Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 136

Ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya

Ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya

YOHANI 21:1-25

  • YEZU YIYEREKA ABIGISHWA KU KIYAGA C’I GALILAYA

  • PETERO HAMWE N’ABANDI BASABWA KUGABURIRA INTAMA

Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaranye n’intumwa ziwe, yazibwiye ati: “Ninamara kuzurwa, nzobitangira imbere kuja i Galilaya.” (Matayo 26:32; 28:7, 10) Nuko benshi mu bayoboke biwe barafata urwo rugendo, ariko ntibazi ico bagiye gukora i Galilaya.

Haciye igihe, Petero abwira batandatu mu ntumwa ati: “Ndagiye kuroba.” Basubizayo bati: “Na twebwe turaje tujane.” (Yohani 21:3) Bamara ijoro ryose ata gafi na kamwe baronse. Mu mutwenzi Yezu arabiyereka ari ku musenyi, mugabo ntibamenya uwo ari we. Yezu arasemerera ati: “Bana batoyi, hari ico kurya mufise?” Bamwishura bati: “Oya!” Yezu ababwira ati: “Terere urusenga i buryo bw’ubwato, muraronka.” (Yohani 21:5, 6) Baca bafata ifi nyinshi ku buryo badashobora no gukwega urusenga rwabo.

Yohani abwira Petero ati: “Ni Umukama!” (Yohani 21:7) Petero aca akenyera ningoga umutamana wiwe, kuko atari awambaye. Aca asimbira mu kiyaga maze akagenda aroga nk’imetero 90 agana ku nkengera. Abandi baramukurikira bukebuke bari mu bwato, bakagenda barakwega rwa rusenga rwuzuye ifi.

Bashitse ku nkengera, babona “umuriro w’amakara n’ifi ziri kuri wo be n’umukate.” Yezu ababwira ati: “Nimuzane nkeyi kw’ifi muhejeje gufata.” Petero aca akwega rwa rusenga, rukaba rurimwo ifi nininini 153! Yezu ababwira ati: “Nimuze, mwitange umusase.” Nta n’umwe muri bo yubahuka kumubaza ati: “Uri nde?” kubera bari bamenye ko ari Yezu. (Yohani 21:10-12) Ubwo ni ubugira gatatu yiyeretse abigishwa biwe bari mu mugwi.

Yezu arabaha umwe wese umukate n’ifi ngo afungure. Bahejeje, Yezu akaba kumbure ariko yitegereza za fi bafashe, abaza Petero ati: “Simoni mwene Yohani, urankunda kurusha izi?” Ubwo Petero ntiyoba akunda cane umwuga wo kuroba kuruta igikorwa Yezu ashaka ko akora? Petero yishura ati: “Egome, Mukama, urazi yuko nkwiyumvamwo.” Nuko Yezu amuhimiriza ati: “Gaburira imyagazi yanje y’intama.”​—Yohani 21:15.

Yezu yongera kumubaza ati: “Simoni mwene Yohani, urankunda?” Kumbure Petero arazazanirwa, akishura ashimitse ati: “Egome Mukama, urazi yuko nkwiyumvamwo.” Yezu asubizayo kwa kundi nyene ati: “Ragira intama zanje ntonto.”​—Yohani 21:16.

Yezu amubaza ubugira gatatu ati: “Simoni mwene Yohani, uranyiyumvamwo?” Ubu hoho Petero ashobora kuba yibaza ko Yezu akekeranya y’uko yoba ari intahemuka. Petero yishura ashimitse ati: “Mukama, urazi vyose; urazi yuko nkwiyumvamwo.” Yezu arongera gushimika ku gikorwa Petero ategerezwa gukora ati: “Gaburira intama zanje ntonto.” (Yohani 21:17) Ego cane, abaja imbere abandi bakwiye gukorera abaza mu ruhongore rw’Imana.

Yezu yaraboshwe yongera aricwa ahorwa igikorwa Imana yamushinze. Ubu rero arereka Petero ko azoshikirwa n’ibintu bisa n’ivyo. Amubwira ati: “Ukiri muto, warikenyeza, ukagendagenda aho ushaka. Mugabo niwasaza uzoramvura amaboko uwundi muntu agukenyeze, agutware aho udashaka.” Ariko rero Yezu amuremesha ati: “Guma unkurikira.”​—Yohani 21:18, 19.

Petero arabona intumwa Yohani maze akabaza Yezu ati: “Mukama, uyu we bite?” Ego cane, ashaka kumenya ibizoshikira iyo ntumwa Yezu yakunda bidasanzwe. Yezu amwishura ati: “Nimba ngomba ko agumaho gushika nje, bigutwaye iki?” (Yohani 21:21-23) Petero akwiye gukurikira Yezu atarinze kurazwa ishinga n’ivyo abandi bakora. Ariko rero, Yezu arerekanye ko Yohani azoramba kurusha izindi ntumwa be n’uko azokwerekwa ukuza kwa Yezu ari mu buninahazwa bw’Ubwami.

Ariko ntiwumve, hariho n’ibindi bintu vyinshi Yezu yakoze tutoronka n’imizingo yo kuvyandikamwo.