Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 4

Igikorwa Yezu yaranguriye i Yudaya

“Nimwinginge umukuru w’iyimbura arungike abakozi.”​—Luka 10:2

Igikorwa Yezu yaranguriye i Yudaya

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

IKIGABANE CA 66

I Yeruzalemu ku musi mukuru w’insago

Ni igiki catumye abumviriza Yezu biyumvira ko arimwo idayimoni?

IKIGABANE CA 67

“Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we”

Sentare nkuru y’Abayuda yose irarwanya Yezu, ariko umwe mu bayigize ararya umutima amenyo akamuvugira.

IKIGABANE CA 68

Umwana w’Imana ni “umuco w’isi”

Yezu yavuze ati: “Ukuri kuzobagira abidegemvya.” None bobohowe mu biki?

IKIGABANE CA 69

Abana ba Aburahamu canke ba Shetani?

Yezu arerekana ingene umuntu yomenya abana ba Aburahamu, akanasigura Se wiwe uwo ari we vy’ukuri.

IKIGABANE CA 70

Yezu akiza umugabo yavutse ari impumyi

Abigishwa barabaza igituma umugabo umwe yavutse ari impumyi. Yoba ari we yacumuye? Boba ari abavyeyi biwe? Abantu ntibavyakira kumwe igihe Yezu amukijije.

IKIGABANE CA 71

Abafarizayo bahangana na wa mugabo yari impumyi

Abafarizayo bararakara bumvise iciyumviro cumvikana gishikirijwe na wa mugabo yahoze ari impumyi. Baca bamuca mw’isinagogi, ico nyene kikaba ari co abavyeyi biwe bari bamye batinya.

IKIGABANE CA 72

Yezu arungika abigishwa 70 kwigisha

Igihe ari i Yudaya, Yezu ararungika abigishwa 70 kwigisha ivyerekeye Ubwami ari babiribabiri. None abo bigishwa basanga he abantu? Mu masinagogi canke mu mihana?

IKIGABANE CA 73

Umugenzi nyakuri ni nde?

Ni gute Yezu akoresha umugani w’Umusamariya w’imbabazi kugira yigishe icigwa gikomeye?

IKIGABANE CA 74

Icigwa cerekeye ubwakiranyi n’isengesho

Yezu aragendera Mariya na Marita iwabo. Ni ibiki yigisha ku bijanye n’ubwakiranyi? Ni ibiki yigisha abigishwa biwe ku bijanye n’ivyo bakwiye gusaba mw’isengesho?

IKIGABANE CA 75

Yezu yerekana isôko ry’agahimbare

Yezu arishura abamurwanya akababwira ivyerekeye “urutoke rw’Imana” n’ingene Ubwami bw’Imana bwabashikiriye. Arerekana kandi ingene abantu boronka agahimbare nyakuri.

IKIGABANE CA 76

Asangira n’Umufarizayo

Yezu ashira ku mugaragaro ubwiyorobetsi Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe bagira mu bijanye n’ugusenga. Ni imitwaro iyihe iremereye baremeka abantu?

IKIGABANE CA 77

Yezu atanga impanuro ku vyerekeye ubutunzi

Yezu atanga ikigereranyo c’umutunzi yubatse ibigega bininibinini. Ni impanuro iyihe asubiramwo yerekeye akaga ko kurondera amaronko?

IKIGABANE CA 78

Umubwiriza w’umwizigirwa akwiye kwama yiteguye

Yezu arerekana ko arajwe ishinga n’uko abigishwa biwe bagiranira ubucuti bwiza n’Imana. None uwo mubwiriza yobafashije iki? Ni kubera iki impanuro idusaba kuguma twiteguye ihambaye cane?

IKIGABANE CA 79

Agatikizo karimirije

Yezu avuga ko abo ariko arigisha bazotikizwa baramutse batigaye. Boba bazotahura icigwa gihambaye Yezu ariko arabigisha cerekeye ubucuti bafitaniye n’Imana?

IKIGABANE CA 80

Umwungere w’agahebuza n’impongore z’intama

Imigenderanire iri hagati y’umwungere n’intama irerekana neza ukuntu Yezu yiyumvamwo abigishwa biwe. Boba bazokwemera inyigisho ziwe kandi bakamugamburukira?

IKIGABANE CA 81

Yunze ubumwe na Se ariko si Imana

Bamwe mu batyoza Yezu bamwagiriza ngo avuga ko angana n’Imana. Ni gute yerekana ko ivyo birego ari ibinyoma abigiranye ubuhanga?