Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 118

Havyuka ibihari vyo kumenya umukuru uwo ari we

Havyuka ibihari vyo kumenya umukuru uwo ari we

MATAYO 26:31-35 MARIKO 14:27-31 LUKA 22:24-38 YOHANI 13:31-38

  • IMPANURO KU VYEREKEYE IBIBANZA

  • AMENYESHA KO PETERO AHAVA AMWIHAKANA

  • ABAYOBOKE BA YEZU BARANGWA N’URUKUNDO

Ku mugoroba wa nyuma Yezu yamaranye n’intumwa ziwe, yarabogeje ibirenge aba abahaye akarorero keza ko gukorera abandi bicishije bugufi. Ni kubera iki ivyo bibereye? Ni kubera ubugoyagoye bari berekanye. Naho bakunda Imana cane, baracarajwe ishinga no kumenya umukuru muri bo. (Mariko 9:33, 34; 10:35-37) Ubwo bugoyagoye burasubira kwibonekeza kuri uwo mugoroba.

Abo bigishwa baraja mu “bihari bikomeye hagati yabo vyo kumenya uwoba yasa na mukuru muri bo.” (Luka 22:24) Ese ingene Yezu ategerezwa kuba ababazwa no kubona basubiye kuryana! None aca akora iki?

Aho kubaryagagura kubera iyo nyifato, Yezu arabafasha kuzirikana yihanganye, ati: “Abami b’amahanga barayakandamiza, kandi abayafiseko ububasha bitwa Abagiraneza. Ariko mweho ntimukwiye kumera gutyo. . . . Kuko, uwuruta abandi ni nde, ni uwuri ku meza canke ni uwuriko arakora?” Aca abibutsa akarorero yamye abereka, akavuga ati: “Mugabo jewe ndi hagati yanyu nk’uwukora.”​—Luka 22:25-27.

Naho izo ntumwa zidatunganye, zarumiye kuri Yezu mu ngorane nyinshi yaciyemwo. Ni co gituma azibwira ati: “Ngiraniye isezerano namwe, nk’uko Dawe yagiraniye isezerano nanje, ku bw’ubwami.” (Luka 22:29) Abo bagabo ni abayoboke b’intahemuka ba Yezu. Arabakura amazinda ko biciye kw’isezerano agiraniye na bo, bazokwinjira mu Bwami bagafadikanya na we kuganza.

Naho intumwa zifise ico cizigiro c’agahore, ziracambaye umubiri kandi ntizitunganye. Yezu ababwira ati: “Shetani yabasavye ngo abagosore nk’ingano,” zino zikaba zishwiragira igihe zigosowe. (Luka 22:31) Abagabisha kandi ati: “Mwese ivyanje birabatsitaza muri iri joro, kuko vyanditswe ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zo mu mukuku zisabagire.’”​—Matayo 26:31; Zekariya 13:7.

Kubera ukwiyizigira, Petero arabihakana ati: “Naho abandi bose botsitazwa n’ivyawe, jeho sinzokwigera ntsitara!” (Matayo 26:33) Yezu abwira Petero ko aza kumwihakana imbere y’uko isake ibika kabiri muri iryo joro. Ariko rero, Yezu yongerako ati: “Natakamvye ku bwawe kugira ngo ukwizera kwawe ntikudegere; nawe, niwamara kugaruka, ukomeze bene wanyu.” (Luka 22:32) Yamara Petero yemeza ashimitse ati: “Naho noba ntegerezwa gupfana nawe, sinzogenda ndakwihakanye.” (Matayo 26:35) N’izindi ntumwa zivuga gutyo nyene.

Yezu abwira abigishwa biwe ati: “Ndacari kumwe namwe kandi gatoyi. Muzondondera; kandi nk’uko nabwiye Abayuda nti: ‘Iyo nja ntimushobora kuhaza,’ na mwebwe ndabibabwiye ubu.” Aca yongerako ati: “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane. Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”​—Yohani 13:33-35.

Petero yumvise Yezu avuga ko akiri kumwe na bo kandi gato, amubaza ati: “Mukama, uriko uja hehe?” Yezu amwishura ati: “Iyo ndiko ndaja ntushobora kunkurikira ubu, mugabo uzonkurikira mu nyuma.” Petero arazazanirwa, akavuga ati: “Mukama, kubera iki ntashobora kugukurikira ubu? Nzokwigura.”​—Yohani 13:36, 37.

Yezu aca abibutsa igihe yabarungika mw’isekeza ryo kwigisha i Galilaya batitwaje amahera canke impamba. (Matayo 10:5, 9, 10) Ababaza ati: “Hari ico mwakenye?” Na bo bati: “Oya!” None bakwiye kubigenza gute mu gihe kiri imbere? Yezu ababwira ati: “Uwufise isaho nayitore, n’uwufise umupfuko w’ibifungurwa agire ukwo nyene; kandi uwudafise inkota nagurishe impuzu yiwe yo hejuru agure imwe. Kuko ndababwiye yuko ibi bintu vyanditswe bitegerezwa kurangukira muri jewe, ari vyo vy’ibi: ‘Kandi yaharuranywe n’abagarariji.’ Kuko ikinyerekeye kiriko kiraranguka.”​—Luka 22:35-37.

Yezu ariko avuga igihe azomanikwa ku giti ari kumwe n’inkozi z’ikibi, ari bo bagarariji. Inyuma y’aho, abayoboke biwe bohamwe bimwe bikomeye. Biyumvira ko biteguye maze bakavuga bati: “Mukama, ehe ng’izi inkota zibiri.” Asubizayo ati: “Birahagije.” (Luka 22:38) Yezu araza kubigisha ikindi cigwa gihambaye afatiye kuri izo nkota zibiri.