Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 17

Kuganira n’Imana mw’isengesho

Kuganira n’Imana mw’isengesho

“Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi” arashashaye kwumviriza amasengesho yacu.Zaburi 115:15

1, 2. Kubera iki isengesho ari ingabire idasanzwe? Ni kubera iki dukwiye kumenya ico Bibiliya ivuga kuri ryo?

UGERERANIJE isi n’ikirere amahanga, usanga isi ari akantu gatoyi cane. Igihe Yehova yitegereje kw’isi, abona abantu bo kw’isi yose bameze nk’ima ry’amazi riri mu ndobo. (Zaburi 115:15; Yesaya 40:15) Naho turi ubusa utugereranije n’ikirere amahanga, muri Zaburi 145:18, 19 hagira hati: “Yehova ari hafi y’abamwambaza bose, hafi y’abamwambaza mu kuri bose. Icipfuzo c’abamutinya azogishitsa, kandi azokwumva ugutabaza kwabo, abakize.” Mbega iteka! Yehova, Umuremyi Mushoboravyose, ashaka kutwiyegereza no kwumviriza amasengesho yacu. Emwe, isengesho ni agateka, ingabire idasanzwe Yehova yahaye umwe wese muri twebwe!

2 Ariko rero, Yehova atwumviriza gusa igihe tumusenze mu buryo yemera. Ivyo twobigira gute? Reka turabe ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’isengesho.

KUBERA IKI TWOSENGA YEHOVA?

3. Kubera iki ukwiye gusenga Yehova?

3 Yehova aripfuza ko umusenga, ko umuyagira. Ivyo tubimenyeshwa n’iki? Nusome Abafilipi 4:6, 7Zirikana kuri ako kamo agutera. Umutware w’ibiriho vyose arakwitwararika cane kandi yipfuza ko umubwira uko wiyumva hamwe n’ibikugoye.

4. Kwama usenga Yehova bikomeza gute ubucuti mufitaniye?

4 Isengesho riradufasha gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Igihe abagenzi bama bayaga, bakaganira ibibaraje ishinga n’ukuntu biyumva, ubugenzi bwabo burakomera. Ni ko bimeze n’igihe dusenga Yehova. Biciye kuri Bibiliya, Yehova arakumenyesha ivyiyumviro vyiwe n’ukuntu yiyumva, kandi arakubwira ivyo azokora mu gihe kiri imbere. Urashobora no kwama umuyagira, ukamuserurira akari ku mutima. Niwabigenza gutyo, ubucuti mufitaniye buzokomera.Yakobo 4:8.

TWOKORA IKI KUGIRA IMANA ITWUMVE?

5. Tuzi gute ko Yehova atumviriza amasengesho yose?

5 Yehova yoba yumviriza amasengesho yose? Habe namba. Mu gihe c’umuhanuzi Yesaya, Yehova yabwiye Abisirayeli ati: “Naho mutura amasengesho menshi, sinumviriza; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso.” (Yesaya 1:15) Ku bw’ivyo, tutaravye neza twoshobora gukora ibintu Yehova yanka, bigatuma atumviriza amasengesho yacu.

6. Kubera iki ukwizera guhambaye? Twerekana gute ko tugufise?

6 Kugira Yehova yumvirize amasengesho yacu, dutegerezwa kumwizera. (Mariko 11:24) Intumwa Paulo yavuze ati: “Ata kwizera ntibishoboka kuyihimbara rwose, kuko uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko ihemba abayironderana ubwira.” (Abaheburayo 11:6) Yamara rero, kuvuga ko dufise ukwizera vyonyene ntibihagije. Turakeneye kwerekana ko dufise ukwizera mu kwama tugamburukira Yehova.Soma Yakobo 2:26.

7. (a) Kubera iki twogaragaza ukwicisha bugufi n’icubahiro igihe dusenga? (b) Twokwerekana gute ko tuvuga ibivuye ku mutima?

7 Igihe dusenga Yehova, turakwiye kwicisha bugufi kandi tukagaragaza icubahiro. Uti kubera iki? Hamwe twoba turiko turavugana n’umwami canke umukuru w’igihugu, nta gukeka ko twovugana icubahiro. Ko Yehova ari Imana Mushoboravyose, wumva tudakwiye kurushiriza kwicisha bugufi no kugaragaza icubahiro cinshi igihe tuvugana na we? (Itanguriro 17:1; Zaburi 138:6) Vyongeye, dukwiye kumubwira ibivuye ku mutima, aho kuza turasubiramwo vya bindi nyene.Matayo 6:7, 8.

8. Igihe dusavye ikintu mw’isengesho, ni igiki twoca dukora?

8 N’ikindi kandi, igihe dusavye ikintu mw’isengesho, turakwiye kwigora tugakora duhuza n’ivyo tuba twasavye. Nk’akarorero, igihe dusavye Yehova ngo aturonse ibifungurwa, ntitwoca turera amaboko ngo Yehova azobituronsa. Turakwiye gukura amaboko mu mpuzu kandi tukemera akazi ako ari ko kose dushoboye. (Matayo 6:11; 2 Abatesalonika 3:10) Igihe dusavye Yehova ngo adufashe guheba gukora ikintu kibi, turakwiye kwirinda ibintu vyohava bitwosha nabi. (Abakolosayi 3:5) Reka ubu na ho turabe ibibazo bimwebimwe abantu bakunze kwibaza ku vyerekeye isengesho.

IBIBAZO BIJANYE N’ISENGESHO

9. Dukwiye gusenga nde? Muri Yohani 14:6 hatwigisha iki ku bijanye n’isengesho?

9 Dukwiye gusenga nde? Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga “Dawe wa twese [wo] mw’ijuru.” (Matayo 6:9) Yavuze kandi ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) Ku bw’ivyo, dukwiye gusenga Yehova wenyene biciye kuri Yezu. Gusenga biciye kuri Yezu bisobanura iki? Kugira Yehova yumvirize amasengesho yacu, turakwiye kwerekana ko twubaha ikibanza kidasanzwe yahaye Yezu. Nk’uko twabibonye, Yezu yaraje kw’isi kugira adukize icaha n’urupfu. (Yohani 3:16; Abaroma 5:12) Yehova kandi yaragenye Yezu ngo abe Umuherezi Mukuru n’Umucamanza.Yohani 5:22; Abaheburayo 6:20.

Urashobora gusenga umwanya uwo ari wo wose

10. Twoba dukwiye kwifata mu buryo kanaka igihe dusenga? Sigura.

10 Twoba dukwiye kwifata mu buryo kanaka igihe dusenga? Oya. Yehova ntadusaba gupfukama, kwicara canke guhagarara igihe dusenga. Bibiliya iratwereka ko dushobora gusenga Yehova twifashe mu buryo ubwo ari bwo bwose, bukire kuba buranga urupfasoni. (1 Ngoma 17:16; Nehemiya 8:6; Daniyeli 6:10; Mariko 11:25) Igihambaye kuri Yehova si ukuntu twifata igihe dusenga, ahubwo ni ukumusenga tubitumwe n’imvo nziza. Turashobora gusenga n’ijwi ryumvikana canke mu gacerere aho turi hose n’umwanya uwo ari wo wose, haba ku murango canke mw’ijoro. Iyo dusenze Yehova, turakwiye kwizigira ko atwumva naho ata wundi muntu yoba atwumva.Nehemiya 2:1-6.

11. Ni nk’ibiki twoshira mw’isengesho?

11 Ni ibiki twoshira mw’isengesho? Ikintu cose gihuye n’ivyo Yehova agomba. Bibiliya ivuga iti: “Ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, i[ra]twumva.” (1 Yohani 5:14) Twoba dushobora kuvuga ibintu bitwerekeye ubwacu? Ego cane. Gusenga Yehova bimeze nko kuganira n’umugenzi somambike. Turashobora kubwira Yehova ikintu cose dufise ku mutima. (Zaburi 62:8) Turashobora kumusaba impwemu yiwe nyeranda kugira idufashe gukora ibigororotse. (Luka 11:13) Vyongeye, turashobora gusaba Yehova ngo aturonse ubwenge budufasha gufata ingingo nziza hamwe n’inkomezi zidufasha kwihanganira ingorane. (Yakobo 1:5) Turakwiye kandi gusaba Yehova ngo atubabarire ibicumuro vyacu. (Abanyefeso 1:3, 7) Turakwiye no gusabira abandi, ushizemwo umuryango wacu n’abo turi kumwe mw’ishengero.Ivyakozwe 12:5; Abakolosayi 4:12.

12. Ni ibiki dukwiye gushira imbere mu masengesho yacu?

12 Ni ibiki dukwiye gushira imbere mu masengesho yacu? Yehova n’igomba ryiwe. Turakwiye kumukengurukira bivuye ku mutima ku bw’ibintu vyose yadukoreye. (1 Ngoma 29:10-13) Ivyo Yezu yaravyerekanye akiri ng’aha kw’isi, igihe yigisha abigishwa biwe gusenga. (Soma Matayo 6:9-13.) Yavuze ko bakwiye kubanza gusaba ko izina ry’Imana ryezwa, bikaba bisigura ko rikwiye gufatwa ko ari ryeranda. Yaciye yerekana ko dukwiye gusaba ko Ubwami bw’Imana buza be n’uko ivyo Yehova agomba bikorwa kw’isi yose. Yerekanye ko tumaze gusaba ivyo bintu bihambaye ari ho twoca dusaba ivyo natwe dukeneye. Igihe mu masengesho yacu dushize imbere Yehova n’ivyo agomba, tuba twerekanye ibihambaye cane kuri twebwe.

13. Amasengesho yacu akwiye kuba areha gute?

13 Amasengesho yacu akwiye kuba areha gute? Bibiliya ntibitomora. Amasengesho yacu arashobora kuba magufi canke maremare bivanye n’uko ibintu vyifashe. Nk’akarorero, isengesho dutura imbere yo gufungura ryoshobora kuba ari rigufi, ariko iryo dutura turiko turashimira Yehova canke turiko turamubwira ibituraje ishinga ryoshobora kuba rirerire. (1 Samweli 1:12, 15) Ntidukwiye gutura amasengesho maremare kugira dutangaze abandi, nk’uko abantu bamwebamwe bo mu gihe ca Yezu babigira. (Luka 20:46, 47) Yehova ntakangwa n’amasengesho nk’ayo. Igihambaye kuri we ni uko tumusenga bivuye ku mutima.

14. Dukwiye gusenga kangahe? Ivyo bitwereka iki kuri Yehova?

14 Dukwiye gusenga kangahe? Yehova adutera akamo ngo tumusenge ubudasiba. Bibiliya ituremesha ‘kuguma dusenga,’ ‘gushishikara gusenga’ no ‘gusenga ubudahengeshanya.’ (Matayo 26:41; Abaroma 12:12; 1 Abatesalonika 5:17) Yehova yama yiteguriye kutwumviriza. Turashobora kumukengurukira imisi yose kubera urukundo rwiwe n’ukuntu atanga atitangiriye itama. Turashobora no kumusaba ngo atuyobore, aduhe inkomezi yongere aduhumurize. Nimba duha agaciro vy’ukuri iteka twatewe ryo gutura isengesho, ntituzogisha akaryo na kamwe ko kuganira na Yehova.

15. Kubera iki dukwiye kuvuga “amen” isengesho rirangiye?

15 Kubera iki dukwiye kuvuga “amen” isengesho rirangiye? Ijambo “amen” risobanura “nta gukeka” canke “bibe gutyo.” Ni uburyo bwo kwerekana ko twemera ivyo twavuze mw’isengesho. (Zaburi 41:13) Bibiliya irerekana kandi ko ari vyiza kuvuga “amen,” haba ku mutima canke n’ijwi ryumvikana, ku mpera y’isengesho rituwe mu bantu benshi kugira twerekane ko dushigikiye ivyavuzwe.1 Ngoma 16:36; 1 Abakorinto 14:16.

INGENE IMANA YISHURA AMASENGESHO

16. Yehova yoba vy’ukuri yishura amasengesho yacu? Sigura.

16 Yehova yoba vy’ukuri yishura amasengesho yacu? Ego cane. Bibiliya ivuga ko Yehova “[yu]mva amasengesho.” (Zaburi 65:2) Yehova arumviriza amasengesho y’abantu amamiliyoni bamusenga ata buryarya kandi akayishura mu buryo butandukanye.

17. Yehova akoresha gute abamarayika n’abasavyi biwe bo kw’isi mu kwishura amasengesho yacu?

17 Yehova arakoresha abamarayika n’abasavyi biwe bo kw’isi mu kwishura amasengesho yacu. (Abaheburayo 1:13, 14) Hariho abantu benshi basenze basaba uwobafasha gutahura Bibiliya, budakeye na kabiri bagaca bagenderwa n’Icabona ca Yehova. Bibiliya irerekana ko abamarayika bagira uruhara mu gutangaza “inkuru nziza” kw’isi yose. (Soma Ivyahishuwe 14:6.) Vyongeye, benshi muri twebwe barasenze Yehova bamutura ingorane kanaka canke ikintu kanaka bakeneye, maze bararonka imfashanyo ivuye ku wo basangiye ukwizera.Imigani 12:25; Yakobo 2:16.

Yehova arashobora kwishura amasengesho yacu biciye ku bo dusangiye ukwizera

18. Yehova akoresha gute impwemu nyeranda na Bibiliya mu kwishura amasengesho yacu?

18 Yehova arakoresha impwemu yiwe nyeranda mu kwishura amasengesho yacu. Igihe dusavye Yehova ngo adufashe kwihanganira ingorane, yoshobora gukoresha impwemu nyeranda mu kuduha ubuyobozi n’inkomezi. (2 Abakorinto 4:7) Yehova kandi arakoresha Bibiliya mu kwishura amasengesho yacu no mu kudufasha gufata ingingo nziza. Igihe dusomye Bibiliya turashobora kubona ivyanditswe vyodufasha. Vyongeye, Yehova yoshobora gutuma umuntu ariko arishura ku makoraniro ashikiriza iciyumviro gihuye n’ivyo dukeneye canke agatuma umukurambere adusomera icanditswe kiremesha.Abagalatiya 6:1.

19. Kubera iki vyoshika tukiyumvira ko Yehova atishuye amasengesho yacu?

19 Ariko ntiwumve, vyoshika tukibaza duti: ‘Kubera iki Yehova atarishura amasengesho yanje?’ Uribuka ko azi igihe kibereye co kwishura amasengesho yacu n’uburyo bwiza bwo kuyishura. Arazi ivyo dukeneye. Vyoshobora gukenerwa ko tubandanya gusenga kugira twerekane ko ata gufyina kurimwo be n’uko tumwizera vy’ukuri. (Luka 11:5-10) Hari igihe Yehova yishura amasengesho yacu mu buryo tutari twiteze. Nk’akarorero, twoshobora kumusaba ngo adukize ingorane kanaka, ariko aho kuyidukiza akaduha inkomezi zo kuyihanganira.Soma Abafilipi 4:13.

20. Kubera iki dukwiye gusenga Yehova kenshi?

20 Emwe, gutura isengesho Yehova ni iteka rikomeye! Turashobora guhera amazinda ko atwumviriza. (Zaburi 145:18) Kandi uko turushiriza gusenga Yehova tubikuye ku mutima, ni ko ubucuti dufitaniye na we burushiriza gukomera.