Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 100

Umugani w’imina cumi

Umugani w’imina cumi

LUKA 19:11-28

  • YEZU ACA UMUGANI W’IMINA CUMI

Naho Yezu ariko aja i Yeruzalemu, ashobora kuba akiri kumwe n’abigishwa biwe kwa Zakayo. Abigishwa biyumvira ko “ubwami bw’Imana” burongowe na Yezu bugiye gutangura kuganza. (Luka 19:11) Ntibatahura ko Yezu ataragera kuganza nka kurya nyene badatahura ko ategerezwa gupfa. Ku bw’ivyo, abacira umugani ubafasha kubona ko Ubwami bw’Imana bukiri kure.

Avuga ati: “Umuntu umwe wo mu muryango uhambaye yafashe urugendo aja mu gihugu ca kure kwihesha ububasha bwa cami agaheza akagaruka.” (Luka 19:12) Urwo rugendo rwomaze igihe. Biraboneka ko Yezu ari uwo muntu “wo mu muryango uhambaye” aja mu “gihugu ca kure,” ni ukuvuga mw’ijuru, aho Se wiwe yomwimitse akaba umwami.

Muri uwo mugani, imbere y’uko uwo muntu “wo mu muryango uhambaye” afata urugendo, arahamagara abashumba cumi, umwe wese akamuha imina y’ifeza, akababwira ati: “Mucuruze kugeza nje.” (Luka 19:13) Imina z’ifeza ni amahera y’agaciro. Imina imwe ingana n’umushahara umukozi w’umurimyi ahembwa mu mezi arenga atatu.

Abigishwa bashobora kuba batahura ko bameze nk’abo bashumba cumi, kuko Yezu yari amaze kubagereranya n’abimbuzi. (Matayo 9:35-38) Birumvikana ko atabasaba kwimbura umwimbu w’ibiterwa. Ahubwo iryo yimbura ryerekeye kurondera abandi bigishwa bashobora kuzoragwa Ubwami bw’Imana. Barakoresha ibintu vy’agaciro bafise kugira barondere abandi bantu bazotorana Ubwami.

Ni ibiki kandi Yezu avuga muri uwo mugani? Avuga ko abanyagihugu ‘bafitiye urwanko uwo muntu wo mu muryango uhambaye be n’uko batuma umugwi w’ababaserukira inyuma yiwe, kuvuga bati: “Ntidushaka ko uwo muntu atubera umwami.”’ (Luka 19:14) Abigishwa barazi yuko Abayuda baterekwa Yezu. Mbere bamwe muri bo bashaka kumwica. Yezu amaze gupfa hama akaja mw’ijuru, Abayuda muri rusangi barerekana ko bamwanka mu guhama abigishwa biwe. Abo bansi biwe barerekana neza ko badashaka ko Yezu aba Umwami.​—Yohani 19:15, 16; Ivyakozwe 4:13-18; 5:40.

None ba bashumba cumi bakoresha gute za mina gushika wa muntu “wo mu muryango uhambaye” aronse “ububasha bwa cami” hama akagaruka? Yezu agira ati: “Amaherezo aho agarukiye amaze kwihesha ububasha bwa cami, ategeka ko bamuhamagarira abo bashumba yari yahaye amafeza, kugira ngo amenye ico bari bungutse mu rucuruza. Maze uwa mbere araza, avuga ati: ‘Mukama, imina yawe yungutse imina cumi.’ Nuko amubwira ati: ‘Wakoze neza, mushumba mwiza! Ko werekanye ko uri umwizigirwa mu kintu gitoyi cane, nugire ububasha ku bisagara cumi.’ Uwa kabiri araza, avuga ati: ‘Imina yawe, Mukama, yavuyemwo imina zitanu.’ Abwira n’uyo ati: ‘Na wewe nyene, nugabe ibisagara bitanu.’”​—Luka 19:15-19.

Niba abigishwa batahura ko bameze nk’abo bashumba bakoresha neza ubutunzi bwabo kugira bunguke abandi bigishwa, barashobora kwizigira ko Yezu azohimbarwa. Barashobora kandi kwizigira ko azobaronsa impera kubera umwete wabo. Ego ni ko, ivyabo ntivyifashe kumwe kandi ntibanganya ubushobozi. Ariko rero Yezu, umwe ahabwa “ububasha bwa cami,” azoshima yongere ahezagira utwigoro bagira mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa.​—Matayo 28:19, 20.

Ariko rero, raba ukuntu Yezu asozera uwo mugani. Agira ati: “Mugabo uwundi [mushumba] araza, avuga ati: ‘Mukama, ng’iyi imina yawe, iyo nagumije ibitswe mu mpuzu. Urabona, naragutinye, kuko uri umuntu akara; utora ivyo utabikije kandi ugashwabura ivyo utabivye.’ Amubwira ati: ‘Ngucira urubanza ku bivuye mu kanwa kawe bwite, wa mushumba mubi we! Wari uzi rero yuko ndi umuntu akara, ntora ivyo ntabikije, ngashwabura ivyo ntabivye? Kubera iki none utashize amafeza yanje muri banki? Maze nshitse nari kuyegeranya kumwe n’inyungu.’ Aca abwira abari bahagaze ng’aho ati: ‘Mwake iyo mina muyihe umwe afise imina cumi.’”​—Luka 19:20-24.

Uwo mushumba arahomba kubera atakoze kugira yongereze ubutunzi bw’ubwami bwa shebuja. Intumwa zirashashaye kubona Yezu atanguye kuganza mu Bwami bw’Imana. Bafatiye rero ku vyo Yezu avuga ku bijanye n’uwo mushumba wa nyuma, bashobora kuba batahura ko hamwe batokorana umwete, ata kibanza bazoronka muri ubwo Bwami.

Amajambo ya Yezu araremesha abigishwa b’intahemuka gukora bivuye inyuma. Asozera ati: “Uwo wese afise, azokwongerwa; mugabo uwudafise, n’ico afise azocakwa.” Yongerako yuko abansi biwe badashaka ko ‘ababera umwami’ bazorandurwa. Yezu aca abandanya urugendo rwiwe rumushikana i Yeruzalemu.​—Luka 19:26-28.