Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 119

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

YOHANI 14:1-31

  • YEZU AGIYE GUTEGURA IKIBANZA

  • ASEZERANIRA ABAYOBOKE BIWE UMUFASHA

  • YEZU NA SE NTIBANGANA

Igihe Yezu akiri kumwe n’intumwa ziwe mu cumba co hejuru bahejeje gufungura, abaremesha ati: “Imitima yanyu ntihagarare. Mwizere Imana, na jewe munyizere.”​—Yohani 13:36; 14:1.

Yezu arasigurira intumwa ziwe z’intahemuka igituma zidakwiye kubabazwa n’uko agira agende. Ababwira ati: “Mu nzu ya Dawe hariho aho kuba henshi. . . . Nimba ngiye nkabategurira ikibanza, ndiko ndagaruka kandi nzobakira i muhira iwanje, kugira ngo aho ndi abe ari ho namwe muba.” Ariko rero, intumwa ntizitahura ko ariko avuga ibijanye no kuja mw’ijuru. Toma amubaza ati: “Mukama, ntituzi iyo uriko uraja. Tumenya gute inzira?”​—Yohani 14:2-5.

Yezu amwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima.” Kugira umuntu yinjire muri iyo nzu ya Se wiwe yo mw’ijuru, ategerezwa kwemera Yezu n’inyigisho ziwe akongera akigana ukuntu yabayeho. Yezu avuga ati: “Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.”​—Yohani 14:6.

Filipo ariko aramwumviriza yitonze. Nuko amubwira ati: “Mukama, twereke Data, bizoba bihagije.” Bisa n’uko Filipo ashaka ko Imana ibiyereka kumwe yiyereka Musa, Eliya na Yesaya. Ariko rero, intumwa zirafise ikintu kiruta ivyo abo bahanuzi beretswe. Ivyo Yezu aravyerekana mu kwishura ati: “Mbega nabanye namwe igihe kirekire gutya, ukaba utaramenya ga Filipo? Uwubonye jewe aba abonye na Data.” Yezu ameze neza na neza nka Se wiwe, ku buryo kubana na we no kumwitegereza ari cokimwe no kubona Se wiwe. Ariko ntiwumve, Se wiwe aramuruta kuko Yezu avuga ati: “Ibintu ndababwira sindabivuga ndavyibwiye.” (Yohani 14:8-10) Intumwa ziratahura ko Imana ari yo ibereye kuninahazwa kubera inyigisho za Yezu.

Intumwa za Yezu zaramubonye akora ibitangaro zongera zirumva ingene yamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Ubu rero ababwira ati: “Uwunyizera, uyo na we azokora ibikorwa nkora; kandi azokora ibikorwa biruta ibi.” (Yohani 14:12) Yezu ntashaka kuvuga ko bazokora ibitangaro biruta ivyo yakoze. Ahubwo bomaze umwanya munini kuruta uwo yamaze ariko aramamaza, bakigisha mu karere kanini gusumba kandi boshikiriye abantu benshi kumurusha.

Yezu ntazobasiga bonyene, kuko abasezeranira ati: “Nimwagira ikintu musaba mw’izina ryanje, nzogikora.” Yongerako ati: “Nzosaba Data, na we azobaha uwundi mufasha wo kubana namwe ibihe vyose, ya mpwemu y’ukuri.” (Yohani 14:14, 16, 17) Arabakura amazinda ko bazoronka impwemu nyeranda, akaba ari uwundi mufasha. Ivyo biba kuri Pentekoti.

Yezu avuga ati: “Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, mugabo mwebwe muzombona, kuko ndiho namwe mukazobaho.” (Yohani 14:19) Uretse ko Yezu azobiyereka amaso mu yandi amaze kuzuka, mu nyuma azobazura kugira babane na we mw’ijuru bafise umubiri w’impwemu.

Ubu na ho Yezu ababwira ukuri kworoshe gutahura ati: “Uwufise amabwirizwa yanje kandi akayubahiriza, uwo ni we ankunda. Uwunkunda na we azokundwa na Dawe, nanje nzomukunda, kandi nzomwiyereka bimwe bitomoye.” Ku bw’ivyo, intumwa Yuda ari we bita Tadeyo amubaza ati: “Mukama, bigenze bite ko ugomba kutwiyereka bimwe bitomoye ntiwiyereke isi?” Yezu amwishura ati: “Nimba umuntu ankunda, azokwubahiriza ijambo ryanje, kandi Dawe azomukunda . . . Uwutankunda ntiyubahiriza amajambo yanje.” (Yohani 14:21-24) Mu buryo butandukanye n’abayoboke ba Yezu, isi ntiyemera ko Yezu ari we nzira n’ukuri n’ubuzima.

None ko Yezu agira agende, abigishwa biwe bokwibutse gute ibintu vyose yabigishije? Yezu asigura ati: “Wa mufasha, ya mpwemu nyeranda, iyo Data azorungika mw’izina ryanje, uwo ni we azobigisha vyose yongere abibutse ibintu vyose nababwiye.” Ayo majambo ategerezwa kuba ahumuriza intumwa kuko zimaze kwibonera ingene impwemu nyeranda ikora ibintu bikomeye. Yezu yongerako ati: “Ndabasigiye amahoro, ndabahaye amahoro yanje. . . . Imitima yanyu ntihagarare canke ngo itekerwe n’ubwoba.” (Yohani 14:26, 27) Intumwa rero ntizikwiye guhagarika imitima: Se wa Yezu azobayobora yongere abakingire.

Ntibotevye kubona ko Imana ishoboye gukingira abasavyi bayo. Yezu avuga ati: “Umutware w’isi ariko araza. Kandi nta bubasha amfiseko.” (Yohani 14:30) Shetani yarashoboye kwinjira muri Yuda kandi iramwigarurira. Ariko ntaronka aho amenera kugira yonkore Yezu ku Mana. Eka mbere ntashoboye no kumugumiza mu kuzimu. Uti kubera iki? Yezu avuga ati: “Nk’uko Data yantegetse gukora, ni ko nkora.” Arazi neza ko Se wiwe azomuzura.​—Yohani 14:31.