Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 70

Yezu akiza umugabo yavutse ari impumyi

Yezu akiza umugabo yavutse ari impumyi

YOHANI 9:1-18

  • AKIZA UMUSEZI YAVUTSE ARI IMPUMYI

Yezu aracari i Yeruzalemu, hakaba ari kw’Isabato. Igihe we hamwe n’abigishwa biwe bariko baratembera mu gisagara, babona umusezi yavutse ari impumyi. Abigishwa babaza Yezu bati: “Rabi, ni nde yacumuye, ni uyu muntu canke ni abavyeyi biwe, ku buryo yavutse ari impumyi?”​—Yohani 9:2.

Abigishwa bashobora kuba bibaza nimba bishoboka ko umuntu acumura akiri mu nda. Yezu yishura ati: “Yaba uyu muntu canke abavyeyi biwe, nta n’umwe yacumuye, mugabo vyabaye kugira ngo ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we.” (Yohani 9:3) Urwo ruhumyi ntirwavuye kw’ikosa canke igicumuro kanaka cakozwe n’uwo muntu canke abavyeyi biwe. Ahubwo riho, kubera igicumuro ca Adamu, twese tuvuka tudatunganye bikaba rero bishoboka ko tugira utunenge, nk’uruhumyi. Ariko rero, indwara y’uwo muntu iraha Yezu akaryo ko kwerekana ibikorwa vy’Imana, nk’uko yari amaze kubigira igihe yakiza abantu indwara.

Yezu arerekana ko vyihutirwa gukora ivyo bikorwa. Avuga ati: “Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwandungitse hakiri ku murango, ijoro ririko riraza aho ata muntu n’umwe ashobora gukora. Umwanya nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi.” (Yohani 9:4, 5) Ego cane, urupfu rwa Yezu rwimirije ruzotuma aja mu mwiza wo mu kuzimu aho adashobora gukora ikintu na kimwe. Mu gihe atarapfa, arabandanya kumurikira isi.

Ariko none, Yezu yoba aza gukiza uwo muntu? Nimba amukiza, aza kumukiza gute? Yezu acira hasi maze akabumbabumba utwondo akoresheje amate yiwe. Asiga dukeyi ku maso y’uwo mugabo, akamubwira ati: “Genda wiyoge mu kidengeri ca Silowamu.” (Yohani 9:7) Nya mugabo aragamburuka. Erega abigize, aca ahumuka! Ibaze nawe umunezero agira atanguye kubona ari bwo mbere kuva yakabaho!

Ababanyi n’abandi bari bazi ko ari impumyi barumirwa. Babaza bati: “Uyu si wa muntu yahora yicara asega?” Bamwe bishura bati: “Ni we.” Ariko abandi barabihakana, bakagira bati: “Eka da! ahubwo asa na we.” Nya muntu ubwiwe avuga ati: “Ndi we.”​—Yohani 9:8, 9.

Ku bw’ivyo, bamubaza bati: “None amaso yawe yahumutse gute?” Yishura ati: “Wa muntu yitwa Yezu yakoze utubumba atunsiga ku maso hanyuma ambwira ati: ‘Genda kuri Silowamu wiyoge.’ Nanje rero ndagenda, ndiyoga hanyuma ndahumuka.” Nuko bamubaza bati: “Uyo muntu ari hehe?” Na we ati: “Sinzi.”​—Yohani 9:10-12.

Nuko abantu batwara uwo mugabo ku Bafarizayo, na bo nyene bakaba bashaka kumenya ingene yahumutse. Ababwira ati: “Yashize utubumba ku maso yanje, hanyuma ndiyoga, none ndabona.” Abafarizayo bari bakwiye kunezeranwa n’uwo muntu yahoze ari impumyi. Aho kunezerwa, bamwe muri bo baca bagiriza Yezu bati: “Uyu si umuntu ava ku Mana, kuko atubahiriza Isabato.” Ariko rero abandi bavuga bati: “Umuntu w’umucumuzi ashobora gute gukora ibimenyetso mwene ivyo?” (Yohani 9:15, 16) Ivyo bituma bicamwo ibice.

Kubera yuko badahuje, baca bahindukira bakabaza wa mugabo bati: “Wewe umuvugako iki, ko yahumuye amaso yawe?” Uwo mugabo nta makenga na makeyi afise kuri Yezu, ari co gituma yishura ati: “Ni umuhanuzi.”​—Yohani 9:17.

Abayuda ntibavyemera. Biyumvira ko uwo mugabo hamwe na Yezu bagiye umugambi kugira bahende abantu. Babona rero ko uburyo bumwe bwo gutunganya ico kibazo ari ukubaza abavyeyi biwe nimba vy’ukuri yavuze ari impumyi.