Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 99

Arakiza impumyi akanafasha Zakayo

Arakiza impumyi akanafasha Zakayo

MATAYO 20:29-34 MARIKO 10:46-52 LUKA 18:35–19:10

  • YEZU AKIZA ABAGABO B’IMPUMYI I YERIKO

  • TUMUTOZAKORI ZAKAYO YIGAYA

Yezu n’abo bafatanije urugendo barashika i Yeriko, hakaba ari ku rugendo rw’umusi umwe uvuye i Yeruzalemu. Yeriko igizwe n’ibisagara bibiri, ica kera kikaba kiri nko ku kilometero n’igice uvuye mu gisagara gishasha cubatswe mu gihe c’Abaroma. Igihe Yezu n’amasinzi bari kumwe barenganye kimwe muri ivyo bisagara bagira binjire mu kindi, impumyi zibiri zirumva uruyogoyogo rwabo. Umwe muri bo yitwa Barutimayo.

Barutimayo na mugenziwe bumvise ko Yezu ariko ararengana, barasemerera bati: “Mukama, tugirire imbabazi, Mwana wa Dawidi!” (Matayo 20:30) Bamwe muri iryo sinzi barabihanikiriza ngo ntibasubire gukurako umunwa, ariko bakarushirizaho gusemerera. Urwamo rwabo rutuma Yezu ahagarara. Abwira abari kumwe na we guhamagara abariko barasemerera. Nuko baragenda hama bakabwira umwe muri abo basezi bati: “Nureme, uhaguruke, araguhamagaye.” (Mariko 10:49) N’akanyamuneza kenshi, aca aterera hasi umutamana wiwe, akabaduka maze akaja iyo Yezu ari.

Yezu ababaza ati: “Mushaka ndabagirire iki?” Uko ari babiri baramwinginga bati: “Mukama, amaso yacu nahumuke.” (Matayo 20:32, 33) Yezu arabumvira ikigongwe akabakora ku maso, maze akabwira canecane umwe muri bo ati: “Genda, ukwizera kwawe kuragukijije.” (Mariko 10:52) Abo basezi babiri barahumuka, kandi nta gukeka ko bompi baca batangura gushemeza Imana. Abantu babonye ibibaye, na bo nyene barashemeza Imana. Abo bagabo bahoze ari impumyi baca batangura gukurikira Yezu.

Hari amasinzi menshi ariko arakurikira Yezu igihe arengana i Yeriko. Bose bipfuza kubona uwo muntu yakijije za mpumyi. Abantu barahundara kuri Yezu ku buryo bamwebamwe badashobora no kumubona. Muri abo harimwo Zakayo. Ni umukuru w’abatozakori b’i Yeriko no mu micungararo yaho. Kubera ko ari mugufi, ntashobora kubona ibiriko biraba. Nuko Zakayo arirukanga maze akurira igiti c’umusukomora kiri ku nzira Yezu ariko aracamwo. Ari hejuru kuri co, arashobora kubona ibintu vyose. Yezu yegereye akabona Zakayo hejuru ku giti, amubwira ati: “Zakayo, nyarutsa wururuke, kuko uno musi ntegerezwa kurara mu nzu iwawe.” (Luka 19:5) Zakayo arururuka hama akirukanga i muhira kugira yakire uwo mushitsi w’iteka.

Abantu babonye ibiriko biraba, batangura kwidoga. Biyumvira ko bitabereye ko Yezu agendera umuntu babona ko ari umunyavyaha. Zakayo yari yaratunze kubera amahera asahura abantu igihe atoza ikori.

Yezu yinjiye kwa Zakayo, abantu bidoga bati: “Ku muntu w’umucumuzi ni ho yinjiye kurara.” Ariko rero, Yezu arabona ko Zakayo ashobora kwigaya. Kandi ukwo nyene ni ko bigenda. Zakayo arahaguruka akamubwira ati: “Ehe ica kabiri c’ivyo ntunze, Mukama, ngira ndagihe aboro, kandi ico cose nanyaze uwo ari we wese mu kumwagiriza ibinyoma, ngira ndagisubize incuro zine.”​—Luka 19:7, 8.

Umve nawe ingene Zakayo yerekanye ko yigaye vy’ukuri! Afatiye ku nyandiko z’amakori, arashobora guharura amahera yanyaze Abayuda batandukanye, kandi asezerana kuyariha incuro zine. Ivyo birarengeye mbere n’ivyo amategeko y’Imana asaba. (Kuvayo 22:1; Abalewi 6:2-5) Vyongeye, Zakayo asezerana gufata ica kabiri c’ivyo atunze akagiha aboro.

Yezu arahimbarwa n’ukwo kuntu Zakayo yerekanye ko yigaye, akamubwira ati: “Uno musi ubukiriro bwaje kuri iyi nzu, kubera ko na we nyene ari umwana wa Aburahamu. Kuko Umwana w’umuntu yaje kurondera no gukiza icatakaye.”​—Luka 19:9, 10.

Yezu yaheruka kuvuga ibijanye n’abacumuzi ‘batakaye’ muri ya nkuru y’umwana w’icangazi. (Luka 15:11-24) Ubu rero aratanze ikimenyamenya kizima c’umuntu yari yaratakaye none agarutse. Abakuru b’idini n’abayoboke babo bashobora kuba bidogera Yezu bakanamutora amahinyu kubera yiyegereza abantu bameze nka Zakayo. Naho ari ukwo, Yezu arabandanya kurondera no kugarura abana ba Aburahamu batakaye.