Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 90

“Izuka n’ubuzima”

“Izuka n’ubuzima”

YOHANI 11:17-37

  • YEZU ASHIKA AGASANGA LAZARO YAPFUYE

  • “IZUKA N’UBUZIMA”

Avuye i Pereya, Yezu arashika ku rubibe rw’igisagara ca Betaniya, kikaba kiri nko ku bilometero bitatu mu buseruko bwa Yeruzalemu. Mariya na Marita bagandariye musaza wabo Lazaro aherutse gupfa. Abantu benshi baje kubirura.

Hari umuntu amenyesha Marita ko Yezu ari mu nzira, na we agaca yiruka kumusanganira. Marita arabwira Yezu ikintu we na mwene wabo bashobora kuba bamaze imisi ine biyumvira. Agira ati: “Mukama, iyo uza kuba wari hano musazanje ntiyari gupfa.” Ariko rero, si ukuvuga ko ata cizigiro afise. Marita avuga ati: “Ndazi yuko ibintu vyose usavye Imana, Imana ibiguha.” (Yohani 11:21, 22) Arizigiye ko Yezu agishoboye gufasha musazawe.

Yezu yishura ati: “Musazawe arazuka.” Marita yibwira ko Yezu ariko avuga izuka rizoba kw’isi muri kazoza, ca cizigiro Aburahamu n’abandi bari bafise. Arerekana ko yizigiye adakeka ko ivyo bizoba, ati: “Ndazi ko azozuka mw’izuka ku musi wa nyuma.”​—Yohani 11:23, 24.

Ariko none, vyoba bishoboka ko Yezu agira ico akoze muri ako kanya nyene? Aributsa Marita ko Imana yamuhaye ububasha ku rupfu, akagira ati: “Uwunyizera, naho yopfa, azoba muzima; kandi uwuriho wese akanyizera ntazokwigera apfa.”​—Yohani 11:25, 26.

Yezu ntashaka kuvuga ko abigishwa biwe batazokwigera bapfa. Na we nyene ubwiwe ategerezwa gupfa, nk’uko yabibwiye intumwa ziwe. (Matayo 16:21; 17:22, 23) Ashaka kwerekana ko kumwizera bishobora gutuma umuntu aronka ubuzima budahera. Benshi bazoronka ubwo buzima biciye kw’izuka. Ariko rero, abantu b’intahemuka bazoba bakiriho kw’iherezo ry’iyi si bashobora kutazokwigera bapfa. Uko biri kwose, uwumwizera wese arashobora kwemera adakeka ko atazokwigera apfa urupfu rw’akagirire.

None ko Yezu ahejeje kuvuga ngo “Ni jewe zuka n’ubuzima,” yoba ashobora gufasha Lazaro, narirya amaze imisi apfuye? Yezu abaza Marita ati: “Uremera ivyo?” Yishura ati: “Egome, Mukama; ndemera ko uri Kristu Umwana w’Imana, Umwe aza mw’isi.” Kubera ko Marita yizeye ko Yezu ashobora kugira ico akoze kuri uwo musi, aranyaragasa muhira, akongorera mwene wabo ati: “Mwigisha ari hano, kandi araguhamagaye.” (Yohani 11:25-28) Mariya aca asohoka, maze abandi bagaca bamukurikira bibaza ko agiye ku mva ya Lazaro.

Nuko Mariya aja iyo Yezu ari, akikubita imbere y’ibirenge vyiwe arira maze agasubiramwo ca ciyumviro nyene mwene wabo yashikiriza, ati: “Mukama, iyo uza kuba wari hano, musazanje ntiyari gupfa.” Yezu abonye Mariya n’iryo sinzi bariko bararira, aragira intuntu mu mutima, akabura amahoro, mbere agakorora n’amosozi. Abari ng’aho birabakora ku mutima. Mugabo bamwe babaza bati: ‘Ko Yezu yashoboye gukiza umugabo yavutse ari impumyi, ntiyari ashoboye none kubuza uyu muntu gupfa?’​—Yohani 11:32, 37.