Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 139

Yezu azana Iparadizo kandi agasozera igikorwa ciwe

Yezu azana Iparadizo kandi agasozera igikorwa ciwe

1 ABAKORINTO 15:24-28

  • IBIZOSHIKIRA INTAMA N’IMPENE

  • BENSHI BAZOBA MW’IPARADIZO NG’AHA KW’ISI

  • YEZU AGARAGAZA KO ARI INZIRA, UKURI N’UBUZIMA

Haciye igihe gitoyi Yezu abatijwe, yarahanganye n’umwansi yari yiyemeje kumutsinda ataranatangura igikorwa ciwe. Ego cane, Shetani yaragerageje Yezu akatari gake. Ku vyerekeye uwo mubisha, Yezu yahavuye avuga ati: “Umutware w’isi ariko araza. Kandi nta bubasha amfiseko.”​—Yohani 14:30.

Intumwa Yohani yareretswe ibiraririye gushikira ‘ca gisato kinini, ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani.’ Uwo mwansi katwa w’abantu yokwirukanywe mw’ijuru, akamanuka “afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.” (Ivyahishuwe 12:9, 12) Abakirisu b’ukuri barazi neza ko babayeho muri ico “gihe gito” be n’uko ico “gisato, ya nzoka yo mu ntango” kigiye gutabwa mu nyenga kikamara imyaka 1.000 kidakora mu gihe Yezu azoba ariko araganza mu Bwami bw’Imana.​—Ivyahishuwe 20:1, 2.

Ni ibiki none bizoba kuri ino si muri ico gihe? Ni bande bazoyibako kandi bazoba bamerewe gute? Yezu ubwiwe yaratanze inyishu. Muri wa mugani w’intama n’impene, yarerekanye ivyiza abagororotsi bameze nk’intama bazokwironkera kubera bashigikira bene wabo na Yezu kandi bakabakorera ivyiza. Yaratomoye kandi ibizoshikira abantu bagereranywa n’impene badashigikira bene wabo na Yezu. Yavuze ati: “Abo [ni ukuvuga impene] bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidahera, mugabo abagororotsi [ari zo ntama] baje mu buzima budahera.”​—Matayo 25:46.

Ivyo biradufasha gutahura amajambo Yezu yabwiye ya nkozi y’ikibi bari bamanikanywe. Yezu ntiyasezeraniye uwo mugabo impera isa n’iyo intumwa ziwe z’intahemuka zoronse, ni ukuvuga kuganza mu Bwami bwo mw’ijuru. Ahubwo yamusezeraniye ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.” (Luka 23:43) Uwo mugabo rero yahawe icizigiro co kuba mw’Iparadizo, ni ukuvuga ahantu hateye igomwe nka rya tongo ryo muri Edeni. Birumvikana rero ko abantu bo muri iki gihe bagaragaza ko bameze nk’intama bigatuma binjira “mu buzima budahera” na bo nyene bazoba muri iyo Paradizo.

Ivyo birahuye n’ivyo intumwa Yohani yavuze ku bijanye n’ingene ubuzima buzoba bumeze hano kw’isi. Yavuze ati: “Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba ibisata vyayo. Kandi Imana ubwayo izobana na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

Kugira ngo uwo mugabo w’inkozi y’ikibi ashobore kuba mw’Iparadizo, azokenera kuzurwa mu bapfuye. Kandi si we wenyene azozurwa. Ivyo Yezu yarabitomoye hamwe yavuga ati: “Isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe bakazivamwo, abakoze ivyiza bakazukira ubuzima, abagiye barakora ivy’agahomerabunwa bakazukira urubanza.”​—Yohani 5:28, 29.

Ariko tuvuge iki ku ntumwa za Yezu z’intahemuka hamwe n’abandi bakeyi bazoba bari kumwe na Yezu mw’ijuru? Bibiliya ivuga iti: “Bazoba abaherezi b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we iyo myaka igihumbi.” (Ivyahishuwe 20:6) Abazofadikanya na Yezu kuganza ni abagabo n’abagore babaye ng’aha kw’isi. Nta gukeka rero ko bazoganza abantu bo kw’isi babigiranye impuhwe n’ugutahura.​—Ivyahishuwe 5:10.

Yezu azoronsa ababa kw’isi ivyiza biva ku ncungu yatanze yongere abakureko umuvumo w’igicumuro barazwe. We hamwe n’abazofadikanya na we kuganza bazofasha abantu b’intahemuka kuba abatunganye. Emwe, ico gihe abantu bazoshobora kubaho nk’uko Imana yari yabitegekanije igihe yabwira Adamu na Eva kurondoka maze bakuzura isi. Mbere n’urupfu rwazanywe n’icaha ca Adamu ntiruzoba rukiriho!

Gutyo, Yezu azoba yaranguye ivyo Yehova yamusavye vyose. Ku mpera y’Ingoma yiwe y’imyaka igihumbi, Yezu azoshikiriza Se wiwe Ubwami n’abantu batunganye. Ku bijanye n’ukwicisha bugufi kudasanzwe kwa Yezu, intumwa Paulo yanditse ati: “Igihe ibintu vyose azoba yabihawe ngo abiganze, ni ho Umwana ubwiwe na we azoyoboka akaganzwa n’Uwamuhaye kuganza ibintu vyose, ngo Imana ibe vyose ku muntu wese.”​—1 Abakorinto 15:28.

Biratomoye ko Yezu afise uruhara ntangere mw’iranguka ry’imigambi y’Imana myiza igitangaza. Kandi uko iyo migambi izobandanya kuranguka ibihe bidahera, azokwama abaho ahuza neza n’ukuntu ubwiwe yidondoye ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima.”​—Yohani 14:6.