Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 6

Nonanira gute agakuku?

Nonanira gute agakuku?

IGITUMA BIHAMBAYE

Kutajana n’agakuku bituma uyobora ubuzima bwawe aho kugendera ku bandi.

WARI GUKORA IKI?

Iyumvire iki kintu: Abanyeshure babiri bigana na Brian bariko baraza bamugana. Amaganya aciye amwuzura inda kuko muri iyi ndwi nyene bamaze kugerageza kumuha itabi kabiri kose. Ubu rizoba ari irya gatatu.

Uwa mbere amubwiye ati:

“N’ubu uri wenyene? Reka nguhe umugenzi.”

Ijambo “umugenzi” arivuga amuvunira urugohe, agaca akora mu mupfuko akamuha ikintu.

Brian asanze ari itabi. Noneho aciye yumva mu nda vyanse.

Brian amubwira ati: “Naramaze kukubwira ko . . . ”

Uwa kabiri aciye amuciramwo ati: “Ubwo ni ubwoba gusa?”

Brian ararya umutima amenyo akishura ati: “Nta bwoba mfise!”

Uwo muhungu aca afata Brian ku rutugu akamubwira n’ijwi ritoyi ati: “Akira rero.”

Wa muhungu wa mbere aca yegereza Brian rya tabi, akamwongorera ati: “Nta we tuzobibwira, nta wuzobimenya.”

Iyaba wari Brian, wari gukora iki?

BANZA UZIRIKANE!

Abo bahungu babiri boba barazirikanye bitonze imbere yo gufata ingingo yo kunywa itabi? Uwokubesha! Ahanini usanga bakurikiye agakuku. Kubera baba bashaka ko abandi babashima, baca bakora nk’ivyo na bo bakora.

Hamwe woshikirwa n’ikintu nk’ico, wokora iki kugira unanire agakuku, ntugwe mu mutego abandi baguyemwo?

  1. NUBONE KURE

    Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha, mugabo abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakabwirizwa kwibonerako.”​—Imigani 22:3.

    Kenshi urashobora kubona ingorane imbere y’igihe. Nk’akarorero, dufate ko ubonye nka hariya abanyeshure mwigana bariko baranywa itabi. Ubaye uriyumvira imbere y’igihe ingorane ishobora gushika, woshobora guhangana na yo.

  2. NUZIRIKANE

    Bibiliya ivuga iti: “Mugire ijwi ryo mu mutima ryiza.”​—1 Petero 3:16.

    Niwibaze uti: ‘Hamwe nojana n’agakuku, mu nyuma nokwiyumva gute?’ Ni ivy’ukuri ko muri uwo mwanya bishobora gutuma abagenzi bawe batagucishamwo ijisho. Ariko mu nyuma uzokwumva umerewe gute? Woba wokwemera guhemuka kugira gusa unezereze abo mwigana?​—Kuvayo 23:2.

  3. NUFATE INGINGO

    Bibiliya ivuga iti: ‘Umuntu w’inkerebutsi ariyubara.’​—Imigani 14:16.

    Mu buzima dutegerezwa gufata ingingo kandi tukemera ingaruka zazo. Bibiliya iravuga abantu bafashe ingingo nziza, nka Yozefu, Yobu na Yezu. Iravuga n’abafashe ingingo mbi, nka Kayini, Esawu na Yuda. Weho uzofata izimeze gute?

Bibiliya ivuga iti: “Ukorane ubwizigirwa.” (Zaburi 37:3) Umaze kuzirikana ingaruka z’ingingo kanaka ukiyumvira n’ico wokora, gutomora aho uhagaze ushobora gusanga vyoroshe kuruta uko wavyibaza kandi bikavamwo ivyiza vyinshi.

Ntugire ubwoba, si ngombwa ngo wirirwe urahogora. Kuvuga gusa OYA ariko ushikamye birashobora kuba bihagije. Canke kugira ubakurire inkoni ku gishitsi, woshobora kubabwira uti:

  • “Aho sindimwo!”

  • “Ibintu nk’ivyo sindabikora!”

  • “Unzi inusu!”

Igihambaye ni ukwishura udatebaganye kandi ata gufyina. Niwabigenza gutyo, ntuzomenya iyo banyikiye.

BAGUTWENZE

Ujanye n’agakuku, uba ubaye nk’agapupe abandi bakinisha uko bishakiye

Wokora iki hamwe abo mu runganwe rwawe bogutwenga? Dufate ko bakubwiye bati: “Nta vyawe, uratinya?” Nuce umenya ko bashaka ko umera nka bo. Wovyifatamwo gute? Hariho n’imiburiburi ibintu bibiri wokora.

  • Kwemera ivyo bavuze. (“Muvuze ukuri, ndatinya!” Nuce ubabwira muri make igituma.)

  • Kubibahindukirizako. Nubabwire igituma wanse uce ubafasha kuzirikana. (“Sinari nzi ko umuntu nkawe yonywa itabi!”)

Babandanije kugutwenga, nuce wikurira meza! Uribuka ko uko uhateba ari ko ibintu bikomera. Uciye wigira uba werekanye ko udashaka ko abandi baguhindura.

Tuvugishije ukuri, abakwosha nabi ntushobora kubirinda buhere. Ariko urashobora guhitamwo ico wokora, ukababwira aho uhagaze kandi ukifatira ibintu mu minwe. Iyo bija hose, ni wewe wihitiramwo!​—Yosuwa 24:15.