Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 89

Yigisha i Pereya ariko aja i Yudaya

Yigisha i Pereya ariko aja i Yudaya

LUKA 17:1-10 YOHANI 11:1-16

  • GUTSITAZA ABANDI NI IKOSA RIKOMEYE

  • NUHARIRE ABANDI KANDI UGIRE UKWIZERA

Yezu amaze igihe mu karere ko hakurya ya Yorodani kitwa Pereya. (Yohani 10:40) Ubu na ho afata inzira ija mu bumanuko agana i Yeruzalemu.

Yezu ntari wenyene. Ari kumwe n’abigishwa biwe hamwe n’“amasinzi menshi,” muri bo hakaba harimwo abatozakori n’abanyavyaha. (Luka 14:25; 15:1) Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe banegura ivyo Yezu avuga n’ivyo akora, na bo nyene ni ho bari. Bafise ivyiyumviro vyinshi inyuma y’aho Yezu abiganiye inkuru zerekeye intama yazimiye, umwana w’icangazi be na wa mutunzi na Lazaro.​—Luka 15:2; 16:14.

Kumbure yibutse ukuntu abansi biwe bamunebagura n’ukuntu bamusuzugura, aca ahindukirira abigishwa biwe. Abigisha ibintu bimwebimwe yari amaze kwigisha i Galilaya.

Nk’akarorero, ababwira ati: “Ibitsitaza ntibishobora kureka kuza. Yamara rero, aragowe umuntu bizananako! . . . Mwiyubare. Mwene wanyu niyacumura umuhambarire, niyigaya umubabarire. Mbere naho yogucumurako incuro indwi ku musi akagaruka kuri wewe incuro indwi, akavuga ati: ‘Ndigaye,’ utegerezwa kumubabarira.” (Luka 17:1-4) Ivyo bishobora kuba vyibutsa Petero igihe yabaza ko yoharira mugenzi we gushika ku ncuro ndwi.​—Matayo 18:21.

Abigishwa ba Yezu boba bazoshira mu ngiro inyigisho ziwe? Igihe basavye Yezu ngo “[ab]ongerereze ukwizera,” abasubiriza umutima mu nda ati: “Hamwe mwoba mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwira uyu mukere wirabura muti: ‘Randuka uterwe mu kiyaga!’ kandi wobagamburukira.” (Luka 17:5, 6) Emwe, mbere n’ukwizera gukeya kwoshobora gukora ibintu bikomeye.

Yezu abandanya yigisha intumwa ziwe akamaro ko kwicisha bugufi no kubona ibiberekeye mu buryo bubereye. Avuga ati: “Ni nde muri mwebwe afise umushumba arima canke aragira umukuku azomubwira yinjiye avuye mw’itongo ati: ‘Ingo ningoga uje ku meza’? Ntazomubwira riho ati: ‘Ntegurira ikintu mfungure imfungurwa zanje zo ku mugoroba, wambare itabuliya, unkorere gushika mpejeje kurya no kunywa, mu nyuma nawe ubone kurya no kunywa’? None azoshimira uwo mushumba kubera ko yakoze ivyo yashinzwe? Na mwebwe rero, igihe mukoze ibintu vyose mwashinzwe, muvuge muti: ‘Turi abashumba b’imburakimazi. Ivyo dukoze ni ivyo twabwirizwa gukora.’”​—Luka 17:7-10.

Umusavyi w’Imana wese arakwiye gutahura igituma kuyikorera ari vyo bikwiye kuza mu kibanza ca mbere. Vyongeye, dukwiye kwibuka ko gusenga Imana turi mu bagize umuryango wayo ari agateka.

Inyuma y’aho gatoyi, biboneka ko hashika intumwa irungitswe na Mariya na Marita. Ni bashiki ba Lazaro kandi baba i Betaniya muri Yudaya. Iyo ntumwa imubwira iti: “Mukama, raba, wa wundi wiyumvamwo ararwaye.”​—Yohani 11:1-3.

Yezu ntacika ivutu ngo n’uko umugenzi wiwe Lazaro aremvye. Ahubwo avuga ati: “Intumbero y’iyo ndwara si urupfu, ahubwo ni ubuninahazwa bw’Imana, kugira ngo Umwana w’Imana aninahazwe biciye kuri yo.” Aguma aho hantu imisi ibiri, hama akabwira abigishwa biwe ati: “Dusubire i Yudaya.” Barahakana bati: “Rabi, ejo bundi Abanyayudaya bariko barondera kugutera amabuye, none usubireyo?”​—Yohani 11:4, 7, 8.

Yezu abishura ati: “Mbega ntihari amasaha cumi n’abiri y’umurango? Iyo umuntu agenda ku murango ntiyiseka ku kintu, kubera ko abona umuco w’iyi si. Mugabo iyo umuntu agenda mw’ijoro, ariseka ku kintu, kubera ko umuco utaba uri muri we.” (Yohani 11:9, 10) Biboneka ko ashaka kuvuga ko umwanya Imana yageneye igikorwa ciwe utararangira. Mu kurindira, Yezu ashaka gukoresha neza umwanya muto asigaranye.

Yezu yongerako ati: “Lazaro umugenzi wacu araruhutse, mugabo ndagiyeyo kumukangura mw’itiro.” Abigishwa biwe bibaza ko Lazaro aruhutse kandi ko azokira. Nuko bamubwira bati: “Mukama, nimba aruhutse, azokira.” Yezu arabatomorera ati: “Lazaro yapfuye . . . Mugabo ingo tuje iyo ari.”​—Yohani 11:11-15.

Naho Toma azi ko Yezu yoshobora kwicirwa i Yudaya, aripfuza kumushigikira. Ku bw’ivyo, ahimiriza abigishwa bagenziwe ati: “Ingo natwe tugende, dupfane na we.”​—Yohani 11:16.