Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 4

Yezu Kristu ni nde?

Yezu Kristu ni nde?

1, 2. (a) Kumenya izina ry’umuntu rurangiranwa vyoba bisigura ko umuzi neza? Sigura. (b) Abantu bavuga iki ku vyerekeye Yezu?

HARI abantu benshi ba rurangiranwa mw’isi. Woshobora kuba uzi izina ry’umuntu rurangiranwa. Ariko ivyo ntibisigura ko uba umuzi neza. Ntibisigura ko uzi amakuru yose yerekeye ubuzima bwiwe n’ingene ameze vy’ukuri.

2 Ushobora kuba umaze kwumva ivyerekeye Yezu Kristu, naho haciye nk’imyaka 2.000 abaye kw’isi. Ariko abantu benshi ntibazi Yezu uwo ari we vy’ukuri. Bamwe bavuga ko yari umuntu mwiza, abandi ngo yari umuhanuzi, abandi na bo ngo ni Imana. Wewe uvyiyumvirako iki?—Raba akajambo ko ku mpera ka 12.

3. Kubera iki bihambaye ko umenya Yehova Imana na Yezu Kristu?

3 Birahambaye ko umenya ukuri kwerekeye Yezu. Uti kubera iki? Bibiliya ivuga iti: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Egome, kumenya ukuri kwerekeye Yehova na Yezu birashobora gutuma ubaho ibihe bidahera mw’iparadizo. (Yohani 14:6) Vyongeye, kumenya ivyerekeye Yezu bizogufasha kubera ko ari we yaduhaye akarorero keza cane k’ingene twobaho n’ingene twofata abandi. (Yohani 13:34, 35) Mu kigabane ca 1, twarabonye ukuri kwerekeye Imana. Ubu na ho tugira turabe ico Bibiliya yigisha ku vyerekeye Yezu.

TWABONYE MESIYA!

4. Amazina “Mesiya” na “Kristu” yerekana iki?

4 Hagisigaye imyaka myinshi ngo Yezu avuke, Yehova yarasezeranye muri Bibiliya ko yorungitse Mesiya canke Kristu. Izina “Mesiya” rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo, izina “Kristu” na ryo rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki. Ayo mazina yose yerekana ko uwo Mesiya yasezeranywe yotowe n’Imana maze ikamuzeza ibanga ridasanzwe. Mesiya azorangura ivyo Imana yasezeranye vyose. Yezu kandi arashobora kugufasha no muri iki gihe. Ariko imbere y’uko Yezu avuka, abantu benshi baribaza bati: ‘Ni nde azoba Mesiya?’

5. Abigishwa ba Yezu boba baremera ko ari we Mesiya?

5 Abigishwa ba mbere ba Yezu baremera badakeka yuko yari we Mesiya yasezeranywe. (Yohani 1:41) Nk’akarorero, Simoni Petero yabwiye Yezu ati: “Uri Kristu.” (Matayo 16:16) Ni igiki none cotwemeza ko Yezu ari we Mesiya?

6. Yehova yafashije gute abantu b’inziraburyarya kumenya Mesiya?

6 Hagisigaye igihe kirekire ngo Yezu avuke, abahanuzi b’Imana baranditse amakuru menshi yofashije abantu kumenya Mesiya. Ayo makuru yobafashije gute? Dufate ko bagutumye ku gituro c’amabisi ngo uje gutegera umuntu utarigera ubona. Hamwe bokudondorera neza ingene uwo muntu ameze, woshobora kumutora. Muri ubwo buryo nyene, Yehova yarakoresheje abahanuzi biwe mu kutubwira ivyo Mesiya yokoze be n’ivyomushikiye. Iranguka ry’ubwo buhanuzi bwose rirafasha abantu b’inziraburyarya kumenya ko Yezu ari we Mesiya.

7. Ni ubuhanuzi bubiri ubuhe bwerekana ko Yezu ari we Mesiya?

7 Raba bubiri muri ubwo buhanuzi. Ubwa mbere: Hagisigaye imyaka 700 ngo Yezu avuke, umuhanuzi Mika yavuze yuko Mesiya yovukiye mu gasagara gatoyi kitwa Betelehemu. (Mika 5:2) Kandi aho ni ho Yezu yavukiye! (Matayo 2:1, 3-9) Ubwa kabiri: Umuhanuzi Daniyeli yavuze ko Mesiya yobonetse mu mwaka wa 29 inyuma ya Kristu. (Daniyeli 9:25) Ubwo ni bubiri gusa mu buhanuzi bwinshi bwerekana neza ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe.—Raba akajambo ko ku mpera ka 13.

Igihe Yezu yabatizwa yaciye aba Mesiya canke Kristu

8, 9. Ni ibiki vyabaye igihe Yezu yabatizwa vyerekana ko ari Mesiya?

8 Yehova yaratomoye neza ko Yezu ari we Mesiya. Imana yari yarasezeraniye Yohani Umubatizi ko yomuhaye ikimenyetso kimwereka Mesiya uwo ari we. Yohani yarabonye ico kimenyetso igihe Yezu yaza kuri we kugira amubatize mu ruzi Yorodani mu mwaka wa 29 inyuma ya Kristu. Bibiliya iratubwira ivyabaye iti: “Yezu amaze kubatizwa, buno nyene aduga ava mu mazi; maze ijuru riruguruka, abona impwemu y’Imana imuzako, imanuka imeze nk’inuma. Humvikana kandi ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: ‘Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.’” (Matayo 3:16, 17) Igihe Yohani yabona ibibaye akongera akumva iryo jwi, yaciye amenya ko Yezu ari we Mesiya. (Yohani 1:32-34) Igihe Yehova yamusukako impwemu yiwe kuri uwo musi, Yezu yaciye aba Mesiya. Ni we Imana yari yaratoye ngo abe Indongozi n’Umwami.Yesaya 55:4.

9 Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, amajambo Yehova yivugiye be n’ikimenyetso yatanze igihe Yezu yabatizwa, birerekana ko Yezu ari we Mesiya. None Yezu yakomotse he, kandi yari ameze gute? Reka turabe ico Bibiliya ibivugako.

YEZU YAKOMOTSE HE?

10. Bibiliya yigisha ko Yezu yaba he imbere y’uko aza kw’isi?

10 Bibiliya yigisha ko Yezu yamaze igihe kirekire aba mw’ijuru imbere y’uko aza kw’isi. Mika yavuze ko Mesiya yari uwo “kuva mu bihe vya kera.” (Mika 5:2) Yezu ubwiwe yaravuze incuro nyinshi ko yaba mw’ijuru imbere y’uko avukira kw’isi. (Soma Yohani 3:13; 6:38, 62; 17:4, 5.) N’imbere y’uko Yezu aza kw’isi, yari afitaniye ubucuti budasanzwe na Yehova.

11. Kubera iki Yehova akunda cane Yezu?

11 Yehova arakunda Yezu cane. Kubera iki? Kubera ko ari we Imana yaremye imbere y’uko irema ibindi bintu vyose. Ni co gituma Yezu yitwa “imfura mu biremwa vyose.” * (Abakolosayi 1:15) Yehova kandi arakunda Yezu cane kubera ko ari we wenyene Imana yiremeye ata wundi biciyeko. Ni co gituma yitwa ‘Umwana w’ikinege.’ (Yohani 3:16) Vyongeye, Yezu ni we wenyene Yehova yakoresheje mu kurema ibindi bintu vyose. (Abakolosayi 1:16) Yezu kandi ni we wenyene yitwa “Jambo,” kubera ko Yehova yamukoresheje mu gushikiriza ubutumwa n’ubuyobozi abamarayika n’abantu.Yohani 1:14.

12. Tuzi gute ko Yezu n’Imana atari umuntu umwe?

12 Hari abavuga ko Yezu n’Imana ari umuntu umwe. Ariko ivyo si vyo Bibiliya yigisha. Bibiliya ivuga ko Yezu yaremwe, bikaba bisigura ko yagize intango. Ariko Yehova Umuremyi w’ibiriho vyose ntagira intango. (Zaburi 90:2) Naho Yezu ari Umwana w’Imana, ntiyigeze arondera kungana n’Imana. Bibiliya iratomora neza ko Data aruta Umwana. (Soma Yohani 14:28; 1 Abakorinto 11:3.) Yehova wenyene ni we “Mana Mushoboravyose.” (Itanguriro 17:1) Ni we ahambaye kandi nta n’umwe banganya ububasha kw’isi no mw’ijuru.—Raba akajambo ko ku mpera ka 14.

13. Kubera iki Bibiliya yita Yezu “ishusho y’Imana itaboneka”?

13 Imbere y’uko ijuru n’isi biremwa, Yehova n’Umwana wiwe Yezu baramaze imyaka amamiliyaridi bakorana. Nta gukeka ko bakundana cane! (Yohani 3:35; 14:31) Yezu yariganye neza Se ku buryo Bibiliya imwita “ishusho y’Imana itaboneka.”Abakolosayi 1:15.

14. Vyagenze gute ngo Umwana wa Yehova avukire kw’isi?

14 Uwo Mwana Yehova yikundira yaremeye kuva mw’ijuru araza kuvukira ng’aha kw’isi. None ivyo vyashobotse gute? Yehova yarakoze igitangaro, akura ubuzima bw’uwo Mwana wiwe mw’ijuru abwimurira mu nda y’umwigeme w’isugi yitwa Mariya. Ntivyasavye ko Yezu agira se w’umuntu. Gutyo, Mariya yaravyaye umwana atunganye, araheza amwita Yezu.Luka 1:30-35.

YEZU YARI AMEZE GUTE?

15. Ni igiki cogufasha kumenya neza Yehova?

15 Urashobora kumenya vyinshi ku vyerekeye Yezu, ubuzima bwiwe n’ingene yari ameze mu gusoma Bibiliya muri Matayo, Mariko, Luka na Yohani. Ivyo bitabu vyitwa Injili. Kubera ko Yezu ameze neza na neza nka Se, ivyo usoma muri ivyo bitabu bizogufasha kumenya neza Yehova. Ni co gituma Yezu yavuze ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.”Yohani 14:9.

16. Ni ibiki Yezu yigisha? Ivyo yigisha vyava he?

16 Abantu benshi bita Yezu ngo “Mwigisha.” (Yohani 1:38; 13:13) Ikintu nyamukuru yigisha yari “inkuru nziza y’ubwami.” None ubwo Bwami ni iki? Ni intwaro y’Imana iri mw’ijuru izoganza isi yose maze ikaronsa ivyiza abantu bagamburukira Imana. (Matayo 4:23) Ivyo Yezu yigisha vyose vyava kuri Yehova. Yavuze ati: “Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwandungitse.” (Yohani 7:16) Yezu yari azi ko Yehova ashaka ko abantu bumva inkuru nziza y’uko Ubwami bw’Imana buzoganza isi.

17. Yezu yigishiriza hehe? Kubera iki yitanga cane?

17 Yezu yigishiriza hehe? Aho yasanga abantu hose. Yarigisha mu mitumba no mu bisagara, mu bigwati, mu masoko, mu rusengero, mu masinagogi no mu mihana y’abantu. Ntiyarindira ngo abantu bamusange aho ari. Ni we yabasanga iyo bari. (Mariko 6:56; Luka 19:5, 6) Yezu yaritanga cane, agakoresha umwanya munini n’inguvu nyinshi ariko arigisha abantu. Kubera iki? Kubera yari azi ko ivyo ari vyo Imana yashaka ko akora no kubera yama agamburukira Se wiwe. (Yohani 8:28, 29) Vyongeye, Yezu yaramamaza kubera yumvira impuhwe abantu. (Soma Matayo 9:35, 36.) Yarabona ko indongozi z’amadini zitigisha abantu ukuri kwerekeye Imana n’Ubwami bwayo. Yaripfuza rero gufasha abantu benshi bashoboka kwumva inkuru nziza.

18. Ni ibiki ushima ku kuntu Yezu yari ameze?

18 Yezu yarakunda abantu kandi akabitwararika. Yari afise umutima mwiza kandi yari yoroshe kuganiriza. Mbere n’abana barakunda kumwiyegereza. (Mariko 10:13-16) Yezu ntiyagira nkuzi. Yaranka ibiturire n’akarenganyo. (Matayo 21:12, 13) Mu gihe ciwe, abagore wasanga bacinyizwa kandi ntibahabwe icubahiro. Ariko Yezu we yama abafatana iteka kandi akabubaha. (Yohani 4:9, 27) Yezu yaricisha bugufi vy’ukuri. Nk’akarorero, igihe kimwe yarogeje ibirenge intumwa ziwe, ico kikaba cari ikintu cakorwa n’umushumba.Yohani 13:2-5, 12-17.

Yezu yarigisha aho yasanga abantu hose

19. Ni akarorero akahe kerekana ko Yezu yari azi ivyo abantu bakeneye vy’ukuri be n’uko yipfuza kubafasha?

19 Yezu yari azi ivyo abantu bakeneye vy’ukuri kandi yaripfuza kubafasha. Ivyo vyarigaragaje igihe yakoresha ububasha Imana yamuhaye kugira akize abantu ku gitangaro. (Matayo 14:14) Nk’akarorero, hari umugabo arwaye imibembe yaje kuri Yezu maze amubwira ati: “Ubishatse gusa, urashobora kumpumanura.” Yezu yariyumvisemwo intuntu n’umubabaro uwo mugabo yari afise. Yaramwumviye ikigongwe aca ashaka kumufasha. Yezu yaciye aramvura ukuboko aramukorako, maze amubwira ati: “Ndabishaka. Humanuka.” Uwo mugabo yaciye akira! (Mariko 1:40-42) Iyumvire nawe ukuntu uwo mugabo yumvise amerewe!

NTIYIGEZE AHEMUKIRA SE

20, 21. Ni gute Yezu ari akarorero keza mu vyo kugamburukira Imana?

20 Yezu ni akarorero ntangere mu bijanye no kugamburukira Imana. Yagumye ari intahemuka kuri Se wiwe, naho yashikiwe n’ibigeragezo bikomeye akongera agakubagurwa n’abansi biwe. Nk’akarorero, Yezu ntiyacumuye igihe Shetani yamugerageza. (Matayo 4:1-11) Bamwe mu ncuti ziwe ntibemera ko ari we Mesiya. Mbere baravuze ko “yasaze,” ariko yagumye akora igikorwa c’Imana. (Mariko 3:21) Igihe abansi biwe bamufata nabi, Yezu yagumye ari intahemuka ku Mana kandi ntiyigeze agerageza kubihora.1 Petero 2:21-23.

21 Yezu kandi yagumye ari intahemuka kuri Yehova n’igihe yariko aricwa urw’agashinyaguro. (Soma Abafilipi 2:8.) Iyumvire ibintu yihanganiye umusi bamwica. Yarafashwe, amasura y’ibinyoma aramwagiriza ngo yarogose, abacamanza babi baramucira urwa ngondagonde, isinzi ry’abantu riramutwengera mw’ijigo, abasoda baramuhohotera maze bamumanika ku giti. Igihe yariko aracikana, yasemereye ati: “Birarangutse!” (Yohani 19:30) Haciye imisi itatu apfuye, Yehova yaramuzuye aca amuha umubiri w’impwemu. (1 Petero 3:18) Inyuma y’indwi nka zingahe, Yezu yarasubiye mw’ijuru, “yicara iburyo bw’Imana” maze arindira ko Imana imugira Umwami.Abaheburayo 10:12, 13.

22. Ni akaryo akahe dufise kubera ko Yezu yagumye ari intahemuka kuri Se wiwe?

22 Kubera ko Yezu yagumye ari intahemuka kuri Se wiwe, turafise akaryo ko kubaho ibihe bidahera mw’iparadizo, nk’uko Yehova yari yabishatse. Mu kigabane gikurikira, tuzoraba ingene urupfu rwa Yezu rutuma dushobora kubaho ibihe bidahera.

^ ing. 11 Yehova yitwa Data kubera ko ari Umuremyi. (Yesaya 64:8) Yezu yitwa Umwana w’Imana kubera ko Yehova ari we yamuremye. Abamarayika hamwe na Adamu na bo nyene bitwa abana b’Imana.Yobu 1:6; Luka 3:38.