Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 114

Kristu acira urubanza intama n’impene

Kristu acira urubanza intama n’impene

MATAYO 25:31-46

  • YEZU ATANGA AKARORERO K’INTAMA N’IMPENE

Yezu ari ku Musozi w’imyelayo, akaba ahejeje gutanga akarorero ka ba bigeme cumi hamwe n’ak’italanto. None asozera gute inyishu aha intumwa ziwe ku kibazo zamubajije cerekeye ikimenyetso cokwerekanye ko yimitswe mw’ijuru be n’uko iherezo ry’ivy’iyi si ryegereje? Asozera mu kubaha akandi karorero ka nyuma kerekeye intama n’impene.

Yezu atangura yerekana ingene ibintu vyifashe, akababwira ati: “Umwana w’umuntu niyashika mu buninahazwa bwiwe, n’abamarayika bose bari kumwe na we, ni ho azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa.” (Matayo 25:31) Aratomora ko ari we muntu nyamukuru avugwa muri ako karorero. Yaravuze kenshi ko ari we “Mwana w’umuntu.”​—Matayo 8:20; 9:6; 20:18, 28.

None ibivugwa muri ako karorero bizoranguka ryari? Bizoranguka Yezu “niyashika mu buninahazwa bwiwe” ari kumwe n’abamarayika hama akicara ku “ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa.” Yari amaze kuvuga ivyerekeye “Umwana w’umuntu aza ku bicu vyo kw’ijuru ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi” ari kumwe n’abamarayika biwe. None ivyo vyobaye ryari? “Buno nyene inyuma y’ayo makuba.” (Matayo 24:29-31; Mariko 13:26, 27; Luka 21:27) Ku bw’ivyo, ibivugwa muri ako karorero bizoranguka Yezu niyaza mu buninahazwa bwiwe. None azoca akora iki?

Yezu asigura ati: “Umwana w’umuntu niyashika . . . , amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe; na we azotandukanya abantu n’abandi, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene. Azoshira intama iburyo bwiwe, mugabo impene azishire ibubamfu bwiwe.”​—Matayo 25:31-33.

Ku bijanye n’intama zizoba ziri mu kibanza ciza, Yezu avuga ati: “Umwami azobwira abari iburyo bwiwe ati: ‘Nimuze, mwebwe abahezagiwe na Dawe, mutorane ubwami mwateguriwe kuva kw’ishingwa ry’isi.’” (Matayo 25:34) Ni kubera iki Umwami ashima izo ntama?

Umwami asigura ati: “Kuko nashonje mukampa ico ndya. Naranyotewe murampa ico nywa. Nari kavantara muranyakira neza; nari gusa muranyambika. Nararwaye muranyitwararika. Nari mw’ibohero murangarukirako.” Igihe izo ntama, ni ukuvuga “abagororotsi,” zimubaza ingene zamukoreye ivyo vyiza, yishura ati: “Ku rugero mwabigiriye umwe muri aba batoyi bo hanyuma y’abandi muri bene wacu, ni jewe mwabigiriye.” (Matayo 25:35, 36, 40, 46) Ivyo bikorwa vyiza ntibabikorera mw’ijuru kuko mw’ijuru ata ndwara n’inzara biriyo. Ivyo vyiza bategerezwa kuba babikorera bene wabo na Kristu bari kw’isi.

Bite ku bijanye n’impene ziri ibubamfu? Yezu avuga ati: “Maze [Umwami] azoheza abwire abari ibubamfu bwiwe ati: ‘Mva iruhande, mwebwe abavumwe, muje mu muriro utazima wateguriwe Shetani n’abamarayika biwe. Kuko nashonje ntimwampa ico ndya, ndanyoterwa ntimwampa ico nywa. Nari kavantara, ntimwanyakira neza; nari gusa, ntimwanyambika; nararwaye, ndaja mw’ibohero, ntimwanyitwararika.’” (Matayo 25:41-43) Urwo rubanza rurabereye kubera yuko izo mpene zitafashe neza bene wabo na Kristu bari kw’isi.

Intumwa zirumvise ko urwo rubanza rwo muri kazoza ruzoba ari ntabanduka. Yezu ababwira ati: “Maze [Umwami] azobishura ati: ‘Ni ukuri ndabibabwiye: Ku rugero mutabigiriye umwe muri aba batoyi bo hanyuma y’abandi, nta vyo mwangiriye.’ Abo bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidahera, mugabo abagororotsi baje mu buzima budahera.”​—Matayo 25:45, 46.

Inyishu Yezu aha intumwa ziwe ituma abayoboke biwe bazirikana cane, ikabafasha gusuzuma inyifato yabo n’ivyo bakora.