Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 127

Asambishwa hama akajanwa kwa Pilato

Asambishwa hama akajanwa kwa Pilato

MATAYO 27:1-11 MARIKO 15:1 LUKA 22:66–23:3 YOHANI 18:28-35

  • ASAMBISHWA NA SENTARE NKURU MU GITONDO

  • YUDA ISIKARIYOTI AGERAGEZA KWIYAHURA

  • YEZU ARUNGIKWA KWA PILATO NGO AMUCIRE URUBANZA

Petero ahejeje kwihakana Yezu irya gatatu, bukaba buri mu guca. Abagize Sentare nkuru baciye batandukana bahejeje gusambisha Yezu mu buryo buteye amakenga. Ku wa gatanu mu mutwenzi, barasubira gukoranira hamwe kumbure kugira bapfukapfuke ivyo baraye bakoze mu kwumviriza urubanza batisunze amategeko. Baca barengutsa Yezu.

Bongera kumubaza bati: “Nimba uri Kristu, bitubwire.” Yezu abishura ati: “Naho nobibabwira, ntimwogenda muvyemeye. Vyongeye, hamwe nobabaza, ntimwogenda mwishuye.” Ariko rero, Yezu ararya umutima amenyo akababwira ko ari umwe yari yaravuzwe muri Daniyeli 7:13. Agira ati: “Kuva ubu Umwana w’umuntu azoba yicaye iburyo bw’Imana h’ububasha.”​—Luka 22:67-69; Matayo 26:63.

Barakovya bati: “Uri Umwana w’Imana rero?” Maze Yezu abishura ati: “Mwebwe ubwanyu muravuze ko ndi we.” Ivyo bisa n’ibihagije kugira Yezu yicwe yagirizwa kurogota. Bavuga bati: “Turacakenerera iki iyindi ntahe?” (Luka 22:70, 71; Mariko 14:64) Baca baboha Yezu bakamujana kwa buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato.

Yuda Isikariyoti ashobora kuba abona ingene Yezu ajanwa kwa Pilato. Yuda abonye urwo Yezu aciriwe, aricuza akumva yihebuye. Ariko rero, aho guhindukira ngo yigaye bivuye ku mutima, aca aja gusubiza vya biceri 30 vy’ifeza. Abwira abakuru b’abaherezi ati: “Nacumuye mu kugura amaraso y’umugororotsi.” Na bo bamusubiza inyishu ivuna umutima bati: “Bidutwaye iki? Birakuraba!”​—Matayo 27:4.

Yuda aca aterera vya biceri 30 mu rusengero hama akongera ikibi mu kindi mu kugerageza kwiyahura. Igihe Yuda ariko agerageza kwimanika, biboneka ko ishami apfundikako umugozi rivunika. Aca agwa ku mabuye ari munsi maze agasanzara.​—Ivyakozwe 1:17, 18.

Haracari mu gatondo ka kare igihe Yezu ajanwa ku kirimba kwa Pilato. Ariko rero, Abayuda bamujanye baranka kwinjira. Bibaza ko kwegera Abanyamahanga gutyo vyobahumanya. Ivyo vyotuma badafungura ibifungurwa vyo ku wa 15 Nisani, ni ukuvuga umusi utangura ikiringo c’Umusi mukuru w’imikate itambiwe, ukaba uharurwa mu kiringo ca Pasika.

Pilato arasohoka akababaza ati: “Ni ikirego ki murega uyu muntu?” Na bo bamwishura bati: “Uyu muntu iyo ataba ari inkozi y’ikibi, ntituba twamugushikirije.” Pilato abona umengo bariko baramuremera, akababwira ati: “Nimumujane ubwanyu mumucire urubanza nk’uko itegeko ryanyu riri.” Abayuda barahishura imigabo yabo y’ubwicanyi mu kwishura bati: “Ntitwemererwa kwica umuntu.”​—Yohani 18:29-31.

Mu bisanzwe, hamwe bokwica Yezu mu gihe ca Pasika, vyotuma haba imigumuko mu bantu. Ariko rero, hamwe botuma Abaroma bamwica bitwaje imvo za politike, narirya bemerewe kubikora, vyotuma abo Bayuda batagirwa n’icaha imbere y’abantu.

Abakuru b’idini ntibabwira Pilato ko bari bamuciriye urubanza bamwagiriza kurogota. Ubu rero bararema ibindi binyoma bamwagiriza. Bavuga bati: “Uyu mugabo twamusanze [1] ariko adurumbanya ihanga ryacu [2] yongera abuza kuriha amakori Sezari, kandi [3] avuga yuko we ubwiwe ari Kristu, umwami.”​—Luka 23:2.

Kubera ko Pilato aserukira Uburoma, birumvikana ko arazwa ishinga no kwumva ko Yezu yiyita umwami. Pilato aca asubira kwinjira mu kirimba, agahamagara Yezu akamubaza ati: “Wewe uri umwami w’Abayuda?” Ni nk’aho amubajije ati: ‘Warenze itegeko rya Sezari mu kwigira umwami mu kibanza ciwe?’ Kumbure kugira Yezu amenye amakuru Pilato amaze kwumva ku bimwerekeye, amubaza ati: “Ivyo ubivuze uvyibwiye canke ni abandi bakubwiye ivyanje?”​—Yohani 18:33, 34.

Pilato yigira nk’uwutazi na kimwe ku vyerekeye Yezu, ariko ko yipfuza kubimenya. Nuko amwishura ati: “Mbega jewe ndi Umuyuda?” Abandanya ati: “Ihanga ryawe bwite be n’abakuru b’abaherezi ni bo bakunshikirije. Wakoze iki?”​—Yohani 18:35.

Yezu ntagerageza kuzibukira ico kibazo c’inkoramutima cerekeye ubwami. Inyishu atanga iratangaza cane Buramatari Pilato.