Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 9

Umuhero woba uri hafi?

Umuhero woba uri hafi?

1. Twomenya gute ibizoba muri kazoza?

WOBA umaze kuraba canke kwumviriza amakuru maze ukibaza uti: ‘Iyi si iriko ija he?’ Ivyago n’ubugizi bwa nabi vyabaye ndanse ku buryo abantu babona ko umuhero w’isi wegereje. None ivyo vyoba ari vyo? Vyoba bishoboka ko tumenya ibintu bizoba muri kazoza? Birashoboka. Abantu ntibashobora kumenya ibizoba muri kazoza, ariko Yehova Imana wewe arabishoboye. Biciye kuri Bibiliya, araduhishurira kazoza kacu n’ak’iyi si.Yesaya 46:10; Yakobo 4:14.

2, 3. Ni igiki abigishwa babajije Yezu? Yabishuye iki?

2 Igihe Bibiliya ivuze umuhero w’isi, ntiba ishaka kuvuga ko iyi si tubako izovaho, ahubwo iba ishaka kuvuga ko hazovaho ubukozi bw’ikibi. Yezu yarigishije abantu ko Ubwami bw’Imana buzotegeka iyi si. (Luka 4:43) Abigishwa biwe baripfuje kumenya igihe Ubwami bw’Imana bwotanguriye kuganza, baca bamubaza bati: “Ivyo bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Matayo 24:3) Yezu ntiyababwiye itariki nyezina, ariko yarababwiye ibintu vyobaye gatoyi imbere y’uko umuhero ushika. Ivyo yababwiye biriko biraba.

3 Muri iki kigabane, turihweza ibimenyamenya vyerekana ko hasigaye igihe gitoyi ngo umuhero ushike. Ariko imbere y’ivyo, turakeneye kubanza kumenya ivyerekeye intambara yabaye mw’ijuru kugira dutahure igituma ibintu vyifashe nabi cane ng’aha kw’isi.

INTAMBARA MW’IJURU

4, 5. (a) Ni ibiki vyabaye mw’ijuru Yezu ahejeje kwimikwa? (b) Twisunze Ivyahishuwe 12:12, ni ibiki vyobaye kw’isi Shetani amaze gukororwa?

4 Mu kigabane ca 8 twarabonye ko Yezu yabaye Umwami mw’ijuru mu 1914. (Daniyeli 7:13, 14) Igitabu c’Ivyahishuwe kiratubwira ivyabaye giti: “Haduka intambara mw’ijuru: Mikaheli [ni ukuvuga Yezu] n’abamarayika biwe barwana na ca gisato [Shetani], ca gisato na co kirwanana n’abamarayika baco.” * Shetani n’amadayimoni yiwe baratsinzwe baca bakororerwa kw’isi. Iyumvire nawe umunezero abamarayika bagize! Ariko ibintu vyogenze gute aha kw’isi? Bibiliya ivuga ko abantu boshikiwe n’amakuba menshi. Kubera iki? Kubera yuko Shetani ashavuye cane, kandi akaba “azi ko afise igihe gito.”Ivyahishuwe 12:7, 9, 12.

5 Shetani ariko arateza ingorane nyinshi ng’aha kw’isi. Ishavu riraniga kubera hasigaye igihe gito ngo Imana imukureho. Reka dusuzume ibintu Yezu yavuze ko vyoshitse mu misi ya nyuma.—Raba akajambo ko ku mpera ka 24.

IMISI YA NYUMA

6, 7. Intambara n’inzara vyifashe gute muri iki gihe?

6 Intambara. Yezu yavuze ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami [buhagurukire] ubundi bwami.” (Matayo 24:7) Abantu bahitanywe n’intambara mu bihe vya none bararuta kure n’iyo abo yahitanye mu bihe vya kera. Raporo y’ikigo kimwe cihweza ibiba kw’isi yerekana ko abantu barenga imiliyoni 100 bamaze guhitanwa n’intambara kuva mu 1914. Abantu bahitanywe n’intambara mu myaka 100 (kuva mu 1900 gushika 2000) bararuta incuro zitatu abo yahitanye mu myaka 1.900 y’imbere y’aho. Ibaze intuntu n’umubabaro abantu amamiliyoni bagize kubera intambara!

7 Inzara. Yezu yavuze ati: “Hazoba amapfa.” (Matayo 24:7) Naho ubu umwimbu wongerekanye cane kw’isi, abantu benshi barya intica ntikize. Kubera iki? Kubera yuko badafise amahera yo kugura ibifungurwa canke amatongo yo kurima. Abantu barenga umuliyaridi babeshejweho n’uduhera dukeyi ku musi. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu rivuga ko abana amamiliyoni bapfa buri mwaka, ahanini bakaba bicwa no kubura ibifungurwa bikwiye.

8, 9. Ni igiki cerakana ko ivyo Yezu yavuze ku bijanye na vya nyamugigima n’indwara vyarangutse?

8 Vya nyamugigima. Yezu yavuze ati: “Hazoba vya nyamugigima bikomakomeye.” (Luka 21:11) Muri iki gihe, buri mwaka haba hitezwe ko haba vya nyamugigima bikomeye cane. Kuva mu 1900, abantu barenga imiliyoni zibiri baramaze guhitanwa na vyo. Naho hariho ubuhinga bufasha abantu kumenya imbere y’igihe ko hazoba vya nyamugigima, ntikibuza ko bitikiza inganda.

9 Indwara. Yezu yavuze ko hoteye indwara z’“ibiza.” Indwara zikomeye zokwiragiye ningoga kandi zigahitana abantu benshi. (Luka 21:11) Naho abaganga bamenye kuvura indwara nyinshi, haracariho indwara zidakira. Nkako, raporo imwe yerekana ko buri mwaka abantu amamiliyoni bahitanwa n’indwara nk’igituntu, malariya na kolera. Vyongeye, abaganga barubuye izindi ndwara 30 nshasha, kandi zimwezimwe muri zo nta muti zigira.

ABANTU BO MU MISI YA NYUMA

10. Ibivugwa muri 2 Timoteyo 3:1-5 biriko biranguka gute?

10 Muri 2 Timoteyo 3:1-5, Bibiliya ivuga iti: “Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” Intumwa Paulo yaradondoye ukuntu abantu benshi bo mu misi ya nyuma bobaye bameze. Yavuze ko bobaye

  • bikunda

  • bakunda amahera

  • bagambararira abavyeyi

  • ari ibihemu

  • batiyumvamwo ababo

  • batagira ukwigumya

  • ari inkazi n’abakoresha igikenye

  • bakunda ibinezereza kuruta Imana

  • bavuga ko bakunda Imana mugabo bakanka kuyigamburukira

11. Twisunze Zaburi 92:7, ni ibiki bizoshikira abanyakibi?

11 Abantu benshi boba bigenza gutyo aho iwanyu? Kw’isi yose ni ko bimeze. Ariko Imana igiye kugira ico ikoze ubu bwa vuba. Isezerana iti: “Iyo ababisha banaze nk’ivyatsi, n’abakora ibibabaza bose bagashurika, ni ukugira ngo bazimanganywe [canke, barandurwe] buhere.”Zaburi 92:7.

INKURU NZIZA MU MISI YA NYUMA

12, 13. Ni ibiki Yehova yatwigishije muri ino misi ya nyuma?

12 Bibiliya yaravuze ko mu misi ya nyuma isi yobaye yuzuyemwo intuntu n’imibabaro. Ariko kandi iravuga ko hobayeho n’ibintu vyiza.

“Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.”Matayo 24:14

13 Gutahura Bibiliya. Umuhanuzi Daniyeli yaravuze ivyerekeye imisi ya nyuma. Yanditse ati: “Ubumenyi nyakuri buzogwira.” (Daniyeli 12:4) Imana yofashije abantu bayo gutahura Bibiliya kuruta uko vyahora. Ivyo Yehova yarabikoze canecane guhera mu 1914. Nk’akarorero, yaratwigishije akamaro k’izina ryiwe, umugambi afitiye isi, ibijanye n’incungu, ingene abapfuye bamerewe hamwe n’izuka. Twarabonye ko Ubwami bw’Imana bwonyene ari bwo buzotorera umuti ingorane zacu zose. Twaramenye kandi ingene tworonka agahimbare n’ingene twobaho mu buryo buhimbara Imana. None ubwo bumenyi twaronse tubukoza iki? Ubundi buhanuzi buraduha inyishu.—Raba akajambo ko ku mpera ka 21 na 25.

14. Inkuru nziza y’Ubwami iriko yamamazwa hehe? Ni bande bayamamaza?

14 Igikorwa co kwamamaza kw’isi yose. Ku bijanye n’imisi ya nyuma, Yezu yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.” (Matayo 24:3, 14) Inkuru nziza y’Ubwami iriko iramamazwa mu bihugu birenga 230 mu ndimi zirenga 700. Ego cane, mw’isi yose, Ivyabona vya Yehova “bo mu mahanga yose n’imiryango yose” bariko barafasha abantu gutahura ico ari co Ubwami bw’Imana n’ico buzobakorera. (Ivyahishuwe 7:9) Ivyo babikora ku buntu. Naho abantu benshi babanka kandi bakabahama nk’uko Yezu yabivuze, nta na kimwe gishobora guhagarika igikorwa co kwamamaza.Luka 21:17.

UKWIYE GUKORA IKI?

15. (a) Wewe wemezwa n’iki ko turi mu misi ya nyuma? (b) Ni ibiki bizoshikira abagamburukira Yehova n’abatamugamburukira?

15 Woba wemera ko turi mu misi ya nyuma? Ubuhanuzi bwinshi Bibiliya yavuze bwerekeye imisi ya nyuma buriko buraranguka. Vuba Yehova azofata ingingo yo guhagarika igikorwa co kwamamaza inkuru nziza maze “iherezo” canke umuhero uce uza. (Matayo 24:14) None umuhero ni iki? Ni intambara ya Harumagedoni, aho Imana izokuraho ubukozi bw’ikibi bwose. Yehova azokoresha Yezu n’abamarayika biwe b’ububasha mu gukuraho abo bose banka kugamburukira Imana n’Umwana wayo. (2 Abatesalonika 1:6-9) Inyuma y’aho, Shetani n’amadayimoni yiwe ntibazosubira kuzimiza abantu. Ico gihe, abantu bose bagamburukira Imana bakongera bagashigikira Ubwami bwayo bazokwibonera ingene ivyo Imana yasezeranye vyose biranguka.Ivyahishuwe 20:1-3; 21:3-5.

16. Ko umuhero wegereje cane, ukwiye gukora iki?

16 Iyi si ya Shetani yimirije gukurwaho. Birahambaye rero ko twibaza duti: ‘Nkwiye gukora iki?’ Yehova ashaka ko umenya vyinshi ku vyerekeye Bibiliya. Urakeneye kwiga Bibiliya ata gufyina. (Yohani 17:3) Ivyabona vya Yehova baragira amakoraniro buri ndwi kugira bafashe abantu gutahura Bibiliya. Niwitabe ayo makoraniro udahorereza. (Soma Abaheburayo 10:24, 25.) Nimba ubonye ko hari ivyo woryohora, ntiwitinye kubigira. Niwabiryohora, ubucuti ufitaniye na Yehova buzorushiriza gukomera.Yakobo 4:8.

17. Kubera iki umuhero uzoza abantu benshi batavyiteze?

17 Intumwa Paulo yavuze ko iherezo ry’abanyakibi rizoshika abantu benshi batavyiteze, “nk’igisuma mw’ijoro.” (1 Abatesalonika 5:2) Yezu yavuze ko abantu benshi bokwirengagije ibimenyamenya vyerekana ko turi mu misi ya nyuma. Yagize ati: “Nk’uko imisi ya Nowa yari imeze, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu [canke, imisi ya nyuma] kuzomera. Kuko nk’uko bari bameze muri iyo misi y’imbere ya rya segenya, barya bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa yinjiriye mu bwato, ntihagire ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera.”Matayo 24:37-39.

18. Ni impanuro iyihe Yezu yaduhaye?

18 Yezu yaduhanuye ko tudakwiye gusamazwa n’“ukurira agahokero n’ukunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima.” Yavuze ko umuhero uzoza bukwi na bukwi “nk’umutego.” Yavuze kandi ko “uzoza ku bantu bose baba kw’isi yose iyo iva ikagera.” Yaciye yongerako ati: “Mugume murikanuye rero, mutakamba igihe cose [canke, musenga mukobeje] kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu.” (Luka 21:34-36) Kubera iki bihambaye ko twumvira iyo mpanuro ya Yezu? Kubera yuko iyi si mbi ya Shetani igiye gukurwaho vuba. Abo Yehova na Yezu bashima bonyene ni bo bazorokoka maze bibere mw’isi nshasha ibihe bidahera.Yohani 3:16; 2 Petero 3:13.

^ ing. 4 Mikaheli ni irindi zina rya Yezu Kristu. Wipfuza ayandi makuru, raba akajambo ko ku mpera ka 23.