Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 85

Umunezero uhaba igihe umucumuzi yigaye

Umunezero uhaba igihe umucumuzi yigaye

LUKA 15:1-10

  • AKARORERO K’INTAMA N’IGICERI VYATAKAYE

  • ABAMARAYIKA BARANEZERWA MW’IJURU

Mu biringo bitandukanye mu gihe c’igikorwa ciwe, Yezu yarashimitse ku kamaro ko kwicisha bugufi. (Luka 14:8-11) Arashashaye kuronka abagabo n’abagore bipfuza gukorera Imana bicishije bugufi. Gushika ubu, bamwe muri bo bashobora kuba bakiri abacumuzi katwa.

Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe babona ko mwene abo bantu ata co bamaze. Naho ari ukwo, barabona ko abo bantu biyumvamwo Yezu n’inyigisho ziwe. Bidoga bati: “Uyu muntu aha ikaze abacumuzi kandi agasangira na bo.” (Luka 15:2) Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe babona ko barengeye abandi bakongera bagafata abantu batobato nk’umukungu wo hasi. Mu kwerekana ako gasuzuguro, abakuru b’idini bita abo bantu ngo ‛am ha·’aʹrets, bikaba bisobanura ngo “abantu bo hasi.”

Yezu wewe afatana abantu bose icubahiro, ubuntu n’ikibabarwe. Ni co gituma abantu benshi batobato, ushizemwo n’abazwi ko ari abacumuzi, bashashaye kumutega ugutwi. None Yezu abona gute abamutyoza ngo ariko afasha abo bantu baciye bugufi kandi abishura iki?

Inyishu tuyisanga mu karorero gakora ku mutima atanga gasa n’ako yigeze gutanga ari i Kaperinawumu. (Matayo 18:12-14) Muri ako karorero, Yezu afata Abafarizayo nk’aho ari abagororotsi bibereye mu ruhongore rw’Imana ata nkomanzi. Abantu batobato na bo abafata nk’abataye umurongo bakazimira.

Yezu avuga ati: “Ni nde muri mwebwe afise intama ijana, atakaje imwe muri zo, atazosiga zimwe mirongo icenda n’icenda mu gahinga akaja kurondera iyatakaye gushika ayitoye? Kandi ayitoye, ayishira ku bitugu vyiwe, akanezerwa. Maze ashitse i muhira, akoranya abagenzi biwe n’ababanyi biwe, akababwira ati: ‘Nimunezeranwe nanje, kuko natoye intama yanje yari yatakaye.’”​—Luka 15:4-6.

None Yezu yerekana ko ako karorero gasobanura iki? Asigura ati: “Ndababwiye yuko ukwo ari ko hazoba akanyamuneza kenshi mw’ijuru ku mucumuzi umwe yigaye, kuruta ku bagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye ukwigaya.”​—Luka 15:7.

Ico ciyumviro co kwigaya Yezu avuga kirasogota Abafarizayo. Babona ko ari abagororotsi be n’uko badakeneye kwigaya. Imyaka ibiri imbere y’aho, igihe bamwe muri bo batyoza Yezu kubera ariko asangira n’abatozakori n’abacumuzi, yabishuye ati: “Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi.” (Mariko 2:15-17) Abo Bafarizayo bibona ubugororotsi ntibatahura ko bakeneye kwigaya. Ku bw’ivyo, ntibatuma mw’ijuru haba umunezero. Ivyo biratandukanye n’igihe abacumuzi bigaye vy’ukuri.

Mu gushimangira ico ciyumviro c’uko abacumuzi bigaye batuma mw’ijuru haba umunezero mwinshi, Yezu atanga akandi karorero k’ibintu bishika mu rugo. Agira ati: “Ni nde mugore afise ibiceri cumi vy’idarakima, atakaje igiceri kimwe, atadomeka itara agakubura inzu yiwe akarondera avyitondeye gushika agitoye? Kandi agitoye, ahamagara ababanyi n’abagenzi akabakoranya, akavuga ati: ‘Nimunezeranwe nanje, kuko natoye igiceri c’idarakima nari natakaje.’”​—Luka 15:8, 9.

Yezu yerekana ko ako karorero na kamwe k’intama yatakaye bifise insobanuro imwe. Aca avuga ati: “Ndabibabwiye, ukwo ni ko haba akanyamuneza mu bamarayika b’Imana ku mucumuzi umwe yigaye.”​—Luka 15:10.

Ibaze nawe, abamarayika b’Imana baripfuza cane ko abacumuzi bigaya! Ico ni ikintu gikora ku mutima na canecane kubera yuko abacumuzi bigaye maze bagatorana Ubwami bw’ijuru bazoronka ikibanza gihambaye kuruta ic’abamarayika! (1 Abakorinto 6:2, 3) Naho ari ukwo, abamarayika ntibagira ishari. None tweho ntidukwiye kunezerwa igihe umucumuzi yigaye akagaruka ku Mana?