Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 92

Umwe gusa ni we yibutse gushima

Umwe gusa ni we yibutse gushima

LUKA 17:11-19

  • YEZU AKIZA ABANYAMIBEMBE CUMI

Kugira ahindure ubusa umugambi wo kumwica wapfunditswe na Sentare y’Abayuda, Yezu aja mu gisagara ca Efurayimu mu buraruko bushira ubuseruko bwa Yeruzalemu. Aguma ng’aho kure y’abansi biwe ari kumwe n’abigishwa biwe. (Yohani 11:54) Ariko rero, Yezu ntahateba kubera yuko Pasika yo mu 33 yegereje. Afata urugendo agana mu buraruko aciye i Samariya akaduga i Galilaya, rukaba ari rwo rwa nyuma agira muri ako karere imbere y’uko apfa.

Mu ntango y’urwo rugendo, igihe Yezu ava mu kigwati kimwe aja mu kindi, ahura n’abagabo cumi barwaye imibembe. Mu bihe bimwebimwe, iyo ndwara irashobora gutuma umuntu acika ibihimba vy’umubiri nk’intoke, amano canke amatwi. (Guharūra 12:10-12) Amategeko Imana yahaye Abisirayeli asaba ko umunyamibembe agenda arasemerera ati: “Ndahumanye, ndahumanye!” kandi ntiyegere abandi.​—Abalewi 13:45, 46.

Ku bw’ivyo, abo banyamibembe cumi ntibegera Yezu. Yamara rero, barasemerera bati: “Yezu, Mwigisha, tugirire imbabazi!” Yezu ababonye, abategeka ati: “Gende mwiyereke abaherezi.” (Luka 17:13, 14) Gutyo, arerekana ko yubaha amategeko y’Imana. Ayo mategeko ni yo aha abaherezi uburenganzira bwo gutangaza ko abanyamibembe bakize, bakabona gusubira kubana n’abandi bantu bakomeye.​—Abalewi 13:9-17.

Abo banyamibembe cumi baremera ko Yezu ashoboye gukora ibitangaro. Naho batarakira, barafata inzira bakaja ku baherezi. Bakiri mu nzira, barironkera impera kubera bizeye Yezu: baratangura kubona no kwumva ko bakize!

Icenda barabandanya inzira. Ariko umwe muri bo, umugabo w’Umusamariya, asubira inyuma kurondera Yezu. None amuronderera iki? Uwo mugabo arakenguruka cane ivyo Yezu ahejeje kumukorera. Agenda “a[ra]ninahaza Imana n’ijwi rirenga” kubera atahura ko ari yo yamukijije. (Luka 17:15) Ashikiriye Yezu, aca yikubita imbere yiwe, akamushimira.

Yezu abwira abantu bamukikuje ati: “Icumi si bo bahumanuwe? None abandi icenda bari hehe? Nta n’umwe yabonetse yagarutse kuninahaza Imana atari uyu muntu wo mu rindi hanga?” Nuko abwira nya Musamariya ati: “Haguruka wigire; ukwizera kwawe kuragukijije.”​—Luka 17:17-19.

Ico gitangaro co gukiza abo banyamibembe cumi kirerekana ko Yezu ashigikiwe na Yehova Imana. Ubu rero, umwe muri abo banyamibembe cumi yakize biciye kuri Yezu, akaba kandi ari mu nzira ijana mu buzima. Muri iki gihe, Imana ntigikiza abantu ku gitangaro. Ariko rero, twizeye Yezu turashobora kwizigira kuronka ubuzima budahera. Twoba twerekana ko dukenguruka nk’uwo mugabo w’Umusamariya?