Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 112

Icigwa cerekeye ukuba maso

Icigwa cerekeye ukuba maso

MATAYO 25:1-13

  • YEZU ATANGA AKARORERO K’ABIGEME CUMI B’ISUGI

Yezu yariko arishura ikibazo c’intumwa ziwe kijanye n’ikimenyetso cokwerekanye ko yimitswe mw’ijuru be n’uko iherezo ry’ivy’isi ryegereje. Afatiye kuri ivyo, aca abaha impanuro nziza akoresheje akandi karorero. Abobaye ari bazima mu gihe yobaye yimitswe mw’ijuru bokwiboneye iranguka ry’ibivugwa muri ako karorero.

Mu gutangura ako karorero, avuga ati: “Ubwami bwo mw’ijuru buzomera nk’abigeme cumi b’isugi batoye amatara yabo, barasohoka baja gusanganira umukwe. Batanu muri bo bari ibijuju, bandi batanu bari ab’ubwenge.”​—Matayo 25:1, 2.

Yezu ntashaka kuvuga ko igice c’abigishwa biwe bazoragwa Ubwami bwo mw’ijuru ari ibijuju, abandi na bo bakaba ab’ubwenge. Ahubwo ashaka kwerekana ko ku bijanye n’Ubwami, umwe wese mu bigishwa biwe ashobora kwihitiramwo kuguma ari maso canke gusamara. Ariko rero, Yezu nta makenga afise yuko umwe wese mu bigishwa biwe ashobora kuguma ari umwizigirwa maze agahezagirwa na Se wiwe.

Muri ako karorero, abo bigeme bose uko ari cumi barasohoka gusanganira umukwe no kwifatanya n’abandi mu rugendo rwo guherekeza abageni. Umukwe ashitse, abo bigeme baraza kumurika inzira n’amatara yabo, babe bamuteye iteka igihe azanye umugeni wiwe mu nzu yateguriwe. Ariko none ibintu bigenda gute?

Yezu asigura ati: “Abari ibijuju ba[ra]twaye amatara yabo mugabo ntibayatwarana n’amavuta, ab’ubwenge bobo batwara amavuta mu macupa yabo, bayatwarana n’amatara yabo. Umukwe agitebaganye, bose batangura guhunyiza hanyuma baja kuryama.” (Matayo 25:3-5) Umukwe ntashika kw’isaha bari biteze. Bisa n’uko ateba cane, abo bigeme bagaca batwarwa n’agatiro. Intumwa zishobora kuba zibuka ivyo Yezu yavuze ku bijanye na wa muntu wo muryango uhambaye yafata urugendo hama “amaherezo [akagaruka] amaze kwihesha ububasha bwa cami.”​—Luka 19:11-15.

Muri ako karorero k’abigeme cumi, Yezu aravuga ingene bigenda igihe umukwe atevye agashika. Agira ati: “Mw’ijoro hagati humvikana akamo ngo: ‘Ng’uyu umukwe! Nimusohoke kumusanganira.’” (Matayo 25:6) None yoba asanga abo bigeme biteguye kandi bagavye?

Yezu abandanya ati: “Maze abo bigeme b’isugi bose barahaguruka batunganya amatara yabo. Bamwe b’ibijuju babwira ab’ubwenge bati: ‘Duheko ku mavuta yanyu, kubera ko amatara yacu agira azime.’ Bamwe b’ubwenge bishura bati: ‘Hari aho hatoboneka ayahagije yodukwira twe namwe. Ahubwo nimuje ku bayagurisha mwigurire.’”​—Matayo 25:7-9.

Abo bigeme batanu b’ibijuju rero ntibaguma bagavye kandi ntibiteguriye ukuza kw’umukwe. Nta mavuta akwiye bafise, bakaba bakeneye kurondera ayandi. Yezu yigana ati: “Bakigenda kugura, wa mukwe arashika, maze ba bigeme b’isugi bari biteguye binjirana na we ku nzimano y’ubugeni; umuryango uca urugarwa. Mu nyuma ba bigeme bandi na bo baraza, bavuga bati: ‘Mutungwa, mutungwa, twugururire!’ Yishura ati: ‘Ndababwiye ukuri: Sindabazi.’” (Matayo 25:10-12) Ese ukuntu bibabaje kubona batagumye biteguye kandi bagavye!

Intumwa zirashobora kubona ko uwo mukwe ari Yezu nyene. Yari amaze kwigereranya n’umukwe. (Luka 5:34, 35) Abo bigeme b’ubwenge bo ni bande? Igihe Yezu yavuga ivyerekeye “ubusho buto” bworazwe Ubwami, yagize ati: “Nimukenyere mu mafyinga, n’amatara yanyu agume yaka.” (Luka 12:32, 35) Ku bw’ivyo, muri ako karorero k’abigeme cumi, intumwa zirashobora gutahura ko Yezu ari zo nyene ariko aravuga. None ni igiki Yezu ashaka kubigisha biciye kuri ako karorero?

Yezu aragitomora neza. Asozera ako karorero mu kuvuga ati: “Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha.”​—Matayo 25:13.

Biratomoye rero ko Yezu ariko yibutsa abayoboke biwe b’intahemuka yuko bokeneye ‘kuguma bari maso’ bakamenya ko yimitswe mw’ijuru. Yobaye ariko araza, bakaba rero bakeneye kwitegura no kuguma barikanuye nka ba bigeme batanu b’ubwenge, kugira ntibanjajwe ku cizigiro ciza bafise maze impembo yabo ikabaca mu myanya y’intoke.