Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 124

Kristu agaburwa akongera agafatwa

Kristu agaburwa akongera agafatwa

MATAYO 26:47-56 MARIKO 14:43-52 LUKA 22:47-53 YOHANI 18:2-12

  • YUDA AGABURA YEZU MW’ITONGO

  • PETERO ACA UMUNTU UGUTWI

  • YEZU AFATWA

Sasita y’ijoro iramaze kurenga. Abaherezi bumvikanye na Yuda kumuhemba ibiceri 30 vy’ifeza kugira agabure Yezu kuri bo. Yuda rero ari imbere y’isinzi ry’abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo ririko rirondera Yezu. Baherekejwe n’umugwi w’abasoda b’Abaroma uyobowe n’umukomanda.

Biboneka ko Yuda yaciye aja ku bakuru b’abaherezi igihe Yezu yamutaramura ku mfungurwa za Pasika. (Yohani 13:27) Bano baciye bakoranya abarinzi babo hamwe n’umugwi w’abasoda. Yuda ashobora kuba yabanje kubatwara muri ca cumba Yezu n’intumwa bahimbarizamwo Pasika. Ariko rero ubu uwo mugwi warenganye Umwonga Kidironi, ukaba uriko uja mw’itongo ry’i Getsemani. Bitwaje ibirwanisho, amatara n’ibimuri, kandi biyemeje kurondera Yezu gushika bamutoye.

Uko Yuda abayobora baduga Umusozi w’imyelayo, bisa n’uko azi neza aho aza gusanga Yezu. Mu ndwi iheze, igihe Yezu n’intumwa baza baraja i Yeruzalemu bongera bagaruka i Betaniya, akenshi barahagarara aho mw’itongo ry’i Getsemani. Ariko ubu ni mw’ijoro, bikaba bishoboka ko Yezu akingiriwe n’ibitutu vy’ibiti vy’imyelayo vyo muri iryo tongo. None abo basoda, abo bishoboka ko batarigera bakubita ijisho Yezu, baza kumumenya gute? Kugira ngo Yuda aborohereze, abaha ikimenyetso. Ababwira ati: “Uwo nja gusoma, azoba ari we; muce mumufata, mumutware mumucunze.”​—Mariko 14:44.

Yuda arinjira muri iryo tongo ayoboye iryo sinzi, akabona Yezu ari kumwe n’intumwa ziwe agaca agenda amutumbereye. Amubwira ati “Ndabugize, Rabi!” agaca amusoma n’ikibabarwe. Yezu amwishura ati “Mugenzi, uzanywe n’iki ng’aha?” (Matayo 26:49, 50) Yezu aca yiha inyishu ati: “Yuda, mbega uragabura Umwana w’umuntu mu kumusoma?” (Luka 22:48) Emwe, Yezu yari yamukuyeko amaboko!

Yezu aca yagera imbere ku muco w’ibimuri n’amatara, akabaza ati: “Murondera nde?” Nya sinzi rimwishura riti: “Yezu Umunyanazareti.” Yezu avugana umutima rugabo ati: “Ni jewe.” (Yohani 18:4, 5) Nya bagabo barakanguka, maze bakagwa hasi.

Aho guca aboneraho akaryo ko guhunga muri iryo joro, Yezu yongera kubabaza uwo barondera. Basubira kwishura bati: “Yezu Umunyanazareti.” Yezu aca asubizayo atekanye ati: “Nababwiye ko ari jewe. Nimba rero ari jewe murondera, nimureke aba bagende.” No muri ico gihe kitoroshe, Yezu aribuka ivyo yari yavuze yuko atazotakaza n’umwe mu bo Se wiwe yamuhaye. (Yohani 6:39; 17:12) Yezu yarakingiye intumwa ziwe z’intahemuka kandi nta n’umwe yatakaye “atari wa mwana wo kuranduka,” ni ukuvuga Yuda. (Yohani 18:7-9) Ni co gituma asaba ko boreka abigishwa biwe b’intahemuka bakigira.

Igihe nya basoda bahagurutse bakagenda bagana Yezu, intumwa zirabona ko ibintu bikomeye. Nuko babaza Yezu bati: “Mukama, dukubite n’inkota?” (Luka 22:49) Yezu ataranishura, Petero aca abangura imwe mu nkota zibiri intumwa zifise. Araheza akayikubita Malikusi, umushumba w’umuherezi mukuru, akamuca ugutwi kw’iburyo.

Nuko Yezu akora ku gutwi kwa Malikusi, akamukiza. Aca yigisha icigwa gihambaye mu gutegeka Petero ati: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.” Yezu ntatinya gufatwa, kubera yuko asigura ati: “None Ivyanditswe vyoranguka gute, ibivuga yuko bitegerezwa kuba gutya?” (Matayo 26:52, 54) Yongerako ati: “Igikombe Data yampaye, mbega sinkwiye kukinywa?” (Yohani 18:11) Yezu arashigikiye ivyo Imana igomba ku bimwerekeye vyose, naho vyosaba ko apfa.

Yezu abaza iryo sinzi ati: “Mbega muje kumfata mwitwaje inkota n’amahiri nk’abahiga umwambuzi? Imisi yose nama nicaye mu rusengero nigisha, yamara ntimwamfashe. Mugabo ivyo vyose bibaye kugira ngo ivyanditswe n’abahanuzi biranguke.”​—Matayo 26:55, 56.

Nuko wa mugwi w’abasoda, komanda hamwe n’abarinzi b’Abayuda bafata Yezu bakamuboha. Intumwa zirabibona zigaca zitungwa n’ayo zameze. Mugabo “umusore umwe,” bikaba bishoboka ko ari umwigishwa Mariko, aguma muri iryo sinzi agakurikira Yezu. (Mariko 14:51) Mu nyuma, abari muri iryo sinzi baramumenya bagaca bagerageza kumufata. Aca yiruka agasiga impuzu yiwe ng’aho.