Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 7

Abapfuye bazozuka!

Abapfuye bazozuka!

1-3. Ni igiki catugize imbohe, kandi Yehova azotubohora gute?

DUFATE ko baguciriye igihano co gupfungwa ubuzima bwawe bwose uhorwa icaha utigeze ukora. Nta cizigiro ufise co kuzorekurwa. Bisa n’uko kabaye, kandi nta na kimwe uri buhindure. Ariko mu gihe nyene ubona ko kabaye, ugiye wumva ko hariho umuntu ashoboye kukurekuza kandi akaba yemeye kugufasha! Wokwiyumva gute?

2 Twese urupfu rwaratugize imbohe. Naho twokora iki, nta ho tworuhungira. Ariko Yehova arashoboye kutubohora mu rupfu. Kandi yasezeranye ati: “Urupfu ni we mwansi wa nyuma azokurwaho.”1 Abakorinto 15:26.

3 Iyumvire ingene uzokwiruhutsa igihe urupfu ruzoba rwavuyeho! Ariko Yehova ntazokuraho urupfu gusa. N’abapfuye azobazura. Iyumvire ingene bizoba bihimbaye! Asezerana ko abapfuye bazosubira kuba bazima. (Yesaya 26:19) Ico ni co Bibiliya yita izuka.

IYO TUBUZE UWACU

4. (a) Ni igiki coduhumuriza igihe tubuze incuti canke umugenzi? (b) Ni bande bari abagenzi ba Yezu?

4 Iyo tubuze incuti canke umugenzi somambike, turagira umubabaro n’agahinda bitovugwa. Turumva tudendebukiwe. Nta na kimwe twokora kugira asubire kubaho. Ariko Bibiliya iraduhumuriza cane. (Soma 2 Abakorinto 1:3, 4.) Reka turabe akarorero kamwe katwereka ko Yehova na Yezu bipfuza cane kuzura abacu bapfuye. Igihe Yezu yari kw’isi, yarakunda kuja kuramutsa Lazaro na bashikiwe, Marita na Mariya. Bose uko ari batatu bari abagenzi biwe. Bibiliya ivuga iti: “Yezu yarakunda Marita na mwene wabo be na Lazaro.” Mugabo vyarashitse Lazaro arapfa.Yohani 11:3-5.

5, 6. (a) Yezu yamerewe gute igihe yabona umuryango wa Lazaro n’abagenzi biwe bariko bararira? (b) Kubera iki bihumuriza kumenya ko Yezu ababazwa n’urupfu?

5 Yezu yaragiye kuremesha Marita na Mariya. Igihe Marita yumva ko Yezu ariko araza, yaciye aja kumutegera hanze y’igisagara. Yararyohewe no kubona Yezu, mugabo amubwira ati: “Iyo uza kuba wari hano musazanje ntiyari gupfa.” Marita yiyumvira ko Yezu ashitse harengeranye. Mu nyuma, Yezu yarabonye Mariya mwene wabo na Marita ariko ararira. Abonye intuntu Marita na Mariya bafise, yarababaye aca ararira. (Yohani 11:21, 33, 35) Yarumvise agahinda tugira iyo twabuze uwacu.

6 Kumenya ko na Yezu ababara igihe twabuze uwacu biraduhumuriza. Kandi Yezu ameze neza na neza nka Se. (Yohani 14:9) Yehova arafise ububasha bwo gukuraho urupfu burundu, kandi ivyo ni vyo vuba agiye gukora.

“LAZARO, SOHOKA!”

7, 8. Kubera iki Marita atashaka ko bakura ikibuye cari ku mva ya Lazaro, ariko ni igiki Yezu yakoze?

7 Igihe Yezu yashika ku mva ya Lazaro, yasanze yugajwe ikibuye kinini. Yaciye avuga ati: “Kureko iryo buye.” Ariko Marita we ntiyashaka ko barikurako. Lazaro yari amaze imisi ine mu mva. (Yohani 11:39) Marita ntiyabona ko hari ico Yezu yokora kugira afashe musazawe.

Umuryango wa Lazaro n’abagenzi biwe baranezerewe cane igihe yazuka.Yohani 11:38-44

8 Yezu yabwiye Lazaro ati: “Sohoka!” Marita na Mariya baciye babona ikintu gitangaje. Bibiliya yigana iti: “Nya muntu yari yapfuye arasohoka, amaguru n’amaboko bizingiriyeko ibitambara.” (Yohani 11:43, 44) Lazaro yari asubiye kuba muzima! Yarasubiye kubonana n’umuryango wiwe hamwe n’abagenzi biwe. Barashobora kumugumbira, kumukorako no kumuvugisha. Mbega igitangaro! Yezu yari yazuye Lazaro!

“MWIGEME, NDABIKUBWIYE: HAGURUKA!”

9, 10. (a) Ni nde yahaye Yezu ububasha bwo kuzura abantu? (b) Kubera iki inkuru zivuga ivy’izuka zidufitiye akamaro?

9 Yezu yoba yazura abantu akoresheje ububasha bwiwe? Oya. Imbere y’uko azura Lazaro, yarasenze Yehova maze aramuha ububasha bwo kumuzura. (Soma Yohani 11:41, 42.) Lazaro si we muntu wenyene yazutse. Bibiliya iratubwira inkuru y’agakobwa k’imyaka 12 kari karwaye cane. Yayiro se w’ako gakobwa yari yihebuye, maze aringinga Yezu ngo agakize. Ni ko kana konyene yari afise. Igihe yariko aravugana na Yezu, hari abagabo baje bamubwira bati: “Umukobwa wawe yapfuye! Uracagorera iki umwigisha?” Ariko Yezu yaciye abwira Yayiro ati: “Ntutinye, nugire ukwizera gusa, arakira.” Baciye bajana kwa Yayiro. Bashitseyo, Yezu yasanze abantu bariko bararira. Yababwiye ati: “Nimureke kurira, kuko atapfuye, ahubwo arasinziriye.” Abavyeyi b’ako gakobwa bashobora kuba baribajije ico Yezu yashaka kuvuga. Yezu yaciye asaba abari aho bose ngo basohoke maze yinjirana n’abavyeyi b’ako gakobwa aho kari karyamye. Yaragafashe ukuboko aca akabwira ati: “Mwigeme, ndabikubwiye: Haguruka!” Iyumvire ingene abavyeyi bako banezerewe igihe kaca gahaguruka kagatangura kugendagenda! Yezu yari yazuye ako gakobwa kabo. (Mariko 5:22-24, 35-42; Luka 8:49-56) Kuva ico gihe, babonye ako gakobwa baca bibuka ivyo Yehova yabakoreye abicishije kuri Yezu. *

10 Abo Yezu yazuye barasubiye gupfa. Ariko inkuru zabo ziradufitiye akamaro kubera ko zituma tugira icizigiro nyakuri. Yehova aripfuza kuzura abapfuye, kandi azobikora.

ICO TWIGIRA KU NKURU ZIVUGA IVY’IZUKA

Intumwa Petero yarazuye umugore yitwa Doruka.Ivyakozwe 9:36-42

Eliya yarazuye umwana w’umupfakazi.1 Abami 17:17-24

11. Twisunze Umusiguzi 9:5, Lazaro yari ameze gute?

11 Bibiliya iravuga neza ko ‘abapfuye ata co bazi namba.’ Ni ko na Lazaro yari ameze. (Umusiguzi 9:5) Nk’uko nyene Yezu yabivuze, ni nk’aho Lazaro yari asinziriye. (Yohani 11:11) Igihe Lazaro yari yapfuye, ‘nta co yari azi namba.’

12. Tuzi gute ko Lazaro yazutse vy’ukuri?

12 Igihe Yezu yazura Lazaro, abantu benshi barabibonye. Mbere n’abansi ba Yezu baramenye ko yakoze ico gitangaro. Lazaro yari muzima, kandi ivyo vyarerekanye ko yari yazutse vy’ukuri. (Yohani 11:47) Vyongeye, abantu benshi baragiye kuraba Lazaro, baca baratangura kwemera ko Yezu yarungitswe n’Imana. Ivyo ntivyanezereje abansi ba Yezu. Baciye rero bagira umugambi wo kwica Yezu na Lazaro.Yohani 11:53; 12:9-11.

13. Kubera iki twokwemera tudakeka ko Yehova azozura abapfuye?

13 Yezu yavuze ko “abari mu mva z’icibutso bose” bazozuka. (Yohani 5:28, akajambo k’epfo) Ivyo bisobanura ko abo Yehova yibuka bose bazosubira kubaho. Ariko kugira Yehova azure umuntu, bisaba ko aba yibuka ibintu vyose vyerekeye uwo muntu. None ivyo arabishoboye vy’ukuri? Mu kirere hari inyenyeri amamiliyaridi. Bibiliya ivuga ko Yehova azizi amazina zose. (Soma Yesaya 40:26.) Nimba ashobora kwibuka amazina y’inyenyeri zose, birumvikana rero ko ashobora kwibuka neza ibintu vyose vyerekeye abantu azozura. N’igihambaye kuruta, Yehova ni we yaremye ibintu vyose. Turazi rero ko afise ububasha bwo kuzura abantu.

14, 15. Amajambo Yobu yavuze atwigisha iki ku bijanye n’izuka?

14 Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yaremera ko hazobaho izuka. Yabajije ati: “Umuntu w’umugabo apfuye, yosubira kubaho?” Yaciye abwira Yehova ati: “Uzohamagara, nanje nzokwitaba. Uzoba ushashaye igikorwa c’amaboko yawe.” Emwe, Yobu yari azi ko Yehova ashashaye kuzura abapfuye.Yobu 14:13-15.

15 None ico cizigiro c’izuka gituma wumva umerewe gute? Urashobora kwibaza uti: ‘Incuti zanje n’abagenzi banje bapfuye, na bo nyene bazozuka?’ Kumenya ko Yehova yipfuza vy’ukuri kuzura abapfuye biraduhumuriza. Reka turabe ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’abazozuka hamwe n’aho bazoba.

‘BAZOKWUMVA IJWI RYIWE BAZIVEMWO’

16. Abazozukira kuba kw’isi bazoba bafise ubuzima bumeze gute?

16 Abantu bazutse kera barasubiye kubonana n’imiryango yabo hamwe n’abagenzi babo hano kw’isi. Ukwo ni ko bizogenda no muri kazoza, ariko hoho bizoba ari vyiza gusumba. Uti kubera iki? Kubera ko abazozuka bazoba bafise akaryo ko kubaho ibihe bidahera, ntibasubire gupfa. Kandi ico gihe isi izoba itandukanye cane n’iyo tubako ubu. Nta ntambara, nta bwicanyi, eka nta n’indwara bizoba bihari.

17. Ni bande bazozuka?

17 Ni bande bazozuka? Yezu yavuze ko “abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe bakazivamwo.” (Yohani 5:28, 29) Mu Vyahishuwe 20:13 na ho havuga hati: “Ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo birekura abapfuye bo muri vyo.” Emwe, hazozuka abantu amamiliyaridi. Intumwa Paulo na we yavuze ko hazozuka “abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Soma Ivyakozwe 24:15.) None ivyo bisobanura iki?

Mw’iparadizo, abapfuye bazozuka basubire kubonana n’ababo

18. “Abagororotsi” bazozuka ni bande?

18 Mu “bagororotsi” bazozuka harimwo abasavyi ba Yehova b’abizigirwa babayeho imbere y’uko Yezu aza kw’isi. Nk’akarorero, Nowa, Aburahamu, Sara, Musa, Rusi na Esiteri bazozukira kuba ng’aha kw’isi. Urashobora gusoma ibijanye na bamwebamwe muri abo bagabo n’abagore mu Baheburayo ikigabane ca 11. Tuvuge iki ku basavyi ba Yehova b’abizigirwa bapfa muri kino gihe? Bazozuka kubera ko na bo nyene ari “abagororotsi.”

19. “Abatari abagororotsi” ni bande? Ni akaryo akahe Yehova azobaha?

19 Mu “batari abagororotsi” bazozuka harimwo abantu amamiliyaridi bataronse akaryo ko kumenya Yehova. Yehova ntiyabibagiye naho bapfuye. Azobazura abahe akaryo ko kwiga ibimwerekeye no kumukorera.

20. Kubera iki atari abantu bose bazozuka?

20 Ivyo vyoba bisigura ko abantu bose bapfuye bazozuka? Habe namba. Yezu yaravuze ko hariho abantu batazozuka. (Luka 12:5) None ni nde azoshinga ko umuntu kanaka azuka canke atazuka? Yezu yaragenywe ngo abe “umucamanza w’abazima n’abapfuye,” ariko Yehova ni we afise ijambo rya nyuma. (Ivyakozwe 10:42) Yehova ntazozura abantu b’ababisha kandi badashaka guhindura ingendo.—Raba akajambo ko ku mpera ka 19.

KUZUKIRA KUBA MW’IJURU

21, 22. (a) Abazukira kuba mw’ijuru bazuka bafise umubiri umeze gute? (b) Ni nde muntu wa mbere yazukiye kuba mw’ijuru?

21 Bibiliya iratubwira kandi ko hariho abantu bazoba mw’ijuru. Abazukira kuba mw’ijuru ntibazuka bafise umubiri w’inyama. Bazuka bafise umubiri w’impwemu.

22 Yezu ni we muntu wa mbere yazutse muri ubwo buryo. (Yohani 3:13) Haheze imisi itatu yishwe, Yehova yaramuzuye. (Zaburi 16:10; Ivyakozwe 13:34, 35) Yezu ntiyazutse afise umubiri w’inyama. Intumwa Petero yavuze ko Yezu “yi[shwe] mu mubiri mugabo agirwa muzima mu mpwemu.” (1 Petero 3:18) Yezu yazutse ari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha! (1 Abakorinto 15:3-6) Ariko Bibiliya irerekana ko atari we wenyene yozutse muri ubwo buryo.

23, 24. Abo Yezu yise “ubusho buto” ni bande, kandi ni bangahe?

23 Imbere y’uko Yezu apfa, yabwiye abigishwa biwe b’intahemuka ati: “Ngiye kubategurira ikibanza.” (Yohani 14:2) Ivyo bisobanura ko bamwe mu bigishwa biwe bozukiye kubana na we mw’ijuru. None bobaye ari bangahe? Yezu yavuze ko bobaye ari bakeyi. Yabise “ubusho buto.” (Luka 12:32) Intumwa Yohani yaratomoye igitigiri cabo igihe yabona Yezu “ahagaze ku Musozi Siyoni [wo mw’ijuru], ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine.”Ivyahishuwe 14:1.

24 None abo bakirisu 144.000 bozutse ryari? Bibiliya ivuga ko bozutse Kristu amaze gutangura kuganza mw’ijuru. (1 Abakorinto 15:23) Ubu Yezu yaratanguye kuganza, kandi benshi muri abo 144.000 baramaze kuzuka, bakaba bari mw’ijuru. Abakiri kw’isi muri kino gihe iyo bapfuye, ubwo nyene baca bazuka bakaja mw’ijuru. Ariko rero, abantu benshi bafise icizigiro co kuzozukira kuba mw’iparadizo ng’aha kw’isi.

25. Ni ibiki tuzokwiga mu kigabane gikurikira?

25 Vuba Yehova agiye kudukurako urupfu ubutakigaruka! (Soma Yesaya 25:8.) None abagenda mw’ijuru bajayo gukora iki? Bibiliya ivuga ko bazoganza bari kumwe na Yezu mu ntwaro y’Ubwami bw’Imana. Tuzokwiga vyinshi ku bijanye n’iyo ntwaro mu kigabane gikurikira.

^ ing. 9 Izindi nkuru z’izuka zivugwa muri Bibiliya zirerekana ko hazutse abato n’abakuze, abagabo n’abagore, Abisirayeli n’abatari Abisirayeli. Urashobora kuzisomera muri 1 Abami 17:17-24; 2 Abami 4:32-37; 13:20, 21; Matayo 28:5-7; Luka 7:11-17; 8:40-56; Ivyakozwe 9:36-42; 20:7-12.