Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 113

Icigwa cerekeye ugukorana umwete

Icigwa cerekeye ugukorana umwete

MATAYO 25:14-30

  • YEZU ATANGA AKARORERO K’ITALANTO

Igihe Yezu akiri kumwe n’intumwa ziwe zine ku Musozi w’imyelayo, araziha akandi karorero. Imisi mikeyi imbere y’aho, igihe yari i Yeriko, yaratanze akarorero k’imina kugira yerekane ko Ubwami butaragera gushingwa. Akarorero agira atange karafitaniye isano cane n’ako ka mbere. Aracariko arishura ca kibazo cerekeye igihe yotanguye kuganza be n’iherezo ry’ivy’isi. Ako karorero karerekana ko abigishwa biwe bategerezwa kurangurana umwete ibikorwa abazeza.

Yezu atangura ati: “Bimeze nk’igihe umuntu yagira afate urugendo ngo aje mu mahanga, agahamagaza abashumba biwe akabazeza ivyo atunze.” (Matayo 25:14) Ko Yezu amaze kwigereranya n’umuntu yagiye mu mahanga “kwihesha ububasha bwa cami,” intumwa zica zitahura ko uwo “muntu” ari Yezu.​—Luka 19:12.

Imbere y’uko uwo muntu avugwa muri ako karorero aja mu mahanga, arazeza abashumba biwe ibintu vy’agaciro. Mu myaka itatu n’igice Yezu amaze akora igikorwa ciwe, yibanze ku kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana yongera aramenyereza abigishwa biwe. Ubu rero agira agende, akaba yizigiye ko bazobandanya ico gikorwa.​—Matayo 10:7; Luka 10:1, 8, 9; gereranya na Yohani 4:38; 14:12.

Muri ako karorero, uwo muntu agaburira gute abashumba biwe ivyo atunze? Yezu yigana ati: “Umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi na we imwe, umwe wese nk’uko ubushobozi bwiwe bwite buri, araheza aja mu mahanga.” (Matayo 25:15) None abo bashumba bazokoresha gute italanto bahawe? Boba bazokorana umwete ku buryo shebuja yunguka?

Yezu abwira intumwa ziwe ati: “Buno nyene umwe yaronka za talanto zitanu aca aragenda arazicuruza, yunguka zindi zitanu. Umwe yaronka zibiri na we nyene yunguka zindi zibiri. Mugabo umwe yaronka imwe gusa aragenda, yimba mw’ivu, anyegeza amafeza ya shebuja.” (Matayo 25:16-18) None bizogenda gute shebuja niyagaruka?

Yezu arabandanya ati: “Haciye igihe kirekire shebuja wa nya bashumba araza, arabishuza.” (Matayo 25:19) Babiri ba mbere barakoze ivyo bashoboye vyose, “umwe wese nk’uko ubushobozi bwiwe bwite buri.” Umwe wese yarakoranye umwete, bituma ivyo shebuja yamujeje vyunguka. Uwaronse italanto zitanu yungutse zindi zitanu, uwaronse zibiri na we yunguka zindi zibiri. (Ico gihe umukozi yakora nk’imyaka 19 kugira aronke umushahara ungana n’italanto imwe.) Shebuja arabakeza bose, akababwira ati: “Wakoze neza, mushumba mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bikeya. Nzogushinga vyinshi. Injira mu kanyamuneza ka shobuja.”​—Matayo 25:21.

Ariko rero, si ko bigenda kuri wa mushumba yahabwa italanto imwe. Avuga ati: “Databuja, nari nzi yuko uri umuntu w’umuhambazi, ushwabura aho utabivye, ugakumakuma aho utagosoreye. Ivyo vyatumye ngira ubwoba, nca ndagenda nyegeza italanto yawe mw’ivu. Ehe ng’ibi ivyawe.” (Matayo 25:24, 25) Yaranse no kuyishira muri banki kugira ngo shebuja azoronke n’inyungu na nkeyi. Mu bisanzwe, yarahombeje shebuja.

Ntibitangaje kubona shebuja amwita “umushumba mubi kandi w’ikinebwe.” Ivyo yari afise aca abimwaka bigahabwa wa mushumba akorana umwete. Shebuja aca ashinga iyi ngingo: “Umuntu wese afise azokwongerwa agire umurengera; mugabo uwudafise wewe, n’ico yari afise azocakwa.”​—Matayo 25:26, 29.

Ako karorero karigisha ibintu vyinshi abigishwa ba Yezu. Barabona ko igikorwa Yezu abazeza, ni ukuvuga agateka kadasanzwe ko guhindura abantu abigishwa, gihambaye cane. Kandi Yezu yiteze ko ico gikorwa bakirangurana umwete. Ntiyiteze ko bose bakora ibingana muri ico gikorwa yabashinze co kwamamaza. Nk’uko ako karorero kavyerekana, umwe wese akwiye gukora ivyo ashoboye vyose “nk’uko ubushobozi bwiwe bwite buri.” Ivyo ntibishaka kuvuga na gato ko Yezu ahimbarwa igihe umuntu abaye “ikinebwe,” ntakore ivyo ashoboye vyose kugira yongereze ubutunzi bwa Shebuja.

Ariko rero, intumwa zitegerezwa kuba zihimbarwa n’amajambo ahumuriza agira ati: “Umuntu wese afise azokwongerwa.”