Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 133

Ikiziga ca Yezu kirategurwa kigahambwa

Ikiziga ca Yezu kirategurwa kigahambwa

MATAYO 27:57–28:2 MARIKO 15:42–16:4 LUKA 23:50–24:3 YOHANI 19:31–20:1

  • IKIZIGA CA YEZU KIMANURWA KU GITI

  • IKIZIGA CIWE GITEGURWA KUGIRA GIHAMBWE

  • ABAGORE BASANGA IMVA IGARAGARA

Turi ku wa gatanu igenekerezo rya 14 Nisani ku muhingamo. Isabato yo ku wa 15 Nisani ija gutangura izuba rirenze. Yezu yamaze gucikana, ariko ba bambuzi babiri bari iruhande yiwe ntibarapfa. Ku bijanye n’umuvyimba, amategeko Imana yahaye Abisirayeli yavuga ati: “Ntuze urare ku giti” ahubwo utegerezwa guhambwa “kuri uyo musi.”​—Gusubira mu vyagezwe 21:22, 23.

Vyongeye, ku wa gatanu ku muhingamo hitwa Umwiteguro kuko ari ho bategura ibifungurwa bakongera bagaheraheza ibindi bikorwa bitoshobora kurindira gushika Isabato irangiye. Izuba rirenze haca hatangura Isabato ‘ikomeye,’ ni ukuvuga Isabato irimwo zibiri. (Yohani 19:31) Ivyo ni ko biri kubera ko igenekerezo rya 15 Nisani rihurirana n’umusi wa mbere w’Umusi mukuru w’imikate itambiwe wamara imisi ndwi, uwa mbere muri yo ukaba wama ari Isabato. (Abalewi 23:5, 6) Ubu rero uwo musi wa mbere uhurirana n’Isabato yaba ku ndwi ku ndwi, ni ukuvuga umusi w’indwi.

Ku bw’ivyo, Abayuda basaba Pilato kwihutisha urupfu rwa Yezu na ba bambuzi babiri bamanikanywe. None babigenza gute? Ni mu kubavuna amaguru. Ivyo bituma badakoresha amaguru yabo mu kuduza umutumba kugira baheme. Ba basoda baraza bakavuna amaguru ya ba bambuzi bibiri. Ariko Yezu biboneka ko yamaze gucikana, bakaba rero batamuvuna amaguru. Ivyo birashitsa amajambo yo muri Zaburi 34:20 agira ati: “Arinda amagufa yiwe yose; nta na rimwe muri yo ryavunywe.”

Kugira biyemeze ko Yezu yapfuye vy’ukuri, umwe muri nya basoda amusogota icumu mu rubavu, rikinjira no mu mutima. “Buno nyene havayo amaraso n’amazi.” (Yohani 19:34) Ivyo birashitsa ikindi canditswe kigira giti: “Bazoraba koko Uwo basogōse.”​—Zekariya 12:10.

Yozefu w’i Arimateya, “umugabo w’umutunzi” akaba n’umuntu yubahwa ari mu bagize ya Sentare y’Abayuda, na we nyene ni ho yari igihe Yezu yicwa. (Matayo 27:57) Avugwa ko yari “umuntu mwiza kandi w’umugororotsi yari arindiriye ubwami bw’Imana.” Kubera ko yari “umwigishwa wa Yezu mugabo wo mu mpisho kubera ugutinya Abayuda,” ntiyashigikiye urubanza iyo sentare yaciriye Yezu. (Luka 23:50; Mariko 15:43; Yohani 19:38) Yozefu rero ararya umutima amenyo agasaba Pilato ikiziga ca Yezu. Pilato aca atumako intwazangabo ibijejwe, na yo ikemeza ko Yezu yacikanye. Pilato rero aca yemera ivyo Yozefu amusavye.

Yozefu aca agura igitambara ciza c’ilino maze akamanura ikiziga ca Yezu ku giti. Mu gutegura ico kiziga, araheza akakizingira muri ca gitambara. Nikodemu, “umwe yaza ubwa mbere kuri [Yezu] mw’ijoro,” arafasha gutegura amaziko. (Yohani 19:39) Aza azanye ikizingo c’ibilo nka 33 vy’imira n’imibazibazi izimvye. Ikiziga ca Yezu gica kizingirwa mu bitambara bimota nk’uko Abayuda basanzwe bategura amaziko.

Ikiziga ca Yezu rero gica kiryamikwa mu mva nshasha ya Yozefu yimbwe mu gitandara kiri hafi yo ng’aho. Baca bugaza iyo mva ikibuye kinini. Barihuta kumufuba imbere y’uko Isabato itangura. Birashoboka ko Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yakobo mutoyi bamye barafasha gutegura ikiziga ca Yezu. Ubu rero baca birukanga muhira “gutegura ibimota be n’amavuta amota neza” vyo gusiga neza ikiziga ca Yezu inyuma y’Isabato.​—Luka 23:56.

Bukeye, hakaba ari kw’Isabato, abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo baja kwa Pilato bakamubwira bati: “Twibutse yuko wa muhumvyi yavuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu nzozurwa.’ Tegeka rero barinde imva gushika ku musi ugira gatatu, kugira abigishwa biwe ntibahave baza ngo bamwibe, bakabwira abantu ngo: ‘Yarazuwe mu bapfuye!’, kandi ubwo buhumvyi bwa nyuma buzoba bubi kuruta ubwa mbere.” Pilato abishura ati: “Abarinzi murafise. Genda muyirinde uko muvyumva.”​—Matayo 27:63-65.

Mu gitondo ca kare ku wa mungu, Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo hamwe n’abandi bagore bazana ibimota kugira basige ikiziga ca Yezu. Bavugana bati: “Ni nde aza kudutembagariza rya buye ngo rive ku muryango w’imva?” (Mariko 16:3) Ariko rero basanga habaye ikinyamugigima. Emwe, umumarayika w’Imana yari yatembagaje ca kibuye, abarinzi na bo bagiye kandi imva yari isigaye igaragara!