Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 134

Imva iragaragara kuko Yezu ari muzima!

Imva iragaragara kuko Yezu ari muzima!

MATAYO 28:3-15 MARIKO 16:5-8 LUKA 24:4-12 YOHANI 20:2-18

  • YEZU AZURWA

  • IVYABAYE KU MVA YA YEZU

  • ABONEKERA ABAGORE BATARI BAKE

Ese ukuntu nya bagore bagwa mu gahundwe basanze imva ya Yezu igaragara! Mariya Magadalena aca yirukanga kurondera “Simoni Petero [na] wa mwigishwa wundi Yezu yiyumvamwo,” ni ukuvuga intumwa Yohani. (Yohani 20:2) Ariko rero, abandi bagore basigaye ku mva baza babona umumarayika. Indani muri iyo mva hari uwundi mumarayika, akaba “yambaye ikanzu yera.”​—Mariko 16:5.

Umwe muri abo bamarayika ababwira ati: “Ntimutinye, kuko nzi yuko muriko murondera Yezu umwe yamanikwa. Nta wuri ng’aha, kuko yazuwe, nk’uko yabivuze. Ingo murabe aho yari aryamye. Nimugende ningoga rero mubwire abigishwa biwe ko yazuwe mu bapfuye, kandi ehe arabitangira imbere kuja i Galilaya.” (Matayo 28:5-7) Nya bagore baca biruka kubibwira abigishwa, bakagenda ‘barahinda agashitsi kandi umutima wabavuyemwo.’​—Mariko 16:8.

Ubu Mariya yamaze kubona Petero na Yohani. Ababwira ahezagirika ati: “Bakuye Umukama mu mva, kandi ntituzi aho bamushize.” (Yohani 20:2) Petero na Yohani baca bagenda bariruka. Yohani aramusiga akaba uwa mbere mu gushika ku mva. Ararunguruka indani akabona ibitambara, mugabo akaguma hanze.

Petero ashitse, ubwo nyene aca yinjira. Abona za mpuzu z’ilino hamwe n’igitambara cari kizingiriye mu mutwe wa Yezu. Yohani araheza akinjira, akabona kwemera ivyo Mariya yavuze. Naho Yezu yari yabibabwiye, nta n’umwe muri bo yemera ko yazuwe. (Matayo 16:21) Nuko basubira i muhira bazazaniwe. Ariko Mariya we, aguma aho ku mva, kuko yari yamaze kugaruka.

Muri ako kanya, ba bandi bagore bari mu nzira bagiye kubwira abigishwa ko Yezu yazutse. Bakiriko baranyaragasa, Yezu ahura na bo akababwira ati: “Amahoro!” Baca ‘bikubita imbere y’ibirenge vyiwe.’ Maze Yezu ababwira ati: “Ntimutinye! Nimugende muvyiganire bene wacu, kugira baje i Galilaya; ni ho bazombonera.”​—Matayo 28:9, 10.

Imbere y’aho, igihe haba nyamugigima hagaca haseruka abamarayika, abasoda bari barinze imva “barajugumiye ku buryo bacika nk’abapfuye.” Bagaruye akenge, baciye binjira mu gisagara maze “biganira abakuru b’abaherezi ivyari vyabaye vyose.” Abaherezi baciye baja inama n’abagabo b’inararibonye b’Abayuda. Baciye bumvikana guha igiturire nya basoda kugira bahishe ivyabaye maze bavuge bati: “Abigishwa biwe baje mw’ijoro baramwiba dusinziriye.”​—Matayo 28:4, 11, 13.

Umusoda w’Umuroma arashobora kwicwa aramutse asinziriye ari ku kirindiro. Ku bw’ivyo, abaherezi babasezeranira bati: “[Ibinyoma vy’uko mwasinziriye] nivyashika mu gutwi kwa buramatari, tuzomwumvisha anyurwe, namwe tubakize amaganya.” (Matayo 28:14) Nya basoda barakira ico giturire hama bagakora ivyo abaherezi babasavye. Ivyo bituma ikinyoma c’uko ikiziga ca Yezu cibwe gikwiragira mu Bayuda.

Mariya Magadalena araciyuha iryosozi ku mva. Nuko arunama akitegereza indani maze akabona abamarayika babiri bambaye ivyera! Umwe yicaye ku mutwe w’aho ikiziga ca Yezu cari kiryamye, uwundi na we hepfo. Bamubaza bati: “Mugore, urizwa n’iki?” Yishura ati: “Batwaye Umukama wanje, kandi sinzi aho bamushize.” Mariya arahindukira, akabona uwundi muntu. Amubaza ca kibazo nyene abamarayika bamubajije, akongerako ati: “Urondera nde?” Mariya yibaza ko ari umurimyi, akamubwira ati: “Mutungwa, nimba wamutwaye, mbwira aho wamushize, ndamukureyo.”​—Yohani 20:13-15.

Mu vy’ukuri, Mariya ariko avugana na Yezu yari yazutse, ariko muri uwo mwanya ntamumenya. Ariko rero, igihe amuhamagaye ati: “Mariya!” aca amenya ko ari Yezu, afatiye ku kuntu yari asanzwe amuvugisha. Mariya aranezerwa akamubwira atangaye ati: “Rabuni!” (bisobanura ngo “Mwigisha!”) Ariko rero, kubera yuko Mariya atinya ko Yezu agira aduge mw’ijuru, aramwumirako. Ni co gituma Yezu amubwira ati: “Reka kunyumirako. Kuko ntaraduga kwa Data. Ahubwo genda kuri bene wacu ubabwire uti: ‘Ngira nduge kwa Dawe ari we So, ku Mana yanje ari yo Mana yanyu.’”​—Yohani 20:16, 17.

Mariya aca yiruka aja aho intumwa n’abandi bigishwa bakoraniye. Ababwira ati: “Nabonye Umukama!”, ivyo bikaba vyiyongera ku vyo ba bandi bagore bamaze kuvuga. (Yohani 20:18) Yamara rero, ayo makuru ‘aboneka nk’ayatagira mvura kuri izo ntumwa.’​—Luka 24:11.