Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 16

Nusenge Imana mu kuri

Nusenge Imana mu kuri

1, 2. Ni ikibazo ikihe wokwibaza? Kubera iki kucibaza bihambaye?

BICIYE ku kwiga Bibiliya, warabonye ko abantu benshi bavuga ko basenga Imana ariko ugasanga ivyo bigisha canke ivyo bakora ntibiyihimbara. (2 Abakorinto 6:17) Ni co gituma Yehova adutegeka kuva mw’idini ry’ikinyoma, ari ryo “Babiloni Akomeye.” (Ivyahishuwe 18:2, 4) None ugiye gukora iki? Umwe wese arashobora kwihitiramwo. Niwibaze uti: ‘Noba nshaka gusenga Imana nk’uko ibisaba, canke nshaka kuguma ndayisenga nk’uko nari nsanzwe ndabigira?’

2 Ni vyiza nimba umaze kuva mw’idini ry’ikinyoma. Ariko rero, hoshobora kuba hariho imigenzo imwimwe y’idini ry’ikinyoma wumva ugikunda. Reka twihweze imwimwe muri iyo migenzo n’igituma bihambaye ko tuyibona nk’uko Yehova ayibona.

GUSENGA IBISHUSHO NO GUSABIRA ABAPFUYE

3. (a) Kubera iki hari abo bigora gusenga badakoresheje ibishusho? (b) Bibiliya ivuga iki ku vyo gukoresha ibishusho mu gusenga?

3 Hari abantu usanga bamaze imyaka n’iyindi bakoresha ibishusho mu gusenga Imana. Nimba wahora ubigira, woshobora kwumva umengo ntiwosenga Imana utabikoresheje. Ariko rero, uribuka ko Yehova ari we atwigisha ukuntu dukwiye kumusenga. Vyongeye, Bibiliya iratomora neza ko Yehova adashaka ko dukoresha ibishusho mu gusenga.Soma Kuvayo 20:4, 5; Zaburi 115:4-8; Yesaya 42:8; 1 Yohani 5:21.

4. (a) Kubera iki tudakwiye gusabira abapfuye? (b) Kubera iki Yehova yabujije abasavyi biwe kugerageza kuvugana n’abapfuye?

4 Abantu bamwebamwe barakoresha umwanya munini n’inguvu nyinshi barondera kunezereza aba kera bapfuye. Barashobora mbere no kubashikanira ibimazi. Ariko twarabonye ko abapfuye badashobora kudufasha canke kutugirira nabi. Nta handi hantu bagiye kuba. Kugerageza kuvugana na bo birimwo akaga kuko ushobora kwibwira ngo uriko uvugana n’incuti yawe yapfuye ariko mu vy’ukuri uriko uvugana n’amadayimoni. Ni co gituma Yehova yabujije Abisirayeli kugerageza kuvugana n’abapfuye canke gukora ibindi bintu bifitaniye isano n’amadayimoni.Gusubira mu vyagezwe 18:10-12; raba akajambo ko ku mpera ka 26 na 31.

5. Ni igiki cogufasha guheba gukoresha ibishusho mu gusenga no guheba gusengera abapfuye?

5 Ni igiki cogufasha guheba gukoresha ibishusho mu gusenga canke guheba gusengera abapfuye? Urakeneye gusoma Bibiliya no kuzirikana witonze ukuntu Yehova abibona. Abona ko ari ikintu “giteye ishishi” canke gisesemye. (Gusubira mu vyagezwe 27:15) Nusabe Yehova imisi yose kugira agufashe kubona ibintu nk’uko abibona no kugira agufashe kumusenga nk’uko abisaba. (Yesaya 55:9) Urashobora kwizigira ko Yehova azoguha inguvu ukeneye kugira ushobore kuvavanura n’ibintu vyose bifitaniye isano n’ugusenga kw’ikinyoma.

TWOBA DUKWIYE GUHIMBAZA NOWELI?

6. Kubera iki abantu bahisemwo guhimbaza ivuka rya Yezu ku wa 25 Kigarama?

6 Noweli ni umwe mu misi mikuru ikundwa cane kw’isi yose, kandi benshi bibaza ko ari umusi wo kwibuka ivuka rya Yezu. Ariko Noweli irafitaniye isano n’ugusenga kw’ikinyoma. Igitabu kimwe kivuga yuko Abaroma b’abapagani bahimbaza umusi mukuru w’ivuka ry’izuba ku wa 25 Kigarama. Abakuru b’amadini baripfuza ko abapagani benshi boba abakirisu. Ku bw’ivyo, baciye bafata ingingo yo guhimbaza ivuka rya Yezu ku wa 25 Kigarama naho atavutse kuri iyo tariki. (Luka 2:8-12) Abigishwa ba Yezu bo mu ntango ntibahimbaza Noweli. Igitabu kimwe kivuga yuko inyuma y’imyaka 200 Yezu avutse “ata muntu n’umwe yari azi neza umusi [Yezu] yavukiyeko be n’uko abantu bakeya ari bo bitwararika kumenya uwo musi.” Ivyo guhimbaza Noweli vyatanguye haciye imyaka amajana Yezu avuye kw’isi.

7. Kubera iki abakirisu b’ukuri badahimbaza Noweli?

7 Abantu benshi barazi ko Noweli be n’ibintu bigirwa kuri uwo musi, nko guhana utuganuke, bikomoka mu bapagani. Nk’akarorero, mu Bwongereza no mu mihingo imwimwe yo muri Amerika, vyarigeze kuba bibujijwe guhimbaza Noweli kubera ikomoka mu bapagani. Uwahirahira akayihimbaza yarahanwa. Ariko abantu bahavuye bongera kuyihimbaza. Ni kubera iki abakirisu b’ukuri badahimbaza Noweli? Kubera yuko bashaka guhimbara Imana mu vyo bakora vyose.

TWOBA DUKWIYE GUHIMBAZA IMISI Y’IVUKA?

8, 9. Kubera iki abakirisu bo mu ntango batahimbaza imisi mikuru y’ivuka?

8 Uwundi musi mukuru abantu bakunda guhimbaza ni umusi w’ivuka. Abakirisu boba bakwiye guhimbaza imisi y’ivuka? Imisi mikuru y’ivuka ivugwa muri Bibiliya ni iyahimbajwe gusa n’abantu batasenga Yehova. (Itanguriro 40:20; Mariko 6:21) Imisi mikuru y’ivuka yahimbazwa mu ntumbero yo gutera iteka imana z’ikinyoma. Ni co gituma abakirisu bo mu ntango “babona yuko ivyo kwibuka umusi umuntu yavukiyeko ari umugenzo w’abapagani.”The World Book Encyclopedia.

9 Abaroma n’Abagiriki ba kera bemera ko igihe cose umwana avutse haba hari umuzimu ufasha mw’ivuka ryiwe kandi ukaguma umukingira mu buzima bwiwe bwose. Igitabu kimwe kivuga giti: “Mu buryo busiga ubwenge, uwo muzimu waba ufitaniye isano n’ikimana caba cavutse kw’igenekerezo rihuye n’iryo uwo muntu yavukiyeko.”The Lore of Birthdays.

10. Kubera iki abakirisu badakwiye guhimbaza imisi y’ivuka?

10 Yehova yoba ahimbarwa n’imisi mikuru ifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma? (Yesaya 65:11, 12) Habe na gatoyi. Ni co gituma tudahimbaza imisi mikuru y’ivuka canke iyindi misi mikuru ifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma.

INKOMOKO Y’UMUSI MUKURU HOBA HARI ICO ITWAYE?

11. Kubera iki abantu bamwebamwe bahimbaza imisi mikuru? Ni igiki ukwiye kubona ko gihambaye?

11 Abantu bamwebamwe barazi ko Noweli n’iyindi misi mikuru bikomoka mu bapagani, mugabo babandanya kuyihimbaza. Babona ko iyo misi mikuru ari akaryo gusa ko kunezeranwa n’imiryango yabo. Woba nawe ari ko ubibona? Kunezeranwa n’umuryango si bibi. Yehova ni we yatanguje umuryango, kandi yipfuza ko tugiranira ubucuti bwiza n’abagize umuryango wacu. (Abanyefeso 3:14, 15) Yamara rero, dukwiye kwibuka ko kugiranira ubucuti bwiza na Yehova ari vyo bihambaye kuruta kurondera kunezereza incuti zacu mu guhimbaza imisi mikuru ikomoka mw’idini ry’ikinyoma. Ni co gituma intumwa Paulo yavuze ati: “Mugume mwiyemeza neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo.”Abanyefeso 5:10.

12. Ni igiki cotuma Yehova adashima umusi mukuru kanaka?

12 Abantu benshi biyumvira ko inkomoko y’umusi mukuru ata co itwaye, ariko Yehova si ko abibona. Ntashima imisi mikuru ikomoka mw’idini ry’ikinyoma be n’iyirimwo ivyo guhayagiza abantu canke ibihugu. Nk’akarorero, Abanyamisiri baragirira imisi mikuru myinshi imana zabo z’ikinyoma. Aho Abisirayeli bamariye kuva mu Misiri, bariganye umwe muri iyo misi mikuru maze bawita ngo ni “umusi mukuru wa Yehova.” Yehova yarabahanye kubera ico kintu. (Kuvayo 32:2-10) Nk’uko umuhanuzi Yesaya yabivuze, ntidukwiye ‘gukora ku kintu na kimwe gihumanye!’Soma Yesaya 52:11.

NUMENYE INGENE WISHURA

13. Ni ibibazo ibihe ukwiye kuzirikanako uramutse uhagaritse guhimbaza imisi mikuru?

13 Hari ibibazo ukwiye kuzirikanako uramutse ufashe ingingo yo guhagarika guhimbaza imisi mikuru. Nk’akarorero: Nokwishura iki hamwe abo dukorana bombaza igituma ntahimbaza Noweli? Nokora iki hagize uwumpa ingabire ya Noweli? Nokora iki hamwe uwo twubakanye yoba yiteze ko mpimbaza umusi mukuru? Nofasha gute abana banje kugira ntibababazwe n’uko badahimbaza umusi mukuru kanaka canke imisi y’ivuka ryabo?

14, 15. Wokora iki hagize umuntu akwipfuriza umusi mukuru mwiza canke akaguha ingabire?

14 Birahambaye ko ukoresha ubwenge kugira umenye ico wovuga n’ico wokora mu bihe bitandukanye. Nk’akarorero, igihe abantu bakwipfurije umusi mukuru mwiza, ntiwoca ubirengagiza. Woshobora kuvuga gusa uti: “Murakoze.” Ariko bishitse umuntu akipfuza kumenya vyinshi, woshobora guhitamwo kumusigurira igituma udahimbaza uwo musi mukuru. Yamara rero, urama ubigirana ubuntu, ukwiyubara n’icubahiro. Bibiliya ivuga iti: “Imvugo yanyu yamane igikundiro, irunze umunyu, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese.” (Abakolosayi 4:6) Kumbure woshobora kumubwira ko unezerezwa no kwifatanya n’abandi be no kubaha ingabire, ariko ko ushima kubigira mu bindi bihe atari kuri iyo misi mikuru.

15 Wokora iki hagize umuntu aguha ingabire? Muri ivyo Bibiliya ntidushingira amategeko, ariko iratubwira ko dukwiye kuguma dufise ijwi ryo mu mutima ryiza. (1 Timoteyo 1:18, 19) Vyoshika uwo muntu aguhaye ingabire akaba atazi ko udahimbaza uwo musi mukuru. Canke yoshobora kukubwira ati: “Ndazi ko udahimbaza uwu musi mukuru, mugabo nari nipfuje kuguha aka kantu.” Uko vyoba biri kwose, ni wewe ufata ingingo yo kwakira iyo ngabire canke kutayakira. Ariko ingingo yose wofata, nurabe neza ko ugumana ijwi ryo mu mutima ryiza. Ntitwipfuza gukora ikintu na kimwe cokwonona ubucuti dufitaniye na Yehova.

MU MURYANGO

Abakorera Yehova barahimbawe

16. Wokora iki igihe abo mu muryango bipfuza guhimbaza umusi mukuru?

16 Wokora iki igihe abo mu muryango bipfuza guhimbaza umusi mukuru? Ntukwiye guhazuka na bo. Niwibuke ko bafise uburenganzira bwo gukora ico bashaka. Nube umunyabuntu kandi ububahirize nk’uko nawe wipfuza ko bakwubahiriza. (Soma Matayo 7:12.) Ariko none wokora iki igihe bipfuza ko wifatanya na bo muri uwo musi mukuru? Imbere yo guhitamwo ico wokora, nusenge Yehova kugira agufashe gufata ingingo nziza. Nusuzume ukuntu ibintu vyifashe wongere ugire ubushakashatsi. Uribuka ko ukwiye kwama uhimbara Yehova.

17. Wokora iki kugira abana bawe ntibababare igihe abandi bariko barahimbaza imisi mikuru?

17 Wokora iki kugira abana bawe ntibababare igihe babonye abandi bariko barahimbaza imisi mikuru? Urakwiye kuza uracishamwo ukabagirira akantu kadasanzwe. Urashobora no kubaha utuntu batari bavyiteze. Ariko rero, ingabire iruta izindi zose woha abana bawe ni ukumarana umwanya na bo no kubakunda.

NUSENGE IMANA MU KURI

18. Kubera iki dukwiye kwitaba amakoraniro?

18 Kugira duhimbare Yehova, turakeneye kuvavanura n’idini ry’ikinyoma hamwe n’imigenzo be n’imisi mikuru bifitaniye isano na ryo. Ariko kandi turakeneye gushigikira ugusenga kw’ukuri. Uti gute? Uburyo bumwe twobigira ni mu kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova tudahorereza. (Soma Abaheburayo 10:24, 25.) Amakoraniro ni umuce uhambaye cane w’ugusenga kw’ukuri. (Zaburi 22:22; 122:1) Amakoraniro araduha akaryo ku kuremeshanya n’abandi.Abaroma 1:12.

19. Kubera iki bihambaye ko ubwira abandi ivyo wize muri Bibiliya?

19 Ubundi buryo bwo gushigikira ugusenga kw’ukuri, ni ukubwira abandi ivyo umaze kwiga muri Bibiliya. Abantu benshi baratuntuzwa n’ibintu bibi biba mw’isi. Ushobora kuba uzi bamwebamwe muri bo. Nubabwire icizigiro ciza cane ufise ku vyerekeye kazoza. Niwabandanya kwitaba amakoraniro no kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya, uzokwumva ko utacipfuza kwifatanya n’idini ry’ikinyoma no kugira uruhara mu migenzo yaryo. Niwahitamwo gusenga Yehova mu buryo yemera, bizokuzanira agahimbare kandi Yehova azohezagira cane utwigoro ugira.Malaki 3:10.