Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 102

Umwami yinjira i Yeruzalemu

Umwami yinjira i Yeruzalemu

MATAYO 21:1-11, 14-17 MARIKO 11:1-11 LUKA 19:29-44 YOHANI 12:12-19

  • YEZU YINJIRANA IMPUNDU I YERUZALEMU

  • AMENYESHA KO YERUZALEMU IZOTIKIZWA

Bukeye ku wa mungu itariki 9 Nisani, Yezu arava i Betaniya ari kumwe n’abigishwa biwe akaja i Yeruzalemu. Begereje i Betifage ku Musozi w’imyelayo, Yezu aratuma abigishwa biwe babiri.

Ababwira ati: “Nimuje muri kiriya kigwati mubona, muca muhasanga indogobwa iziritse iri kumwe n’umwana wayo; mubiziture, mubinzanire. Nihagira uwubavugisha, muvuge muti: ‘Umukama arabikeneye.’ Aca abirungika buno nyene.”​—Matayo 21:2, 3.

Abigishwa ntibatahura ko ico kintu Yezu abasavye cari caravuzwe muri Bibiliya. Ariko rero mu nyuma baratahura ko ico kintu gishitsa amajambo Zekariya yari yaravuze. Yari yavuze ko Umwami yasezeranywe n’Imana yokwinjiye i Yeruzalemu “[yicishije] bugufi, kandi agendera ku ndogobwa, egome, ku gitungwa gikuze kivuka ku ndogobwa y’ingore.”​—Zekariya 9:9.

Abigishwa bashitse i Betifage maze bagatora ya ndogobwa na nyina wayo, abari ng’aho bababaza bati: “Ni ibiki ko muzitura uwo mwana w’indogobwa?” (Mariko 11:5) Mugabo aho bababwiriye ko Umukama ari we akeneye ivyo bitungwa, baca babareka bakabitwara. Nuko abigishwa bashira imitamana yabo kuri iyo ndogobwa no ku mwana wayo, mugabo Yezu yurira kuri uyo mwana wayo.

Uko Yezu agenda i Yeruzalemu yicaye kuri iyo ndogobwa, isinzi riguma ryongerekana. Benshi barasasa impuzu zabo mu nzira. Abandi na bo baraca amashami y’ibiti “mu matongo” maze bakayasasa hasi. Barasemerera bati: “Kiza, turatakamvye! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova! Burahezagiwe ubwami bwa data Dawidi buriko buraza!” (Mariko 11:8-10) Abafarizayo bari muri iryo sinzi bumvise ayo majambo barashavura. Babwira Yezu bati: “Mwigisha, hambarira abigishwa bawe.” Yezu abishura ati: “Ndabibabwiye: Hamwe aba boguma bacereje, amabuye yosemerera.”​—Luka 19:39, 40.

Yezu abonye igisagara ca Yeruzalemu, aca atangura kukirira akavuga ati: “Iyo wewe uza kumenya uno musi ibijanye n’amahoro​—mugabo ubu bihishijwe amaso yawe.” Yeruzalemu izokwibonerako kubera ubugarariji bwayo. Yezu avuga ati: “Abansi bawe bazokwubaka hirya no hino yawe igihome c’ibisonga, kandi bazogukikuza bagusugereze impande zose, bagutsinde hasi wewe n’abana bawe bari muri wewe, kandi ntibazosiga ibuye na rimwe rigeretse ku rindi muri wewe.” (Luka 19:42-44) Nk’uko nyene Yezu yabivuze, Yeruzalemu yaratikijwe mu mwaka wa 70.

Yezu yinjiye i Yeruzalemu, ‘igisagara cose kiraja mu ruyogoyogo, kikavuga ngo: “Uyu ni nde?”’ Amasinzi na yo aguma avuga ati: “Uyu ni wa muhanuzi Yezu, w’i Nazareti h’i Galilaya!” (Matayo 21:10, 11) Ababonye ingene Yezu yazuye Lazaro bariganira abandi ico gitangaro. Abafarizayo baritonganya ko ata co bariko barashikako. Bavugana bati: “Isi yose yamukondoreye inyuma.”​—Yohani 12:18, 19.

Nk’uko asanzwe abigira igihe agiye i Yeruzalemu, Yezu araja ku rusengero kwigisha. Ng’aho mu rusengero arakiza impumyi n’abamugaye. Abakuru b’abaherezi n’abanyabwenge b’ivyanditswe barashavura babonye ivyo ariko arakora bakumva n’abana b’abahungu basemerera mu rusengero bati: “Turatakamvye, kiza Umwana wa Dawidi!” Abo bakuru b’idini bamubaza bati: “Urumva ivyo aba bariko baravuga?” Abishura ati: “Mbega ntimwigeze musoma ngo: ‘Bivuye mu kanwa k’inzoya n’abonka wazanye ishemezo’?”​—Matayo 21:15, 16.

Yezu areraguza akaraba ibintu biri mu rusengero. Kubera yuko amasaha agiye, arava ng’aho akajana n’intumwa ziwe. Asubira i Betaniya imbere y’uko igenekerezo rya 10 Nisani ritangura maze akararayo mw’ijoro ryo ku wa mungu.