Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 14

Ingene mwohimbarwa mu rugo

Ingene mwohimbarwa mu rugo

1, 2. Ni igiki Yehova yipfuriza imiryango?

YEHOVA IMANA ni we yatanguje umubano. Bibiliya ivuga ko yaremye umugore wa mbere agaca ‘amuzanira Adamu.’ Adamu yararyohewe cane ku buryo avuga ati: “Uyu noneho ni igufa ryo mu magufa yanje be n’umubiri w’umubiri wanje.” (Itanguriro 2:22, 23) Ivyo biratwereka ko Yehova yipfuza ko abubakanye bahimbarwa.

2 Ikibabaje ni uko abantu benshi batigeze baronka agahimbare mu rugo. Yamara rero, Bibiliya irimwo impanuro nyinshi zifasha abagize umuryango bose kuroranirwa no guhimbarwa.Luka 11:28.

ICO IMANA ISABA ABAGABO

3, 4. (a) Umugabo akwiye gufata gute umugore wiwe? (b) Kubera iki bihambaye ko umugabo n’umugore baharirana?

3 Bibiliya ivuga ko umugabo akwiye gukunda umugore wiwe kandi akamufatana icubahiro. (Soma Abanyefeso 5:25-29.) Umugabo akwiye kwama afatana urukundo umugore wiwe. Akwiye kandi kumukingira, kumwitwararika no kutamugirira nabi mu buryo na bumwe.

4 None umugabo yokora iki umugore wiwe akoze amakosa? Bibiliya ibwira abagabo iti: “Mugume mukunda abagore banyu kandi ntimubagirire ishavu ry’umururazi.” (Abakolosayi 3:19) Yemwe bagabo, nimwibuke ko namwe mukora amakosa. Nimba rero mwipfuza ko Imana ibaharira, mutegerezwa guharira abagore banyu. (Matayo 6:12, 14, 15) Igihe umugabo n’umugore baharirana, biratuma bahimbarwa mu mubano wabo.

5. Kubera iki umugabo akwiye gutera iteka umugore wiwe?

5 Yehova ashaka ko umugabo atera iteka umugore wiwe. Umugabo arakwiye kwitwararika cane ivyo umugore wiwe akeneye. Ivyo birahambaye cane. Igihe umugabo adafata neza umugore wiwe, Yehova yoshobora kutumviriza amasengesho yiwe. (1 Petero 3:7) Urukundo umuntu akunda Yehova ni rwo rutuma amushima. Abagabo si bo ashira imbere kuruta abagore.

6. Kuba umugabo n’umugore ari “umubiri umwe” bisobanura iki?

6 Yezu yavuze ko umugabo n’umugore “bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe.” (Matayo 19:6) Ntibakwiye guhemukiranira. (Imigani 5:15-21; Abaheburayo 13:4) Umwe wese mu bubatse akwiye kwama yitwararika ivyo mugenziwe akeneye mu vy’igitsina, kandi ata bwikunzi. (1 Abakorinto 7:3-5) Umugabo akwiye kwibuka ko “ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo.” Arakwiye rero gukunda umugore wiwe no kumwitwararika. Ikintu nyamukuru umugore yipfuza, ni uko umugabo wiwe amugaragariza ubuntu n’urukundo.Abanyefeso 5:29.

ICO IMANA ISABA ABAGORE

7. Kubera iki urugo rukeneye uwuruja imbere?

7 Urugo rwose rurakeneye uwuruja imbere, umuntu aruyobora kugira abarugize bagume basenyera ku mugozi umwe. Mu 1 Abakorinto 11:3 hagira hati: “Umutwe w’umugabo wese [ni] Kristu; umutwe w’umugore na wo ni umugabo; umutwe wa Kristu na wo ni Imana.”

8. Umugore yokwereka gute umugabo wiwe ko amwubaha cane?

8 Abagabo bose barakora amakosa. Ariko igihe umugore ashigikira ingingo umugabo wiwe afata kandi agasenyera ku mugozi umwe na we abikunze, umuryango wose urahungukira. (1 Petero 3:1-6) Bibiliya ivuga iti: “Umugore . . . ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.” (Abanyefeso 5:33) None vyogenda gute igihe umugabo adasangiye idini n’umugore wiwe? Umugore asabwa kuguma amwubaha cane. Bibiliya ivuga iti: “Namwe bagore, . . . muyobokere abagabo banyu bwite, kugira ngo nimba hari abatagamburukira rya jambo, bagondozwe ata jambo rivuzwe, biciye ku ngeso z’abagore babo, kubera biboneye ingeso zanyu zitanduye ziri kumwe n’icubahiro kigera kure.” (1 Petero 3:1, 2) Inyifato nziza y’umugore irashobora gutuma umugabo atahura ivyo umugore wiwe yemera kandi akavyubaha.

9. (a) Umugore yokora iki igihe hari ikintu adahurizako n’umugabo wiwe? (b) Ni impanuro iyihe abagore bahabwa muri Tito 2:4, 5?

9 Umugore yokora iki igihe hari ikintu adahurizako n’umugabo wiwe? Arakwiye gushikiriza ivyiyumviro vyiwe abigiranye icubahiro. Nk’akarorero, Sara yarigeze kuvuga ikintu kitanezereye Aburahamu, ariko Yehova yabwiye Aburahamu ati: “Umviriza ijwi ryiwe.” (Itanguriro 21:9-12) Ni gake umugabo w’umukirisu afata ingingo itandukanye n’ivyo Bibiliya ivuga. Ku bw’ivyo, umugore wiwe akwiye kumushigikira. (Ivyakozwe 5:29; Abanyefeso 5:24) Umugore akwiye kwitwararika umuryango wiwe. (Soma Tito 2:4, 5.) Igihe umugabo wiwe n’abana biwe babonye ukuntu yitanga cane ku neza yabo, biratuma barushiriza kumukunda no kumwubaha.Imigani 31:10, 28.

Ni gute Sara ari akarorero keza ku bakenyezi?

10. Bibiliya ivuga iki ku gutandukana n’ukwahukana?

10 Rimwe na rimwe, abubakanye barihutira gufata ingingo yo gutandukana canke kwahukana. Ariko Bibiliya ivuga ko ‘umugore adakwiye kuvana n’umugabo wiwe’ kandi ko ‘umugabo adakwiye guta umugore wiwe.’ (1 Abakorinto 7:10, 11) Hariho ibintu bimwebimwe bikomeye bishobora gutuma abubakanye batandukana, ariko iyo ni ingingo ihambaye cane. Bite ho ku kwahukana? Bibiliya irerekana ko imvo imwe yonyene yotuma umugabo n’umugore bahukana ari igihe umwe muri bo yarenze ibigo.Matayo 19:9.

ICO IMANA ISABA ABAVYEYI

Yezu ni akarorero keza ku bagize umuryango bose

11. Ikintu nyamukuru abana bakeneye ni igiki?

11 Bavyeyi, nimumarane umwanya munini ushoboka n’abana banyu. Abana banyu barabakeneye, ariko ikintu nyamukuru bakeneye ni uko mubigisha ivyerekeye Yehova.Gusubira mu vyagezwe 6:4-9.

12. Abavyeyi bakwiye gukora iki kugira bakingire abana babo?

12 Iyi si ya Shetani iguma irushiriza kuba mbi, kandi hariho abantu bipfuza kugirira nabi abana bacu, mbere no kubonona. Abavyeyi bamwebamwe birabagora kuganira n’abana babo ibijanye n’ivy’igitsina. Ariko abavyeyi barakwiye kugabisha abana babo ku bijanye n’abo bantu bipfuza kubonona kandi bakabigisha ukuntu bobirinda. Bavyeyi, mutegerezwa gukingira abana banyu. *1 Petero 5:8.

13. Abavyeyi bakwiye kwigisha gute abana babo?

13 Abavyeyi barafise ibanga ryo kwigisha abana babo ukuntu bakwiye kwigenza. None wobigira gute? Abana bawe barakeneye gutozwa indero, ariko ntukwiye kwigera ubakosora mu buryo burenze urugero. (Yeremiya 30:11) Ku bw’ivyo, ntukigere utoza indero abana bawe ugifise ishavu. Ntukwiye kubabwira amajambo ababaza, ameze nk’“ugusogota kw’inkota.” (Imigani 12:18) Nufashe abana bawe gutahura akamaro ko kugamburuka.Abanyefeso 6:4; Abaheburayo 12:9-11; raba akajambo ko ku mpera ka 30.

ICO IMANA ISABA ABANA

14, 15. Kubera iki abana bakwiye kugamburukira abavyeyi babo?

14 Yezu yama agamburukira Se wiwe n’igihe vyaba bitoroshe. (Luka 22:42; Yohani 8:28, 29) Yehova yipfuza ko n’abana bagamburukira abavyeyi babo.Abanyefeso 6:1-3.

15 Bana, n’igihe mubona umenga biragoye ko mugamburukira abavyeyi banyu, nimwibuke ko Yehova n’abavyeyi banyu banezerwa igihe mugamburutse. *Imigani 1:8; 6:20; 23:22-25.

Ni igiki cofasha abakiri bato kuguma ari intahemuka igihe bohejwe nabi?

16. (a) Shetani agerageza gute kwosha abakiri bato? (b) Kubera iki kurondera abagenzi bakunda Yehova bihambaye?

16 Shetani arashobora gukoresha abagenzi banyu canke urundi rwaruka kugira aboshe nabi. Arazi ko bitoroshe kunanira akosho mwene ako. Nk’akarorero, Dina wa mukobwa wa Yakobo yari afise abagenzi badakunda Yehova. Ivyo vyarakwegeye ingorane nyinshi Dina n’umuryango wiwe. (Itanguriro 34:1, 2) Igihe abagenzi bawe badakunda Yehova, boshobora kugusaba ngo ukore ivyo yanka. Ubikoze birashobora kugukwegera intuntu nyinshi, bikababaza cane umuryango wanyu hamwe n’Imana. (Imigani 17:21, 25) Ni co gituma bihambaye cane ko urondera abagenzi bakunda Yehova.1 Abakorinto 15:33.

INGENE MWOHIMBARWA MU RUGO

17. Ni ibanga irihe umwe wese mu bagize umuryango ajejwe?

17 Igihe abagize umuryango bakurikije ubuyobozi bw’Imana, baririnda ingorane nyinshi. Nimba uri umugabo, nukunde umugore wawe wongere umufatane ubuntu. Nimba uri umukenyezi, niwubahe umugabo wawe kandi umuyobokere. Niwigane wa mugore avugwa mu Migani 31:10-31. Nimba uri umuvyeyi, niwigishe abana bawe gukunda Imana. (Imigani 22:6) Nimba uri serugo, nuhagarikire “neza” urugo rwawe. (1 Timoteyo 3:4, 5; 5:8) Namwe bana, nimugamburukire abavyeyi banyu. (Abakolosayi 3:20) Nimwibuke ko umwe wese mu muryango ashobora gukora amakosa. Nimwicishe bugufi rero mwongere musabane imbabazi. Emwe, Bibiliya irimwo ubuyobozi Yehova aha umwe wese mu bagize umuryango.

^ ing. 12 Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’ingene wokingira abana bawe, raba ikigabane ca 32 c’igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 15 Umwana ntakwiye kugamburukira abavyeyi biwe igihe bamusavye ikintu giteye kubiri n’itegeko ry’Imana.Ivyakozwe 5:29.