Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 106

Uturorero tubiri tujanye n’umurima w’imizabibu

Uturorero tubiri tujanye n’umurima w’imizabibu

MATAYO 21:28-46 MARIKO 12:1-12 LUKA 20:9-19

  • AKARORERO K’ABAHUNGU BABIRI

  • AKARORERO K’ABAKOZI BO MU MURIMA W’IMIZABIBU

Yezu ari ku rusengero, akaba ahejeje kunumya abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye bariko baramubaza aho akura ububasha akoresha. Inyishu abaha ituma badasubira gukurako umunwa. Aca atanga akarorero kerekana ukuntu abo bantu bameze vy’ukuri.

Yezu yigana ati: “Hābaye umuntu yar’afise abahungu babiri: aragenda abarira umukuru, ati Genda, mwana wanje, uyu musi uje gukora mu ruzabibu. Aramwishura, at’Eka singenda. Maze hanyuma aririmbura, aragenda. Aja ku wa kabiri, amubwira kuno. Aramwishura, ati Ndagiye muvyeyi; ntiyajayo. None mur’abo bompi n’uwuhe yakoze ivyo se agomba? (Matayo 21:28-31, Bibiliya Yera) Inyishu iratomoye: umuhungu wa mbere ni we yahavuye akora ukugomba kwa se.

Yezu rero abwira abamurwanya ati: “Ni ukuri, ndababwiye yuko abatozakori n’abamaraya bariko barabatanga kwinjira mu bwami bw’Imana.” Mu ntango, abatozakori n’abamaraya ntibakorera Imana. Ariko rero cokimwe n’uwo muhungu wa mbere, bahavuye bigaya batangura kuyikorera. Abakuru b’idini bobo bameze nk’uwo muhungu wa kabiri: bavuga ko bakorera Imana ariko mu vy’ukuri nta vyo bagira. Yezu avuga ati: “Yohani [Umubatizi] yaje kuri mwebwe mu nzira y’ubugororotsi, mugabo ntimwamwemera. Ariko abatozakori n’abamaraya baramwemeye, mugabo mwebwe, naho ivyo mwabibonye, ntimwicujije mu nyuma ngo mumwemere.”​—Matayo 21:31, 32.

Yezu aca atanga akandi karorero. Ubu ho yerekana ko abakuru b’idini badakorera Imana kubera ukuvyirengagiza gusa. Ahubwo ni ababisha. Yigana ati: “Umuntu umwe yateye umurima w’imizabibu, awukikuza uruzitiro, hanyuma yimba ikinogo c’uruganiro rw’umuvinyu, yubaka n’umunara, hanyuma awukotesha ku barimyi, araheza afata urugendo aja mu mahanga. Igihe kigeze, atuma umushumba kuri nya barimyi, ngo bamuhe ku vyamwa vya nya murima w’imizabibu. Mugabo baramufata, baramuhuragura hanyuma bamurungika imbokoboko. Yongera atuma uwundi mushumba kuri bo; uwo na we baramukubita ku mutwe bongera baramutetereza. Hanyuma atuma uwundi, uwo na we barica; n’abandi benshi, bamwe muri bo barabahuragura, abandi na bo barabica.”​—Mariko 12:1-5.

Abariko barumviriza Yezu boba batahura ako karorero? Bashobora kuba bibuka amajambo Yesaya yavuze yagiriza Abisirayeli ati: “Umurima w’imizabibu wa Yehova nyen’ingabo [ni] inzu ya Isirayeli, abantu ba Yuda na bo bakaba igitâra yakunda cane. Kandi yaguma yiteze urubanza rugororotse, mugabo, ehe hari ukurenga itegeko.” (Yesaya 5:7) Akarorero ka Yezu kavuga ibintu bisa n’ivyo. Yehova ni we nyene uwo murima, ihanga rya Isirayeli na ryo ni uwo murima w’imizabibu ukingiwe n’amategeko y’Imana agereranywa n’uruzitiro. Yehova yararungitse abahanuzi kugira bigishe abantu biwe maze babafashe kwama ivyamwa vyiza.

Ariko rero, “abarimyi” barakubaguye “abashumba” babatumweko bongera barabica. Yezu asigura ati: “[Nyene umurima w’imizabibu] yari afise wundi umwe, umwana w’umukundwa. Amurungika kuri bo ari we wa nyuma, avuga ati: ‘Bazokwubaha umwana wanje.’ Mugabo abo barimyi bavugana hagati yabo bati: ‘Uyu ni we samuragwa. Ingo tumwice, maze intoranwa izoca iba rwacu.’ Nuko baramufata baramwica.”​—Mariko 12:6-8.

Ubu na ho Yezu ababaza ati: “None nyen’umurima azokora iki?” (Mariko 12:9) Abakuru b’idini bamwishura ati: “Kubera ko ari babi, azobatikiza bimwe bibi, nya murima na wo awuhe abandi barimyi bazomuhereza ivyamwa igihe kigeze.”​—Matayo 21:41.

Gutyo, bariciriye urubanza batabizi, kuko bari muri abo “barimyi” bo mu “murima w’imizabibu” wa Yehova, ni ukuvuga ihanga rya Isirayeli. Mu vyamwa Yehova yiteze ko abo barimyi bama harimwo ukwizera Umwana wiwe ari we Misiya. Yezu aritegereza abo bakuru b’idini maze akavuga ati: “Mbega ntimwigeze musoma iki canditswe ngo: ‘Ibuye abubatsi bataye, iryo ni ryo ribaye ibuye nyamukuru rigumya imfuruka. Ivyo vyavuye kuri Yehova, kandi ni agatangaza mu maso yacu’?” (Mariko 12:10, 11) Yezu aca atomora ico ashatse kuvuga ati: “Ni co gituma ndababwiye nti: Ubwami bw’Imana muzobwakwa buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo.”​—Matayo 21:43.

Abanyabwenge b’ivyanditswe n’abakuru b’abaherezi barabona ko Yezu “atanze ico kigereranyo ari bo yiyumvira.” (Luka 20:19) Icipfuzo co kumwica we “samuragwa” abibereye gica kirushiriza gukomera. Ariko baratinya isinzi kuko ribona ko Yezu ari umuhanuzi, ivyo bikaba bituma batarondera kumwica ubwo nyene.