ashobora kuba azi ibihari biri hagati y’abakuru b’idini ku bijanye n’uko abazorokoka boba ari benshi canke bake. Aho kuvuga igitigiri c’abazorokoka, Yezu ashimika ku co umuntu yokora kugira azorokoke. Agira ati: “Nimwihate rwose kugira ngo mwinjire muciye mu muryango waga.” Emwe, bisaba akigoro. Uti kubera iki? Yezu asigura ati: “Ndabibabwiye, benshi bazorondera kwinjira mugabo ntibazobishobora.”​—Luka 13:23, 24.

Kugira yerekane ko hakenewe utwigoro dukomeye, Yezu agira ati: “Nyen’urugo niyamara guhaguruka akugara umuryango, [muzohagarara hanze mudodore] ku muryango, muvuga muti: ‘Mutungwa, twugururire.’ . . . Mugabo azobabwira ati: ‘Sinzi iyo muva. Mve mu maso, mwebwe mwese abakora ibitagororotse!’”​—Luka 13:25-27.

Ivyo birerekana ingorane umuntu yogira igihe acerewe, kumbure agashika ku mwanya umworohereza, hama agasanga umuryango wamaze kwugarwa. Yari akwiye gushika kare, naho vyoba bitoroshe. Abantu benshi bari gushobora kwungukira ku nyigisho Yezu ariko aratanga. Ariko baragishije ako karyo mu kwanka gushira imbere ugusenga kw’ukuri mu buzima bwabo. Benshi mu bo Yezu yatumweko baranse kwemera uburyo Imana yategekanije kugira ikize abantu. Yezu avuga ko ‘bazorira bakongera bagahekenya amenyo’ nibatererwa hanze. Yamara rero, abantu “bavuye mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko,” emwe abantu bavuye mu mahanga yose, “[bazokwicara] ku meza mu bwami bw’Imana.”​—Luka 13:28, 29.

Yezu asigura ati: “Hari aba nyuma [abatari Abayuda hamwe n’Abayuda bacinyizwa] bazoba aba mbere, hakaba n’aba mbere [Abayuda bubahwa mw’idini kandi birata ngo ni abana ba Aburahamu] bazoba aba nyuma.” (Luka 13:30) Ukwo kuba “aba nyuma” bisobanura ko abo bantu b’intashima batazogenda binjiye mu Bwami bw’Imana.

Ubu na ho Abafarizayo bamwebamwe baza kuri Yezu, bakamubwira bati: “Sohoka ugende uve ng’aha, kuko Herodi [Antipa] ashaka kukwica.” Umwami Herodi ubwiwe ashobora kuba ari we yatanguje ico gihuha kugira Yezu ahunge ave muri ako karere. Herodi ashobora kuba atinya ko yohava yicisha uwundi muhanuzi, nk’uko yicishije Yohani Umubatizi. Ariko Yezu abwira abo Bafarizayo ati: “Gende mubwire iyo mbwebwe muti: ‘Ehe ndirukana amadayimoni ngakiza uno musi n’ejo, kandi ku musi ugira gatatu nzoba ndangije.’” (Luka 13:31, 32) Mu kwita Herodi ngo ni “imbwebwe,” Yezu ashobora kuba ariko yerekeza ku kuntu imbwebwe ziri n’amayeri. Ariko rero, Yezu ntahendwa n’amayeri ya Herodi canke y’uwundi muntu uwo ari we wese. Yiyemeje gukora igikorwa Se yamushinze yisunze ivyo Imana igomba, atari ivyo abantu bagomba.

Yezu arabandanya urugendo agana i Yeruzalemu, kubera avuga ko “bitemerwa ko umuhanuzi yicirwa inyuma ya Yeruzalemu.” (Luka 13:33) None ko Bibiliya itavuga ko Mesiya yopfiriye muri ico gisagara, ni kubera iki Yezu avuga ko ari yo azopfira? Ni kubera yuko Yeruzalemu ari wo mugwa mukuru, akaba ari na ho hari Sentare nkuru y’Abayuda igizwe n’abacamanza 71. Aho ni ho abagirijwe ko ari abahanuzi b’ikinyoma bacirwa urubanza. Vyongeye, aho ni ho hatangirwa ibimazi vy’ibitungwa. Ni co gituma Yezu abona ko bidashoboka ko yicirwa ahandi.

Yezu avugana agahinda ati: “Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nashatse gukoraniriza hamwe abana bawe nka kumwe inkokokazi ikoraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo, ariko ntimwabishaka! Ehe inzu yanyu murayitanywe.” (Luka 13:34, 35) Iryo hanga ririyamiriza Umwana w’Imana kandi ritegerezwa kwibonerako!

Imbere y’uko Yezu ashika i Yeruzalemu, umwe mu bakuru b’Abafarizayo aramutumira iwe kugira amuzimane kw’Isabato. Abatumire barihweza bitonze ico Yezu aza kugirira umuntu ari ng’aho arwaye urusina. Yezu abaza Abafarizayo n’abahanga mu vyagezwe ati: “Mbega kw’isabato vyoba vyemewe gukiza canke ntivyemewe?”​—Luka 14:3.

Nta n’umwe amwishura. Yezu arakiza uwo mugabo maze akababaza ati: “Ni nde muri mwebwe hamwe umwana wiwe canke ishūri yiwe yogwa mw’iriba, atoca buno nyene abikurayo ku musi w’isabato?” (Luka 14:5) N’ubu nyene ntibaronka ico basubizayo kuri ico ciyumviro ciwe gitomoye.