IGIHIMBA CA 5
Igikorwa Yezu yaranguriye mu buseruko bwa Yorodani mu nyuma
Benshi baramwizera.”—Yohani 10:42
IBIRI MURI IKI GIHIMBA
IKIGABANE CA 82
Igikorwa Yezu yaranguriye i Pereya
Yezu arasigurira abamwumviriza igikenewe kugira barokoke. Iyo mpanuro yari ihambaye muri ico gihe. Bite ho muri iki gihe?
IKIGABANE CA 83
Ni bande Imana itumira ku nzimano?
Igihe Yezu ariko arafungura ku nzu y’Umufarizayo, aratanga ikigereranyo cerekeye inzimano zihambaye. Araha icigwa gikomeye abasavyi b’Imana bose. Ico cigwa ni ikihe?
IKIGABANE CA 84
Kuba umwigishwa ni ibanga rikomeye
Kuba umwigishwa wa Kristu ni ibanga rikomeye. Yezu aratomora neza ico bisaba. Bamwe mu bavuga ko ari abayoboke biwe barababazwa n’ivyo avuze.
IKIGABANE CA 85
Umunezero uhaba igihe umucumuzi yigaye
Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe baratyoza Yezu kubera yifatanya n’abantu batobato. Mu kubishura, Yezu akoresha uturorero twerekana ukuntu Imana ibona abacumuzi.
IKIGABANE CA 86
Umwana w’icangazi agaruka
Ni ivyigwa ibihe dukura ku karorero Yezu yatanze k’umwana w’icangazi?
IKIGABANE CA 87
Nukoreshe ubwenge mu gutegekanya kazoza
Yezu akoresha akarorero k’umubwiriza w’umutekamutwe kugira yigishe ukuri gutangaje.
IKIGABANE CA 88
Ivya wa mutunzi na Lazaro bihinduka
Kugira dutahure uwo mugani wa Yezu dutegerezwa kubanza kumenya abagereranywa n’abantu babiri nyamukuru bavugwa muri uwo mugani.
IKIGABANE CA 89
Yigisha i Pereya ariko aja i Yudaya
Arerekana ikintu codufasha kubabarira abandi naho boducumurako kenshi.
IKIGABANE CA 90
“Izuka n’ubuzima”
Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko abamwizera ‘batazokwigera bapfa’?
IKIGABANE CA 91
Yezu azura Lazaro
Hari ibintu bibiri bituma n’abarwanya Yezu badashobora guhakana ico gitangaro.
IKIGABANE CA 92
Umwe gusa ni we yibutse gushima
Uwo mugabo yakize ntashimira Yezu gusa, hariho n’uwundi ashimira.
IKIGABANE CA 93
Umwana w’umuntu azohishurwa
Ni gute ikimenyamenya c’uko Kristu yatanguye kuganza cobaye nk’umuravyo?
IKIGABANE CA 94
Ugusenga n’ukwicisha bugufi ni ntahara
Mu karorero atanga kerekeye umucamanza mubi n’umupfakazi, Yezu arashimika ku kintu kimwe gihambaye.
IKIGABANE CA 95
Yigisha ivyerekeye kwahukana no gukunda abana
Ukuntu Yezu abona abana kuratandukanye cane n’ingene abigishwa biwe bababona. Uti kubera iki?
IKIGABANE CA 96
Yezu yishura umutware w’umutunzi
Ni igiki gituma Yezu avuga ko vyoroshe ko ingamiya ica mu zuru ry’urushinge kuruta ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana?
IKIGABANE CA 97
Abakozi bo mu murima w’imizabibu
Ni gute aba mbere baba aba nyuma, aba nyuma na bo bakaba aba mbere?
IKIGABANE CA 98
Intumwa zisubira guhahamira ubukuru
Yakobo na Yohani barasaba ikibanza kidasanzwe mu Bwami, ariko si bo bonyene.
IKIGABANE CA 99
Arakiza impumyi akanafasha Zakayo
Naho womenga inkuru zivuga ingene Yezu yakijije impumyi hafi y’i Yeriko ziravuguruzanya, ni kubera iki atari ko biri?
IKIGABANE CA 100
Umugani w’imina cumi
Yezu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo “Uwo wese afise, azokwongerwa; mugabo uwudafise, n’ico afise azocakwa”?