Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 121

“Nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi”

“Nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi”

YOHANI 16:1-33

  • VUBA INTUMWA NTIZIZOSUBIRA KUBONA YEZU

  • UMUBABARO W’INTUMWA UZOHINDUKA UMUNEZERO

Yezu n’intumwa ziwe bagira bave muri ca cumba co hejuru bahimbarijemwo Pasika. Inyuma y’aho amariye kubakebura ku bintu vyinshi, yongerako ati: “Ndababwiye ivyo bintu ngo ntimutsitare.” Kubera iki iyo mburi ije hageze? Ababwira ati: “Abantu bazobaca mw’isinagogi. Nkako, isaha iriko iragera aho umuntu wese azobica azokwiyumvira ko akoreye Imana igikorwa ceranda.”​—Yohani 16:1, 2.

Ayo makuru ashobora kuba ahagarika umutima izo ntumwa. Naho Yezu yari amaze kubabwira ko isi yobanse, ntiyari bwabatomorere ko bokwishwe. Kubera iki? Avuga ati: “Ivyo sinabibabwiye mu ntango, kubera ko nari kumwe namwe.” (Yohani 16:4) Ubu ariko arababurira imbere y’uko agenda. Ivyo vyotumye badatsitara mu nyuma.

Yezu arabandanya ati: “Ndiko ndagenda ku wandungitse, yamara nta n’umwe muri mwebwe ambaza ati: ‘Uriko uja hehe?’” Imbere y’aho bari bamubajije iyo ariko araja. (Yohani 13:36; 14:5; 16:5) Ariko ubu, kubera ababwiye ko bohamwe, amaganya aciye abuzura inda. Ni co gituma batamubaza ibijanye n’ubuninahazwa yimirije kuronka canke ingaruka ivyo vyogize ku bayoboke biwe b’ukuri. Yezu avuga ati: “Kubera ko ndababwiye ivyo bintu, intuntu iciye yuzura imitima yanyu.”​—Yohani 16:6.

Yezu aca asigura ati: “Ndiko ndagenda ku neza yanyu. Kuko ntagiye, wa mufasha ntazogenda aje kuri mwebwe; mugabo ngiye, nzomubarungikira.” (Yohani 16:7) Yezu adapfuye hama ngo aje mw’ijuru, abigishwa biwe ntibashobora kuronka ya mpwemu nyeranda, iyo azorungika ngo ibafashe aho boba bari hose kw’isi.

Impwemu nyeranda “[i]zoha isi ikimenyamenya kijijura ku vyerekeye igicumuro no ku vyerekeye ubugororotsi no ku vyerekeye urubanza.” (Yohani 16:8) Ego cane, vyogaragaye ko isi yanse kwizera Umwana w’Imana. Iyurizwa mw’ijuru rya Yezu ryotanze ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko ari umugororotsi kandi ryokwerekanye neza ko Shetani wa “mutware w’iyi si” akwiye gucirwa rubi.​—Yohani 16:11.

Yezu abandanya ati: “Ndacafise ibintu vyinshi vyo kubabwira, mugabo ntimushobora kuvyihanganira ubu.” Niyamara kubasukako impwemu nyeranda, izobafasha gutahura “ukuri kwose” kandi bazoshobora kubaho bisunga ukwo kuri.​—Yohani 16:12, 13.

Intumwa zirazazanirwa n’amajambo Yezu aca yongerako ati: “Mu kanya gatoyi ntimuzoba mukimbona, kandi mu kanya gatoyi muzokwongera kumbona.” Batangura kubazanya ico ashatse kuvuga. Yezu arabona ko bashaka kumubaza ibibazo. Nuko abasigurira ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Muzorira muboroge, mugabo isi izonezerwa; muzogira intuntu, mugabo intuntu yanyu izohinduka akanyamuneza.” (Yohani 16:16, 20) Yezu niyicwa ku mugoroba ukurikira, abakuru b’idini bazonezerwa ariko abigishwa biwe bazotuntura. Ariko rero, intuntu yabo izohinduka umunezero Yezu niyazuka! Kandi uwo munezero urabandanya abasutseko impwemu nyeranda y’Imana.

Yezu aca agereranya ibihe intumwa ziwe zirimwo n’umugore ari ku gise. Agira ati: “Umugore iyo ariko aribaruka aragira intuntu, kubera ko isaha yiwe iba igeze; mugabo iyo yibarutse nya mwana, ntasubira kwibuka ya makuba kubera akanyamuneza k’uko umuntu yavutse mw’isi.” Yezu abaremesha ati: “Na mwebwe rero, ubu koko muri n’intuntu; mugabo nzokwongera kubabona kandi imitima yanyu izonezerwa, kandi akanyamuneza kanyu nta n’umwe azokabaka.”​—Yohani 16:21, 22.

Gushika ubu, intumwa nta kintu zari bwigere zisaba mw’izina rya Yezu. Avuga ati: “Kuri uwo musi muzosaba mw’izina ryanje.” Kubera iki bakwiye kubigenza gutyo? Si ukubera yuko Se wiwe atipfuza kubumviriza. Nkako, Yezu avuga ati: “Data ubwiwe a[ra]biyumvamwo, kubera ko mwanyiyumvisemwo mukaba kandi mwaremeye ko naje nserukira Data.”​—Yohani 16:26, 27.

Intumwa ziranyurwa n’indemesho Yezu aziha ku buryo zivugana umutima rugabo ziti: “Ivyo bituma twemera ko wavuye ku Mana.” Uwo mutima rugabo ntiwotevye gusuzumwa. Nkako, Yezu aradondora ivyimirije kubashikira ati: “Ehe isaha iriko iragera, kandi koko irageze, aho muzosanzara umwe wese akaja ku muhana iwe, nanje mukansiga jenyene.” Ariko rero arabahumuriza ati: “Ndababwiye ivyo bintu ngo biciye kuri jewe mugire amahoro. Mw’isi muragira amakuba, mugabo nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi.” (Yohani 16:30-33) Emwe, Yezu ntabataye. Arazi neza ko na bo nyene bashobora gutsinda isi nk’uko yayitsinze, bakire gusa kuguma bakora ivyo Imana igomba badahemuka naho Shetani n’isi yiwe baguma babagerageza.