Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 19

Nugume wiyegereje Yehova

Nugume wiyegereje Yehova

1, 2. Twohungira hehe muri iki gihe?

DUFATE ko uriko uragenda mw’ibarabara. Ugiye ubona ijuru ryije, imiravyo itanguye kurabagiza, imituragaro na yo iti twatanzwe. Imvura itanguye kugwa. Uciye utangura kurondera aho wugama. Ese ingene wokwiruhutsa uronse ahantu heza wugama!

2 Muri iki gihe, ivyacu vyifashe nk’ukwo nyene. Ivyo mw’isi bitera vyunyuka. Woshobora kwibaza uti: ‘Nohungira hehe?’ Umwanditsi wa Zaburi yagize ati: “Nzobwira Yehova nti: ‘Uri ubuhungiro bwanje n’igihome canje gikomeye, Imana yanje nzokwizigira.’” (Zaburi 91:2) Ego cane, Yehova arashobora kudukingira muri iyi si yuzuyemwo ingorane, kandi araduha icizigiro ciza cane ca kazoza.

3. Twokora iki kugira ngo Yehova atubere ubuhungiro?

3 Yehova adukingira gute? Arashobora kudufasha kwihanganira ingorane iyo ari yo yose dufise, kandi arakomeye cane kurusha uwo wese yorondera kutugirira nabi. Naho twoshikirwa n’ivyago ubu, turazi neza ko Yehova azobikuraho. Turakeneye kuguma twiyegereje Yehova kugira adufashe mu bihe bigoye. Bibiliya ituremesha iti: “Mwigumize mu rukundo rw’Imana.” (Yuda 21) None twobigira gute?

NIWEREKE YEHOVA KO UMUKUNDA

4, 5. Yehova yatweretse gute ko adukunda?

4 Kugira tugume twiyegereje Yehova, turakeneye gutahura ukuntu adukunda cane. Iyumvire ibintu vyose Yehova yadukoreye. Yaraduhaye isi nziza cane iriko ibiterwa n’ibikoko biteye igomwe. Yaraduhaye kandi imfungurwa ziryoshe hamwe n’amazi meza yo kunywa. Biciye kuri Bibiliya, Yehova yaratwigishije izina ryiwe hamwe n’ukuntu ameze. N’igihambaye kuruta, yaratweretse urukundo rwiwe mu kurungika kw’isi Yezu, Umwana wiwe akunda cane, kugira aducungure. (Yohani 3:16) Iyo ncungu iratuma tugira icizigiro ca kazoza.

5 Yehova yarashinze Ubwami buyobowe na Mesiya. Ubwo Bwami ni intwaro yo mw’ijuru yimirije gukuraho imibabaro yose. Buzohindura isi iparadizo, aho umuntu wese azobaho mu mahoro n’umunezero ibihe bidahera. (Zaburi 37:29) Yehova kandi yaratweretse ko adukunda mu kutwigisha ukuntu twobaho neza muri iki gihe. Vyongeye, aradutera akamo ngo tumusenge, kandi yama yiteguriye kwumviriza amasengesho yacu. Emwe, Yehova yarerekanye neza ko akunda umwe wese muri twebwe.

6. Ko Yehova agukunda, na we ukwiye gukora iki?

6 None ko Yehova agukunda, ukwiye gukora iki? Numwereke ko ukenguruka ibintu vyose yagukoreye. Ikibabaje, abantu benshi muri iki gihe ni intashima. Ni ko vyari bimeze n’igihe Yezu yari kw’isi. Igihe kimwe, Yezu yarakijije abanyamibembe cumi, ariko umwe gusa ni we yamukengurukiye. (Luka 17:12-17) Twipfuza kumera nk’uwo muntu yakengurukiye Yezu. Turakwiye kwama dukengurukira Yehova.

7. Dukwiye gukunda Yehova gute?

7 Turakeneye kandi kwereka Yehova ko tumukunda. Yezu yabwiye abigishwa biwe ko bategerezwa gukunda Yehova n’umutima wabo wose, n’ubuzima bwabo bwose be n’umuzirikanyi wabo wose. (Soma Matayo 22:37.) None ivyo bisigura iki?

8, 9. Twokwereka Yehova gute ko tumukunda?

8 Kuvuga gusa ko dukunda Yehova vyoba bihagije? Habe namba. Nimba dukunda Yehova n’umutima wacu wose, n’ubuzima bwacu bwose be n’umuzirikanyi wacu wose, tuzovyerekana mu bikorwa. (Matayo 7:16-20) Bibiliya irerekana neza ko nimba dukunda Imana, dukwiye kwubahiriza amabwirizwa yayo. None ivyo vyoba bigoye? Ntibigoye, kuko ‘amabwirizwa ya Yehova atari umuzigo.’Soma 1 Yohani 5:3.

9 Kugamburukira Yehova biratuma tugira ubuzima buhimbaye kandi bumara akanyota. (Yesaya 48:17, 18) None ni ibiki bizodufasha kuguma twiyegereje Yehova? Reka tubirabe.

NUBANDANYE KWIYEGEREZA YEHOVA

10. Kubera iki ukwiye kuguma wiga ivyerekeye Yehova?

10 Vyagenze gute ngo ube umugenzi wa Yehova? Biciye ku kwiga Bibiliya, wararushirije kumenya Yehova kandi urakomeza ubucuti mufitaniye. Ubwo bucuti bumeze nk’umucanwa. Nka kurya nyene umucanwa ukeneye inkwi kugira ugume ururumba, ni ko na wewe ukeneye kuguma wiga ivyerekeye Yehova kugira ubucuti mufitaniye bugume bukomeye.Imigani 2:1-5.

Nka kurya kw’umucanwa, urukundo ukunda Yehova rurakeneye inkwi kugira rugume rururumba

11. Kwiga Bibiliya bizotuma wumva umerewe gute?

11 Uko uzobandanya kwiga Bibiliya, uzobona ibintu bigukora ku mutima vy’ukuri. Raba ukuntu babiri mu bigishwa ba Yezu bumvise bamerewe igihe yariko arabasigurira ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Bavuze bati: “Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba igihe yariko avugana natwe ku nzira, igihe yariko adusigurira Ivyanditswe?”Luka 24:32.

12, 13. (a) Ni igiki cohava gishikira urukundo dukunda Imana? (b) Ni gute twotuma urukundo dukunda Yehova ruguma rukomeye?

12 Abo bigishwa barakozwe ku mutima no kuba batahuye Ivyanditswe. Nawe ushobora kuba ari ko wumvise umerewe igihe watangura gutahura Bibiliya. Ivyo vyaragufashije kumenya Yehova no kumukunda. Ntureke ngo urwo rukundo rugabanuke.Matayo 24:12.

13 Umaze kuba umugenzi w’Imana, uba ukeneye kwihata kugira ubucuti mufitaniye bugume bukomeye. Utegerezwa kubandanya wiga ibimwerekeye n’ivyerekeye Yezu kandi ukabizirikanako. Utegerezwa kandi kuraba ukuntu wobishira mu ngiro mu buzima bwawe. (Yohani 17:3) Igihe usoma Bibiliya canke igihe uyiga, niwibaze uti: ‘Ibi binyigisha iki ku vyerekeye Yehova Imana? Kubera iki nkwiye kumukunda n’umutima wanje wose n’ubuzima bwanje bwose?’1 Timoteyo 4:15.

14. Isengesho ridufasha gute kuguma dukunda Yehova?

14 Umugenzi mwiza muraganira kenshi. Ivyo biratuma ubugenzi mufitaniye buguma bukomeye. Muri ubwo buryo nyene, igihe twama tuganira na Yehova mw’isengesho, biratuma urukundo tumukunda ruguma rukomeye. (Soma 1 Abatesalonika 5:17.) Isengesho ni ingabire nziza Dawe wa twese wo mw’ijuru yaduhaye. Turakwiye kwama tumuyagira tubikuye ku mutima. (Zaburi 62:8) Ntidukwiye kuza turasubiramwo amasengesho twafashe ku mutwe, ahubwo dukwiye kumubwira ibivuye ku mutima. Emwe, nitwabandanya kwiga Bibiliya no gusenga tubikuye ku mutima, urukundo dukunda Yehova ruzoguma rukomeye.

KUBWIRA ABANDI IVYEREKEYE YEHOVA

15, 16. Ubona gute igikorwa co kuvuga inkuru nziza?

15 Kugira tugume twiyegereje Yehova, turakeneye kandi kubwira abandi ivyo twizera. Kubwira abandi ivyerekeye Yehova ni iteka ridasanzwe. (Luka 1:74) Kandi iryo ni ibanga Yezu yajeje abakirisu b’ukuri bose. Twese turakwiye kuvuga inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Woba waratanguye kubigira?Matayo 24:14; 28:19, 20.

16 Intumwa Paulo yabona ko igikorwa co kuvuga inkuru nziza cari ic’agaciro; yavuze ko ari “itunga.” (2 Abakorinto 4:7) Kubwira abandi ivyerekeye Yehova n’umugambi wiwe ni co gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose wokora. Uba uriko urakorera Yehova, kandi araha agaciro ivyo umukorera. (Abaheburayo 6:10) Vyongeye, kuvuga inkuru nziza birashobora kukugirira akamaro wewe hamwe n’abakwumviriza. Igihe ubabwira inkuru nziza, uba uriko urabafasha wongera wifasha kwiyegereza Yehova no kuronka ubuzima budahera. (Soma 1 Abakorinto 15:58.) Hoba hariho ikindi gikorwa cotuma wumva ushize akanyota nk’ico?

17. Kubera iki igikorwa co kuvuga inkuru nziza cihutirwa?

17 Igikorwa co kuvuga inkuru nziza kirihutirwa cane. Turakwiye ‘kwamamaza rya jambo’ kandi ‘tukavyihatira.’ (2 Timoteyo 4:2) Abantu barakeneye kwumva ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Bibiliya ivuga iti: “Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi. Uri hafi, kandi urihuta cane.” Iherezo ‘ntirizocererwa.’ (Zefaniya 1:14; Habakuki 2:3) Vuba Yehova agiye gukuraho iyi si mbi ya Shetani. Imbere y’uko ivyo biba, abantu barakeneye kuburirwa kugira bashobore guhitamwo gukorera Yehova.

18. Kubera iki dukwiye gusenga Yehova twifatanije n’abandi?

18 Yehova ashaka ko tumusenga twifatanije n’abandi bakirisu b’ukuri. Bibiliya ivuga iti: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza.” (Abaheburayo 10:24, 25) Turakwiye kwigora tukitaba amakoraniro yose. Amakoraniro araduha akaryo ko kuremeshanya no gukomezanya.

19. Ni igiki codufasha gukunda abavukanyi bacu?

19 Ku makoraniro uzoharonkera abagenzi beza bagushigikira mu gusenga Yehova. Uzohahurira n’abavukanyi batandukanye bihata ngo basenge Yehova nk’uko nawe ubigira. Na bo nyene ntibatunganye kandi barakora amakosa cokimwe nawe. Nibagukorera ikosa, ntugonanwe kubaharira. (Soma Abakolosayi 3:13.) Urama wibanda ku vyiza biri mu bavukanyi bawe, kuko ivyo bizogufasha kubakunda no kurushiriza kwiyegereza Yehova.

UBUZIMA NYAKURI

20, 21. “Ubuzima nyakuri” ni iki?

20 Yehova ashaka ko abagenzi biwe bose bagira ubuzima bwiza cane. Bibiliya irerekana ko muri kazoza ubuzima bwacu buzoba butandukanye cane n’ukuntu tubayeho ubu.

Yehova ashaka ko uronka “ubuzima nyakuri.” Woba uzoburonka?

21 Muri kazoza tuzobaho ibihe bidahera, atari imyaka 70 canke 80 gusa. Tuzobaho ‘ibihe bidahera’ mw’iparadizo y’akaroruhore, dufise amagara meza, amahoro n’agahimbare. Ico ni co Bibiliya yita “ubuzima nyakuri.” Yehova asezerana kuduha ubuzima nyakuri, ariko dutegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ‘tubucakire’.1 Timoteyo 6:12, 19.

22. (a) ‘Twocakira ubuzima nyakuri’ gute? (b) Kubera iki tudashobora guca ubuzima budahera?

22 None ‘twocakira ubuzima nyakuri’ gute? Dutegerezwa “gukora ivyiza” no “kuba abatunzi mu bikorwa vyiza.” (1 Timoteyo 6:18) Ivyo bisobanura ko dukwiye gushira mu ngiro ivyo twiga muri Bibiliya. Ariko rero, ubuzima nyakuri ntitubukesha ivyo tuba twaranguye. Ntidushobora kwigera duca ubuzima budahera. Ni ingabire Yehova aha abasavyi biwe b’abizigirwa, ikimenyetso c’“ubuntu ata wari abukwiriye” atugirira. (Abaroma 5:15) Data wa twese wo mw’ijuru aripfuza vy’ukuri guha iyo ngabire abasavyi biwe b’intahemuka.

23. Kubera iki ukeneye kugira amahitamwo meza muri iki gihe?

23 Niwibaze uti: ‘Noba ndiko ndasenga Imana mu buryo yemera?’ Ubonye ko hari ivyo ukeneye guhindura, nubigire udatebaganye. Yehova aratubera ubuhungiro igihe tumwihetseko kandi tugakora ibishoboka vyose ngo tumugamburukire. Azozigama abasavyi biwe b’intahemuka muri iyi misi ya nyuma y’ino si mbi ya Shetani. Tuzoca twibera mw’iparadizo ibihe bidahera nk’uko yabisezeranye. Ego cane, ugize amahitamwo meza muri iki gihe, urashobora kuronka ubuzima nyakuri!