Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana idufitiye umugambi uwuhe?

Imana idufitiye umugambi uwuhe?

IGIHE usomye ikinyamakuru, uravye televiziyo canke wumvirije iradiyo, nta kindi wumva canke ubona atari amakuru y’ubugizi bwa nabi, intambara n’iterabwoba. Ushobora kuba utuntuye kubera indwara canke kubera wabuze uwawe.

Niwibaze uti:

  • Ibi vyoba ari vyo Imana inyipfuriza n’umuryango wanje?

  • Ni igiki comfasha kwihanganira ingorane?

  • Twoba tuzokwigera turonka amahoro nyakuri?

Bibiliya iratanga inyishu zitomoye kuri ivyo bibazo.

BIBILIYA YIGISHA KO IMANA IZOHINDURA IBINTU HANO KW’ISI.

NIWUNGUKIRE KU VYO BIBILIYA YIGISHA

Woshobora kwiyumvira ko ivyo uhejeje gusoma ku mpapuro z’imbere y’uru ari indoto. Ariko Imana isezerana ko igiye kubikora vuba, kandi Bibiliya irerekana ukuntu izobigenza.

Si ivyo gusa. Bibiliya iratubwira ico twokora muri iki gihe kugira turonke agahimbare nyakuri. Zirikana gatoyi ku bintu biduhagarika umutima. Aho twovuga nk’ibibazo vy’amahera n’ivyo mu muryango, ingorane z’amagara canke kubura uwacu. Bibiliya irashobora kugufasha kwihanganira izo ngorane, kandi irashobora kuguhumuriza mu kuguha inyishu z’ibibazo nk’ibi:

Kuba uriko urasoma iki gitabu vyerekana ko wipfuza kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Iki gitabu kizogufasha. Ingingo yose irafise ikibazo, ivyo bikaba bigufasha kurushiriza gutahura Bibiliya. Abantu benshi cane bararyoherwa no kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Twizigiye ko nawe bizokuryohera. Ese Imana yoguhezagira mu twigoro ugira ngo umenye ivyo Bibiliya yigisha!