Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 138

Kristu ari iburyo bw’Imana

Kristu ari iburyo bw’Imana

IVYAKOZWE 7:56

  • YEZU YICARA IBURYO BW’IMANA

  • SAULI AHINDUKA UMWIGISHWA

  • TURAFISE IMVO ZO KUNEZERWA

Impwemu nyeranda yasutswe kuri Pentekoti inyuma y’imisi cumi Yezu aduze mw’ijuru, yaratanze ikimenyamenya c’uko yari mw’ijuru koko. Kandi n’ibindi bimenyamenya vyari inyuma. Imbere gatoyi y’uko umwigishwa Sitefano yicishwa amabuye ahorwa ko yamamaza adahemuka, yatangaje ati: “Ehe mbonye ijuru ryuguruye be n’Umwana w’umuntu ahagaze iburyo bw’Imana.”​—Ivyakozwe 7:56.

Amaze gushika iruhande ya Se wiwe mw’ijuru, Yezu yorindiriye ko Yehova amuha itegeko ryari ryaravuzwe mw’Ijambo ry’Imana. Dawidi yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Ijambo Yehova abwira Umukama wanje [Yezu] ni iri: ‘Icara iburyo bwanje, gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe.’” Igihe co kurindira kirangiye, ‘yoganje hagati y’abansi biwe.’ (Zaburi 110:1, 2) None Yezu yobaye ariko arakora iki mw’ijuru mu kurindira ko ahagurukira abansi biwe?

Kuri Pentekoti yo mu 33, ishengero rya gikirisu ryarashinzwe. Ari mw’ijuru, Yezu yaratanguye kuganza abigishwa biwe barobanujwe impwemu. (Abakolosayi 1:13) Yarabayoboye mu gikorwa co kwamamaza yongera arabategura ku bw’igikorwa boranguye muri kazoza. None ico gikorwa ni ikihe? Abogumye ari abizigirwa gushika ku rupfu bohavuye bazurwa maze bagafadikanya na we kuganza mu Bwami.

Sauli yari umwe muri abo bobaye abami muri kazoza, akaba azwi cane kw’izina ryiwe ry’ikiroma ari ryo Paulo. Yari Umuyuda yari amaze igihe kirekire afitiye umwete amategeko Imana yahaye Abisirayeli, mugabo yari yarahenzwe n’abakuru b’idini ry’Abayuda ku buryo yashigikiye ko Sitefano yicishwa amabuye. Maze yarafashe inzira aja i Damasiko “[apfuhagira] iterabwoba n’ubwicanyi ku bigishwa b’Umukama.” Umuherezi mukuru Kayifa yari yamuhaye uburenganzira bwo gufata abigishwa ba Yezu akabazana i Yeruzalemu. (Ivyakozwe 7:58; 9:1) Ariko rero igihe Sauli yari ku nzira, umuco waramukayanganiye irya n’ino aca agwa hasi.

Yaciye yumva ijwi atazi iyo rivuye rimuhamagara riti: “Sauli, Sauli, umpamira iki?” Sauli yaciye abaza ati: “Uri nde ga Mukama?” Nya jwi na ryo ryishura riti: “Ndi Yezu, uwo uriko urahama.”​—Ivyakozwe 9:4, 5.

Yezu yasavye Sauli kwinjira i Damasiko hama akarindira ubundi buyobozi, ariko yategerezwa kuronka uwumuyobora muri ico gisagara kuko wa muco waravya ku gitangaro wari watumye ahuma. Mu nyuma Yezu yarabonekeye Ananiya, umwe mu bigishwa biwe yaba i Damasiko. Yezu yararangiye Ananiya ahantu yosanze Sauli. Ananiya yabanje kugonanwa, ariko Yezu amusubiriza umutima mu nda ati: “Uwo muntu [ni] icombo nitoreye ngo ashingire intahe izina ryanje ku mahanga no ku bami no kuri bene Isirayeli.” Sauli yarahumutse maze aho nyene i Damasiko “aca atangura kwamamaza Yezu mu masinagogi, yuko Uyo ari Umwana w’Imana.”​—Ivyakozwe 9:15, 20.

Bashigikiwe na Yezu, Paulo hamwe n’abandi bamamaji barabandanije igikorwa co kwamamaza Yezu yari yaratanguje. Imana yarabahezagiye bararoranirwa cane. Haciye nk’imyaka 25 Yezu amubonekeye kuri ya nzira ija i Damasiko, Paulo yanditse ko inkuru nziza yari imaze “[kwamamazwa] mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru.”​—Abakolosayi 1:23.

Haciye imyaka itari mike, Yezu yareretse ya ntumwa Yohani yakunda cane ibintu dusanga mu gitabu c’Ivyahishuwe. Biciye kuri ivyo bintu yeretswe, ni nk’aho Yohani yaramvye gushika aho abona Yezu agarutse ari mu buninahazwa bw’Ubwami. (Yohani 21:22) Yohani yanditse ati: “Biciye ku guhumekerwa nasanze ndi mu musi w’Umukama.” (Ivyahishuwe 1:10) None uwo musi wotanguye ryari?

Umuntu yihweje yitonze ubuhanuzi bwo muri Bibiliya asanga “umusi w’Umukama” watanguye mu bihe vya none. Intambara ya mbere y’isi yose yatanguye mu 1914. Imyaka mirongo yakurikiye yaranzwe n’intambara nyinshi, ivyago, ikigoyi, vya nyamugigima hamwe n’ibindi bimenyamenya vyerekana ko ca “kimenyetso” Yezu yaha intumwa ziwe kiriko kiraranguka ku rugero runini. (Matayo 24:3, 7, 8, 14) Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kiriko kirarangurwa kw’isi yose, atari gusa mu karere k’inganji y’Uburoma.

Yohani yarahumekewe kwandika ico ivyo bisobanura, ati: “Ubu rero harashitse ubukiriro n’ubushobozi n’ubwami bw’Imana yacu n’ububasha bwa Kristu wayo.” (Ivyahishuwe 12:10) Emwe, bwa Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru Yezu yamamaza hose ubu buraganza!

Iyo ni inkuru nziza ku bayoboke ba Yezu bose b’intahemuka. Barashobora gufata nkama amajambo ya Yohani agira ati: “Ku bw’ivyo muhimbarwe, mwa majuru namwe abayabamwo! Haragowe isi n’ikiyaga, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.”​—Ivyahishuwe 12:12.

Ku bw’ivyo, ubu Yezu ntacicaye iburyo bwa Se arindiriye. Ni Umwami ari ku ngoma, kandi ubu bwa vuba agiye guhonya abansi biwe bose. (Abaheburayo 10:12, 13) None ni ibintu bihimbaye ibihe twimirije kwibonera?