Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 111

Intumwa zisaba ikimenyetso

Intumwa zisaba ikimenyetso

MATAYO 24:3-51 MARIKO 13:3-37 LUKA 21:7-38

  • ABIGISHWA BANE BASABA IKIMENYETSO

  • IRANGUKA RYO MU KINJANA CA MBERE N’INYUMA YAHO

  • DUTEGEREZWA KUGUMA TURI MASO

Ni ku wa kabiri ku muhingamo, igenekerezo rya 11 Nisani rikaba rigira rirangire. Vyongeye, imisi y’ibikorwa vyinshi Yezu yari afise kw’isi na yo nyene igira irangire. Ku murango yahora yigisha mu rusengero, bugorovye agaca aja kurara hanze y’igisagara. Abantu bakunda inyigisho ziwe bahora “[baza] mu gatondo ka kare kuri we mu rusengero kumwumva.” (Luka 21:37, 38) Ubu vyarangiye. Yezu yicaye ku Musozi w’imyelayo ari kumwe n’intumwa ziwe zine, ari bo Petero, Andereya, Yakobo na Yohani.

Izo ntumwa zine zaje kuri we ari zonyene. Barajwe ishinga n’urusengero, kuko Yezu ahejeje kuvuga ko ata buye ryarwo rizosigara rigeretse ku rindi. Ariko rero si ivyo vyonyene bibaraje ishinga. Yezu yari yabahimirije ati: “Mugume mwiteguye, kubera ko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.” (Luka 12:40) Yaravuze kandi ibijanye n’“umusi Umwana w’umuntu azobwirizwa guhishurwa.” (Luka 17:30) None ivyo vyoba bifitaniye isano n’ivyo ahejeje kuvuga ku vyerekeye urusengero? Intumwa zirashashaye kubimenya. Zivuga ziti: “Tubwire: Ivyo bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?”​—Matayo 24:3.

Bashobora kuba bariko biyumvira ibijanye n’iherezo ry’urwo rusengero babona hafi yabo. Bipfuza kandi kumenya igihe Umwana w’umuntu yokwimitswe mw’ijuru. Bashobora kuba bibuka ko Yezu yatanze akarorero k’“umuntu umwe wo mu muryango uhambaye yafashe urugendo aja . . . kwihesha ububasha bwa cami agaheza akagaruka.” (Luka 19:11, 12) Ubwa nyuma na ho, bipfuza kumenya ingene bizogenda ku “nsozero y’ivy’isi.”

Mu nyishu iramvuye Yezu atanga, arabaha ikimenyetso cerekana igihe ikibano c’Abayuda corangiriye, ushizemwo n’urusengero rwabo. Mugabo arabaha n’ayandi makuru. Ico kimenyetso mu nyuma cofashije abakirisu kumenya ko babayeho mu gihe c’“ukuhaba” kwiwe, ni ukuvuga igihe yobaye yimitswe mw’ijuru be n’uko iherezo ry’ivy’isi ryegereje.

Uko imyaka irengana, intumwa za Yezu ziribonera ingene ivyo yavuze biranguka. Mbere ibintu vyinshi yavuze bitangura kuranguka bakiriho. Ku bw’ivyo, abakirisu bari maso inyuma y’imyaka 37, ni ukuvuga mu 70, ntibatangazwa n’uko ikibano c’Abayuda n’urusengero rwabo vyimirije gutikizwa. Ariko rero, ivyo Yezu yavuze vyose ntibiranguka gushika mu mwaka wa 70. Ni ibiki none bizokwerekana ko yimitswe mw’ijuru? Yezu araha inyishu intumwa ziwe.

Yezu avuga ko hazoba “intambara n’amakuru y’intambara” be n’uko “ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami bugahagurukira ubundi bwami.” (Matayo 24:6, 7) Avuga kandi ko “hazoba vya nyamugigima bikomakomeye, habe n’ibiza n’amapfa biva hamwe bija ahandi.” (Luka 21:11) Yezu agabisha abigishwa biwe ati: “Bazobashorerako amaboko, babahame.” (Luka 21:12) Hazokwaduka abahanuzi b’ikinyoma bazimize benshi. Ubugarariji buzogwira, kandi urukundo rwa benshi ruzotimba. Avuga kandi ko “inkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo ri[ce] riza.”​—Matayo 24:14.

Naho ivyo Yezu yavuze hari ukuntu vyarangutse igihe Abaroma batikiza Yeruzalemu n’imbere yaho, ubwo ntivyoba bifise irindi ranguka rihambaye kuruta? Woba ubona ibimenyamenya vyerekana ko amajambo akomeye Yezu yavuze ariko araranguka mu buryo buhambaye muri iki gihe cacu?

Umwe mu mice igize ikimenyetso Yezu avuga ko cokwerekanye ko yimitswe mw’ijuru, ni uguseruka kw’“ikintu gisesemye giteza ubugesera.” (Matayo 24:15) Mu 66, ico kintu gisesemye caserutse ari “ingabo [z’Abaroma] zishinze ikambi,” zitwaje amabendera y’ibigirwamana vyabo. Abaroma barakikuje Yeruzalemu bongera barabomora ibice bimwebimwe vy’uruhome rwayo. (Luka 21:20) Gutyo rero, ca “kintu gisesemye” cari gihagaze aho kidakwiriye, ni ukuvuga ahantu Abayuda babona ko ari “heranda.”

Yezu yongerako ati: “Hazoba amakuba akomeye atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, kandi atazokwongera kubaho.” Mu 70 Abaroma baratikije Yeruzalemu. Igihe bigarurira ico ‘gisagara ceranda’ c’Abayuda hamwe n’urusengero rwaho, yabaye amakuba akomeye yahitanye abantu ibihumbi. (Matayo 4:5; 24:21) Ico gisagara hamwe n’Abayuda ntibari bwigere babona amakuba akomeye nk’ayo, kandi ivyo vyatumye uburyo bwo gusenga bari bamaze imyaka amajana bisunga buhagarara. Uca wumva ko iranguka nyamukuru ry’ayo majambo ya Yezu rizoba riteye ubwoba koko.

ABIGISHWA NTIBAKWIYE KWIHEBURA

Yezu ntaraheza kuyaga n’intumwa ziwe ibijanye n’ikimenyetso cokwerekanye ko yabaye umwami mw’ijuru be n’uko insozero y’ivy’isi yegereje. Aca abagabisha ku bijanye no gukurikira “ba Kristu b’ikinyoma n’abahanuzi b’ikinyoma.” Avuga ko bazokora ibishoboka vyose “kugira ngo bishobotse bazimize n’abatowe.” (Matayo 24:24) Ariko abo batowe ntibazozimizwa. Ba Kristu b’ikinyoma baza mu buryo buboneka. Ariko Yezu wewe igihe yokwimitswe abantu ntibobibonye.

Mu kuvuga ibijanye n’amakuba akomeye cane yobaye ku nsozero y’ivy’isi, Yezu agira ati: “Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzotanga umuco wakwo, n’inyenyeri zizotibagurika ziva kw’ijuru, kandi ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa.” (Matayo 24:29) Intumwa zumvise ayo majambo ateye ubwoba ntizitahura neza ibizoshika, ariko nta gukeka ko bizoba bikomeye cane.

None ivyo bizogira ingaruka izihe ku bantu? Yezu avuga ati: “Abantu bazorabikwa n’ubwoba be n’ukwitega ibintu biza kw’isi; kuko ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa.” (Luka 21:26) Emwe, ico kizoba ari igihe kigoye kuruta ibindi vyose vyashikiye abantu.

Igihumuriza, Yezu aratomorera intumwa ziwe ko atari abantu bose bazoba bariko baraniha ‘Umwana w’umuntu niyaza ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi.’ (Matayo 24:30) Yari amaze kuvuga ko Imana izohaseruka “ku bw’abatowe.” (Matayo 24:22) None abo bigishwa b’intahemuka bakwiye kuvyifatamwo gute mu gihe c’ivyo bintu biteye ubwoba Yezu ahejeje kuvuga? Yezu aremesha abayoboke biwe ati: “Ivyo bintu nivyatangura kuba, muze muhagarare mugororotse, muraramike imitwe, kuko ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza.”​—Luka 21:28.

Ariko none, abigishwa ba Yezu bobayeho muri ico gihe bomenye gute ko iherezo ryegereje? Yezu atanga akarorero k’igiti c’umusukoni ati: “Iyo ishami ryaco rikiri rito rikimara gutoha, rikazana amababi, muca mumenya yuko ici riri hafi. Na mwebwe nyene, mukabona ivyo bintu vyose, muze mumenye ko ari hafi ku miryango. Ni ukuri, ndababwiye yuko iri yaruka ritazogenda rivuyeho ivyo vyose bitabaye.”​—Matayo 24:32-34.

Ku bw’ivyo rero, abigishwa babonye imice myinshi y’ico kimenyetso iriko iraranguka, bakwiye guca batahura ko iherezo ryegereje. Yezu araha impanuro abigishwa bobayeho muri ico gihe gihambaye.

Avuga ati: “Nayo ivy’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa. Kuko nk’uko imisi ya Nowa yari imeze, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera. Kuko nk’uko bari bameze muri iyo misi y’imbere ya rya segenya, barya bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa yinjiriye mu bwato, ntihagire ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera.” (Matayo 24:36-39) Ico kintu Yezu afatirako, ni ukuvuga wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa, cabaye kw’isi yose.

Intumwa ziriko zirumviriza Yezu ku Musozi w’imyelayo nta nkeka ko zitahura ko zikwiye kuguma ziri maso. Yezu avuga ati: “Mwiyubare ubwanyu kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurira agahokero n’ukunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabazako ako kanya nyene nk’umutego. Kuko uzoza ku bantu bose baba kw’isi yose iyo iva ikagera. Mugume murikanuye rero, mutakamba igihe cose kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu.”​—Luka 21:34-36.

Yezu arongeye kwerekana ko ivyo ariko aravuga bitazoba mu gice kimwe gusa. Ntariko avuga ibintu vyobaye mu myaka mirongo iri imbere kandi vyogize ingaruka gusa ku gisagara ca Yeruzalemu canke kw’ihanga ry’Abayuda. Ariko avuga ibintu “[bi]zoza ku bantu bose baba kw’isi yose iyo iva ikagera.”

Avuga ko abigishwa biwe bokeneye kuguma barikanuye no kwama biteguye. Mu gushimika kuri ico ciyumviro, Yezu abaha akandi karorero ati: “Mumenye ikintu kimwe: iyaba nyen’urugo yari azi iterama igisuma coziyemwo, yogumye arikanuye ntareke ngo inzu yiwe imenwe. Ku bw’ivyo, na mwebwe nyene mwame mwiteguye kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.”​—Matayo 24:43, 44.

Yezu abandanya yereka abigishwa biwe igituma badakwiye kwihebura. Arabahumuriza yuko igihe amajambo yiwe yobaye ariko araranguka hobaye hariho “umushumba” aguma agavye kandi akorana umwete. Afatira ku kintu intumwa ziwe zimenyereye, akagira ati: “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge shebuja yashinze abakozi biwe bo mu nzu, kugira abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye? Hahiriwe uwo mushumba shebuja niyashika azosanga ariko akora atyo! Ni ukuri ndabibabwiye: Azomuzeza ivyo atunze vyose.” Ariko uwo “mushumba” niyadukana ingeso mbi agatangura gufata abandi nabi, shebuja “azomuhana bimwe vya ruhasha.”​—Matayo 24:45-51; gereranya na Luka 12:45, 46.

Ariko rero, Yezu ntashaka kuvuga ko bamwe mu bayoboke biwe bazokwadukana ingeso mbi. None ni icigwa ikihe ashaka guha abigishwa biwe? Yipfuza ko baguma bari maso kandi bagakorana umwete, nk’uko abitomora mu kandi karorero aca atanga.